ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Nyakanga rup. 3
  • Niwirinde gukwiragiza inkuru z’ibinyoma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwirinde gukwiragiza inkuru z’ibinyoma
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Guma Ushira mu Ngiro Ivyo Wize
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba ufise amakuru yose?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Uragaba ku Ngeramizi z’Ikoreshwa ry’Ubuhinga bwa Internet!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Nyakanga rup. 3

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwirinde gukwiragiza inkuru z’ibinyoma

Umugore ababajwe cane n’ivyo abonye mw’itelefone yiwe igihe ariko arasuma.

Muri iki gihe, amakuru arashobora gukwiragira mu bantu amamiliyoni mu kanya isase biciye mu bintu vyacapuwe, kw’iradiyo, kuri televiziyo no kuri Internet. Abasenga ya “Mana y’inyakuri” ntibipfuza gukwiragiza amakuru y’ikinyoma, n’igihe nyene vyoba batabishaka. (Zb 31:5; Kv 23:1) Iyo amakuru y’ikinyoma ashikiriye abandi bantu birashobora guteza akaga gakomeye. Kugira umenye nimba inkuru kanaka ari iy’ukuri, niwibaze uti:

  • ‘Isôko ryayo ryoba ari iryo kwizigirwa?’ Uwatanze iyo nkuru yoshobora kuba atazi amakuru yose. Igihe inkuru yagiye irahanahanwa mu bantu benshi, ntibura guhinduka. Urakwiye rero kuba maso igihe uba utazi isôko nyaryo ry’iyo nkuru. Kubera ko amakuru atanzwe n’abavukanyi bafise amabanga mw’ishengero usanga yizigirwa, barakwiye kwiyubara cane imbere yo gutanga amakuru baba batarasuzuma neza

  • ‘Ayo makuru yoba atubaka?’ Nimba ayo makuru acafuza umuntu canke umurwi w’abantu, vyoba vyiza tutayakwiragije.​—Img 18:8; Fp 4:8

  • ‘Iyo nkuru yoba irimwo ukurenza urugero?’ Uriyubara cane igihe wumvise inkuru canke ibintu birimwo ugushikuza

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO INGENE NOKWIRINDA URUSAKU? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Umuhungu aboshwe amaboko n’amaguru hakaba hari inkota zimukikuje zije kumusogota.

    Twisunze Imigani 12:18, amajambo ashobora guteza akaga akahe?

  • Akagwi k’abantu bariko bavuga urusaku.

    Mu Bafilipi 2:4 hadufasha gute gukorana ubukerebutsi igihe tuvuga ivyerekeye abandi?

  • Umugabo ahaye umugongo uwundi mugabo ariko amubwira urusaku.

    Dukwiye gukora iki igihe ikiyago gicitse uguhemana canke ukunebagura abandi?

  • Umugabo ariko avuga urusaku mu gihe uwundi mugabo yambaye nk’umumenyeshamakuru aguma yandika.

    Imbere yo gutangura kuvuga abandi, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika