Kwamamaza inzu ku nzu mu Butaliyano
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Urupfu rwoba rwari mu nteguro y’Imana?
Icanditswe: Ivy 21:4
Ivyo wovuga: Uwu Munara w’Inderetsi uraca irya n’ino ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Kubera iki hari imibabaro myinshi?
Icanditswe: 1Yh 5:19
Iciyumviro: Shetani ni we atwara isi.
INGENE DUFASHA ABANTU KWIGA BIBILIYA
Ivyo wovuga: Ivyabona vya Yehova barigisha abantu Bibiliya ku buntu bakabafasha kuronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: Kubera iki hari imibabaro myinshi? Tworonka gute agahimbare mu rugo? Aka kavidewo kagufi karerekana ingene twigisha abantu Bibiliya. [Mwereke akavidewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya.] Turashobora kuganira kuri aka gatabu. [Mwereke kamwe mu dutabu tuyoboramwo inyigisho, bishobotse umwereke n’ingene bigenda.]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.