ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w22 Ruhuhuma rup. 31
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ivyo bijanye
  • Ntiyirengagiza aho ubushobozi bwacu bugera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Dushikane ibimazi bihimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
w22 Ruhuhuma rup. 31

Wari Ubizi?

Kubera iki vyari vyiza kubona Yehova yaremerera Abisirayeli gutanga amashikanwa y’intunguru canke y’inuma?

MU GIHE c’Itegeko rya Musa, Yehova yaremerera Abisirayeli gutanga amashikanwa y’intunguru canke y’inuma. Mu mategeko yagenga ibimazi, ubwo bwoko bubiri bw’inyoni bwama buvugwa buri kumwe, kandi bumwe bwarashobora gusubirira ubundi. (Lew. 1:14; 12:8; 14:30) Kubera iki none ivyo vyari vyiza? Kimwe coco, ni uko intunguru zitakunda kuboneka. Uti kubera iki?

Intunguru

Intunguru ni inyoni zikunda kwimukanga. Mu gihe c’ici, usanga ziboneka mu duce twose tw’igihugu ca Isirayeli. Muri Gitugutu, zica ziva muri Isirayeli zikamanuka mu bihugu bishushe, zikagaruka muri Isirayeli mu gihe c’impeshi. (Ind. 2:11, 12; Yer. 8:7) Ivyo bisobanura ko muri Isirayeli ya kera, vyari bigoye ko Abisirayeli baronka intunguru zo gutangako ikimazi mu gihe c’urushana.

Inuma yo mu bitandara

Ariko inuma zozo muri rusangi ntizimukanga, akaba ari co gituma zaboneka muri Isirayeli mu kiringo cose c’umwaka. N’ikindi kandi, inuma barashobora kuzitunga. (Gereranya na Yohani 2:14, 16.) Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ibiterwa be n’ibitungwa vyo muri Bibiliya (Bible Plants and Animals), kivuga ko “mu bisagara no mu bigwati vyose vyo muri Palestina, abantu batunga inuma. Buri muhana wari ufise akazu k’inuma, canke igitoboro cimvye mu ruhome, aho izo nyoni zashobora kuba.”​—Gereranya na Yesaya 60:8.

Inuma iri mu kazu kayo

Kuba rero Yehova yaremerera Abisirayeli gutanga ibimazi vy’inyoni bashobora kuronka bitagoranye mu kiringo cose c’umwaka, vyarerekana ko ari umunyarukundo be n’uko akora ibitegereka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika