ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Ruheshi rup. 7
  • Hitamwo neza uburyo bwo kwisamaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hitamwo neza uburyo bwo kwisamaza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Nuhitemwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene twohitamwo uburyo bwo kwinezereza
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ingene wohitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Niwihebere Yehova wenyene gusa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Ruheshi rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Hitamwo neza uburyo bwo kwisamaza

Kubera iki dukwiye guhitamwo neza ingene twisamaza? Kubera ko igihe duhisemwo isinema turaba, umuziki twumviriza, urubuga ngurukanabumenyi tujako, igitabu dusoma, canke agakino dukina k’ubuhinga bwa none, tuba duhisemwo ivyo tugaburira umuzirikanyi wacu. Ivyo duhitamwo biragira ingaruka ku nyifato yacu. Ikibabaje, ni uko uburyo bwo kwisamaza bwinshi muri iki gihe burimwo ibintu Yehova yanka. (Zb 11:5; Gl 5:19-21) Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza kubandanya twiyumvira ibintu bitera iteka Yehova.​—Fp 4:8.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NI UKWISAMAZA NYABAKI NKWIYE GUHITAMWO? MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Inkino z’ukurwana mu Buroma

    Ni mu buryo ki inkino z’ukurwana mu Buroma bwa kera zifitaniye isano n’ukwisamaza kwo muri iki gihe?

  • Umuvukanyi w’umutsimvyi ariko aramamaza ari kumwe n’umuvukanyi akiri muto wo mw’ishengero ryabo

    Abagize ishengero bofasha gute abakiri bato guhitamwo neza uburyo bwo kwisamaza?

  • Umusoda

    Ibivugwa mu Baroma 12:9 vyodufasha gute guhitamwo neza uburyo twisamaza?

  • Ivyabona bakiri bato bariko barakina umupira w’amaguru

    Ni uburyo bwiza ubuhe bwo kwisamaza buboneka aho iwanyu?

IYUMVIRE IVYO NAWE WOKORA

Uburyo bwo kwisamaza abantu benshi bahurumbira muri iki gihe, bubahimiriza gusa kuraba canke gusoma ivyo abandi bakora, aho kwiyumvira ivyo na bo bokora. Amasinema, ibitabo, be n’ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ivyo abandi batunganije, atari ivyo wewe watunganije. Naho kwisamaza uraba ivyo abandi batunganije atari bibi, benshi basanze kwitunganiriza ikintu kanaka co kwisamaza bibagirira akamaro kuruta. Nk’akarorero, hari abakunda kuvuza igicurarangisho kanaka canke gucapa. Abandi na bo usanga bakunda kuja muri siporo, kugendagenda n’amaguru, kuja ku kiyaga, canke ibindi. Ico twohitamwo cose, nimuze “[d]ukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”​—1Kr 10:31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika