ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Gitugutu rup. 7
  • Ijambo ry’Imana uriha agaciro ukungana iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijambo ry’Imana uriha agaciro ukungana iki?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Barahaye agaciro Bibiliya—Agace ka videwo (William Tyndale)
    Ibindi biganiro
  • Ivyogufasha
    Be maso!—2020
  • Barahaye agaciro Bibiliya
    Ibindi biganiro
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Wagenewe kudufasha no gufasha abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Gitugutu rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ijambo ry’Imana uriha agaciro ukungana iki?

Bibiliya irimwo ivyiyumviro n’amajambo vya Yehova Imana, we Sôko ry’ico gitabu ceranda. (2Pt 1:20, 21) Irashimika ku kwemezwa kw’ubusegaba bw’Imana biciye ku Bwami bwayo, gutyo ikaba ihaye abantu bose icizigiro c’uko vuba ubuzima bugiye kuba bwiza. Vyongeye, Bibiliya irahishura kamere ziranga urukundo z’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova.​—Zb 86:15.

Imvo zituma duha agaciro Ijambo rya Yehova usanga zitandukanye. Ariko none twoba twerekana ko duha agaciro iyo ngabire idasanzwe, mu kuyisoma buri musi no mu guca dushira mu ngiro ivyo twiga? Ese ibikorwa vyacu vyokwerekana ko tubona ibintu nk’umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe!”​—Zb 119:97.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BARAHAYE AGACIRO BIBILIYA​—AGACE K’IVIDEWO (WILLIAM TYNDALE), MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • William Tyndale; William Tyndale mw’icapuriro ryiwe; ikopi y’Isezerano rishasha Tyndale yacapurishije ubwa mbere

    Kubera iki William Tyndale yashize mu congereza ibice bimwe vya Bibiliya?

  • Kubera iki utwo twigoro twiwe twari utudasanzwe?

  • Amakopi ya Bibiliya ya Tyndale yinjijwe gute mu kinyegero mu Bwongereza?

  • Umwe wese muri twebwe yokwerekana gute ko aha agaciro Ijambo ry’Imana?

IVYO KUZIRIKANAKO: Ni mu buryo ki Ijambo ry’Imana ari . . .

  • itara be n’umuco?​—Zb 119:105

  • amazi?​—Ef 5:26

  • inkota?​—Ef 6:17

  • icirore?​—Yak 1:23-25

NUSOME IJAMBO RY’IMANA BURI MUSI

Urutonde rwo gusoma Bibiliya

Woba waragerageje gukoresha Urutonde rwo gusoma Bibiliya ruboneka kuri jw.org? Wuguruye PDF y’urwo rutonde ugafyonda ku canditswe ushaka gusoma, bica bikujana muri Bibiliya kuri jw.org. Nimba Bibiliya yanyu yarafashwe amajwi, woshobora no guca wumviririza ico gisomwa kuri jw.org.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika