ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Ruhuhuma rup. 4
  • “Tera iteka so na nyoko”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Tera iteka so na nyoko”
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Dutere Iteka Abavyeyi Bacu Bageze mu Zabukuru
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • ‘Gutera iteka so na nyoko’ bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nidutere Iteka Abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Ruhuhuma rup. 4

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Tera iteka so na nyoko”

Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarashimitse kw’itegeko rigira riti: “Tera iteka so na nyoko.” (Kv 20:12; Mt 15:4) Nta gukeka ko Yezu yari afise umwidegemvyo wo kubivuga kuko mu buto bwiwe ‘yaguma ayobokera’ abavyeyi biwe. (Lk 2:51) Amaze gukura, yaritwararitse ivy’uko niyamara gupfa, hagira uwusigara aritwararika nyina wiwe.​—Yoh 19:26, 27.

No muri iki gihe, abakiri bato bagamburukira abavyeyi babo kandi bakabavugisha n’urupfasoni, baba berekanye ko babatera iteka. Tuvugishije ukuri, itegeko ryo kwubaha abavyeyi bacu ntiryigera rita igihe. N’igihe baba bamaze gusaza, dutegerezwa kuguma tubatera iteka mu kwumviriza impanuro baduha. (Img 23:22) Turatera iteka kandi abavyeyi bacu bageze mu zabukuru mu kwitwararika inyiyumvo zabo kandi tukabafasha mu vy’ubutunzi igihe bikenewe. (1Tm 5:8) Twaba dukuze canke tukiri bato, kuguma tuyaga n’abavyeyi bacu ni ikintu gihambaye cerekana ko tubatera iteka.

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NOYAGISHA GUTE ABAVYEYI BANJE? MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Kubera iki vyoshobora kukugora kuyaga n’abavyeyi bawe?

  • Wokwerekana gute ko ubatera iteka igihe ubayagisha?

    Umuhungu ariko arandikira agakete abavyeyi biwe, ariko arayaga n’abavyeyi biwe, ariko arakinana umupira na se wiwe
  • Kubera iki bihambaye ko uyaga n’abavyeyi bawe? (Img 15:22)

    Abavyeyi bariko bafasha umuhungu wabo kumenya ingene azovyifatamwo mu ngorane zomushikira

    Kuyaga n’abavyeyi bawe birashobora gutuma uroranirwa mu buzima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika