UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwirinde gukwiragiza inkuru z’ibinyoma
Muri iki gihe, amakuru arashobora gukwiragira mu bantu amamiliyoni mu kanya isase biciye mu bintu vyacapuwe, kw’iradiyo, kuri televiziyo no kuri Internet. Abasenga ya “Mana y’inyakuri” ntibipfuza gukwiragiza amakuru y’ikinyoma, n’igihe nyene vyoba batabishaka. (Zb 31:5; Kv 23:1) Iyo amakuru y’ikinyoma ashikiriye abandi bantu birashobora guteza akaga gakomeye. Kugira umenye nimba inkuru kanaka ari iy’ukuri, niwibaze uti:
‘Isôko ryayo ryoba ari iryo kwizigirwa?’ Uwatanze iyo nkuru yoshobora kuba atazi amakuru yose. Igihe inkuru yagiye irahanahanwa mu bantu benshi, ntibura guhinduka. Urakwiye rero kuba maso igihe uba utazi isôko nyaryo ry’iyo nkuru. Kubera ko amakuru atanzwe n’abavukanyi bafise amabanga mw’ishengero usanga yizigirwa, barakwiye kwiyubara cane imbere yo gutanga amakuru baba batarasuzuma neza
‘Ayo makuru yoba atubaka?’ Nimba ayo makuru acafuza umuntu canke umurwi w’abantu, vyoba vyiza tutayakwiragije.—Img 18:8; Fp 4:8
‘Iyo nkuru yoba irimwo ukurenza urugero?’ Uriyubara cane igihe wumvise inkuru canke ibintu birimwo ugushikuza
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO INGENE NOKWIRINDA URUSAKU? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Twisunze Imigani 12:18, amajambo ashobora guteza akaga akahe?
Mu Bafilipi 2:4 hadufasha gute gukorana ubukerebutsi igihe tuvuga ivyerekeye abandi?
Dukwiye gukora iki igihe ikiyago gicitse uguhemana canke ukunebagura abandi?
Imbere yo gutangura kuvuga abandi, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?