Kamerune: Umwamamaji ariko arabwira inkuru nziza umuntu asoroma icayi
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Woba wemera ko nimba Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, ata kintu na kimwe coshobora kuyizimanganya?
Icanditswe: Yes 40:8
Ivyo wovuga: Uru rukurikirane rw’ibiganiro ruratwiganira ukuntu Bibiliya yarokotse mu buryo butangaje.
UMUNARA W’INDERETSI (inyuma ku gipfukisho)
Ikibazo: Nagomba kwumva ico wiyumvira kuri iki kibazo. [Soma ikibazo ca mbere kiri ku rupapuro rwa 16.] Hari abiyumvira ko idini yazanywe n’abantu, abandi bakavuga ko Imana ikoresha idini kugira ifashe abantu kuyiyegereza. Wewe ubivugako iki?
Icanditswe: Yak 1:27, Bibiliya Yera.
Ivyo wovuga: Iki kiganiro kirasigura n’ibindi Bibiliya ivuga kuri ico kibazo. Noshima kuzogaruka tuyage ivyiyumviro bimwebimwe vyo muri ico kiganiro.
INKURU NZIZA IVA KU MANA
Ikibazo: Hari benshi babona ko ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye, bisa n’ivyo twama twumva mu makuru. Muri ibi bintu vyari vyaravuzwe, ni ibihe umaze kubona canke kwumva?
Icanditswe: 2Tm 3:1-5
Ivyo wovuga: Aka gatabu karasigura igituma ivyo bintu ari inkuru nziza ku bakunda Imana. [Nufatire ku cigwa ca 1, ikibazo ca 2.]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.