UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 25-28
Gira umutima rugabo nka Yeremiya
Yeremiya yavuze yuko Yeruzalemu yosanganguwe nka Shilo
Isandugu y’isezerano, iyagereranya ukuhaba kwa Yehova, yarigeze kuba i Shilo
Yehova yararetse Abafilisitiya barayifata kandi ntiyigeze igaruka i Shilo
Abaherezi, abahanuzi n’abanyagihugu bose, baciye bahigira kwica Yeremiya
Abantu barafashe Yeremiya kubera yari yavuze ko Yeruzalemu n’urusengero bizosangangurwa
Yeremiya ntiyahiye coba ngo atane n’akabando
Yehova yarakingiye Yeremiya
Yeremiya yagumye afise umutima rugabo kandi Yehova ntiyamuhevye
Imana yarungitse umusavyi wayo w’umutima rugabo yitwa Ahikamu ngo akingire Yeremiya
Kubera ko Yeremiya yakingiwe na Yehova kandi akamuremesha, yarashoboye kumara imyaka 40 avuga ubutumwa naho butaryohera benshi