UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 PETERO 3-5
“Iherezo ry’ibintu vyose riregereje”
Tugiye gushikirwa n’amakuba akomeye, atigeze kubaho kw’isi. None twoshobora gute kuguma dukomeye mu vy’impwemu ubu no mu gihe kiri imbere?
Nusenge udahorereza, ukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho
Nukunde cane abavukanyi na bashiki bacu, urushirize kubiyegereza
Nube umwakiranyi
NIWIBAZE UTI: ‘Ni mu mice iyihe nokwerekana ko nkunda cane abavukanyi turi kumwe be n’abo hirya no hino kw’isi, nkongera nkabagaragariza ubwakiranyi?’