ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Nyakanga rup. 3
  • Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Ingene Wokwiyigisha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Ivyogufasha
    Be maso!—2020
  • Ingene wokoresha urubuga jw.org
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Wagenewe kudufasha no gufasha abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Nyakanga rup. 3

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose

Ijambo ry’Imana riraturonsa ibikenewe vyose kugira dushobore kwihanganira ibigeragezo bidushikira muri iyi misi ya nyuma igoye. (2Tm 3:1, 16, 17) Ariko rero, vyoshika tugakenera icodufasha kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihuye n’ikintu kanaka. Nk’akarorero, woba uri umuvyeyi ukaba ukeneye impanuro z’ingene worera abana bawe? Woba uri umuyabaga uriko urashikirwa n’ibintu bigerageza ukwizera kwawe? Woba uri umupfakazi canke umupfakare utuntujwe no kubura uwo mwari mwubakanye? Kuri jw.org urashobora kuhasanga amakuru yogufasha kuronka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zogufasha mu bihe nk’ivyo no mu bindi vyinshi.​—Img 2:3-6.

Urubuga rwa jw.org muri tablete. Berekana igice kivuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA.

Uri ku ntango kuri jw.org, fyonda kuri INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA. (Raba ifoto ya 1.) Mu bica biza munsi, nuhitemwo umuce wipfuza. Canke ufyonde kuri IVYASOHOWE > IBIZA BIRASOHOKA uce uhitamwo umuce wipfuza. (Raba ifoto ya 2.) Imice nk’iyo nyene urashobora kuyisanga no kuri JW Library®.a Ivyo biganiro urabisanga aho ari ho hose muri aho. Urashobora kandi kurondera kuri jw.org ikiganiro wipfuza uciye ahavuga ngo Rondera.

Urubuga rwa jw.org muri tablete. Berekana igice kivuga ngo IVYASOHOWE n’umuce uvuga ngo IBIZA BIRASOHOKA.

Niwandike ivyiyumviro bikurikira ahavuga ngo Rondera, uca ubona ibiganiro woshima gusoma.

  • Kurera abana

  • Akabonge mu miyabaga

  • Kubura uwo mwubakanye

a Ku mice imwimwe, kuri jw.org honyene ni ho usanga ibiganiro vyose vyasohowe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika