Izinga rya Tuvalu: Ariko aratanga agapapuro k’inkuru nziza kavuga ivy’izuka
Ingene twotanguza ibiyago
BE MASO!
Ikibazo: Kubera iki bihambaye ko twitegurira ivyago?
Icanditswe: Img 27:12
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru kirerekana ivyo twokora imbere y’uko icago caduka, cashitse n’inyuma yaco.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Twerekana gute ko dukunda Imana?
Icanditswe: 1Yh 5:3
Iciyumviro: Twerekana ko dukunda Imana mu kwubaha amategeko yayo.
ABAPFUYE BOBA VY’UKURI BASHOBORA KWONGERA KUBAHO? (T-35)
Ikibazo: Abantu benshi hirya no hino kw’isi, barakunda kugira ibintu kanaka ku bwo kwibuka ababo bapfuye. Hoba hari icizigiro c’uko tuzosubira kubona abacu bapfuye?
Icanditswe: Ivk 24:15
Ivyo wovuga: Aka gapapuro k’inkuru nziza karerekana ico icizigiro c’izuka cokumarira. [Nimba bishoboka mwereke akavidewo kavuga ngo Abapfuye boba bazosubira kubaho?]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.