UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ijambo ry’Imana uriha agaciro ukungana iki?
Bibiliya irimwo ivyiyumviro n’amajambo vya Yehova Imana, we Sôko ry’ico gitabu ceranda. (2Pt 1:20, 21) Irashimika ku kwemezwa kw’ubusegaba bw’Imana biciye ku Bwami bwayo, gutyo ikaba ihaye abantu bose icizigiro c’uko vuba ubuzima bugiye kuba bwiza. Vyongeye, Bibiliya irahishura kamere ziranga urukundo z’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova.—Zb 86:15.
Imvo zituma duha agaciro Ijambo rya Yehova usanga zitandukanye. Ariko none twoba twerekana ko duha agaciro iyo ngabire idasanzwe, mu kuyisoma buri musi no mu guca dushira mu ngiro ivyo twiga? Ese ibikorwa vyacu vyokwerekana ko tubona ibintu nk’umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe!”—Zb 119:97.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BARAHAYE AGACIRO BIBILIYA—AGACE K’IVIDEWO (WILLIAM TYNDALE), MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Kubera iki William Tyndale yashize mu congereza ibice bimwe vya Bibiliya?
Kubera iki utwo twigoro twiwe twari utudasanzwe?
Amakopi ya Bibiliya ya Tyndale yinjijwe gute mu kinyegero mu Bwongereza?
Umwe wese muri twebwe yokwerekana gute ko aha agaciro Ijambo ry’Imana?