UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAHISHUWE 20-22
“Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”
Yehova asezerana kugira ibintu vyose bishasha.
“Ijuru rishasha”: Ni intwaro nshasha izotuma kw’isi harangwa ubugororotsi
“Isi nshasha”: Ni ikibano c’abantu bayobokera ubutegetsi bw’Imana kandi bakabaho bisunga ingingo ngenderwako zigororotse
‘Ibintu vyose bizoba bishasha’: Imibabaro yose yadushikiye ku mubiri, mu bwenge no mu mutima izosubirirwa n’ibintu biteye umunezero tuzoza turabona ku musi ku musi