Bashiki bacu bo muri Madagaskari bariko batanga agatabu Inkuru nziza
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Ubwo kw’isi ntihaba hameze neza iyo umuntu wese aba akurikiza aya majambo?
Icanditswe: Heb 13:18
Ivyo wovuga: Bibiliya ituremesha kwigenza mu buryo bugororotse. Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu ivyo bihambaye mu mice yose y’ubuzima bwacu.
UMUNARA W’INDERETSI (inyuma ku gipfukisho)
Ikibazo: Iki kibazo wocishura gute? [Soma ikibazo ca mbere.] Abantu bamwe bavuga ko iyo umuntu apfuye adapfa ngo ahere, abandi na bo bakavuga ko umuntu apfuye atazosubira kubaho. Wewe uvyibazako iki?
Icanditswe: Ums 9:5
Ivyo wovuga: Iki kiganiro kirasigura vyinshi ku bijanye n’ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo. Ubona gute ugisomye cose? Iki kindi kibazo twoshobora kukiganirako ikindi gihe.
INKURU NZIZA IVA KU MANA
Ivyo wovuga: Nari nciye ngaha kukubwira ibijanye n’ukuntu twigisha abantu Bibiliya ku buntu. Aka gatabu karakwereka ingene woronka inyishu z’ibibazo bihambaye muri Bibiliya yawe.
Ikibazo: Woba umaze gusoma Bibiliya? Ehe raba ingene ivyigwa biri muri aka gatabu vyoroshe. [Nimuganire ku kibazo ca 1 mu cigwa ca 2.]
Icanditswe: Ivy 4:11
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.