ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/4 rup. 17-20
  • Dushikane ibimazi bihimbara Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dushikane ibimazi bihimbara Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amashikanwa n’ibimazi bijanye n’ugusenga kw’ukuri
  • “Ikintu ntābageze”
  • Inkuka y’incungu ya Kristu Yezu
  • Ibimazi n’amashikanwa vyo mu buryo bw’impwemu
  • Igira kuri vya bintu vy’ishimikiro vyerekeye ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ibimazi vy’Ugushemeza Bihimbara Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibimazi Vyahimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/4 rup. 17-20

Dushikane ibimazi bihimbara Imana

“UBUZIMA bwavuye mu rupfu. Ivyo ni vyo Abaziteki bemera, bano bakaba baratanga abantu kw’ibimazi ku rugero rutari bwigere rubaho mu karere ko muri Amerika yo Hagati”. Ukwo ni ko igitabu kimwe (The Mighty Aztecs) kivuga. Ico gitabu congerako giti: “Uko inganji [yabo] yarushiriza kwaguka, amaraso yonyene kandi menshi ni yo yatuma iyo nganji irushiriza kwizigirwa”. Ikindi gitabu na co cerekana yuko Abaziteki batanga abantu bashika 20.000 kw’ibimazi buri mwaka.

Kuva kera na rindi, abantu barashikanira ibimana vyabo ibimazi bitandukanye babitumwe n’ubwoba, ugukekeranya, ukwiyagiriza canke intuntu. Yamara rero, Bibiliya yerekana yuko hariho ibimazi Imana mushoboravyose Yehova yashinze ko bitangwa. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ni ibimazi ibihe bihimbara Imana? N’ikindi kandi, amashikanwa n’ibimazi vyoba bikwiye kuba biri mu bigize ugusenga muri iki gihe?’.

Amashikanwa n’ibimazi bijanye n’ugusenga kw’ukuri

Igihe Abisirayeli baba ihanga, Yehova yarabahaye amategeko atomoye ajanye n’ukuntu yashaka ko bamusenga, muri yo hakaba harimwo ayerekeye amashikanwa n’ibimazi (Guharūra, ikigabane ca 28 n’ica 29). Amwamwe muri ayo mashikanwa yari agizwe n’ivyimburwa; ayandi na yo yari agizwe n’ibimazi vy’ibitungwa nk’ibimasa, intama, impene, inuma be n’intunguru (Abalewi 1:3, 5, 10, 14; 23:10-18; Guharūra 15:1-7; 28:7). Hariho amashikanwa yo kwoswa, ayo na yo akaba yategerezwa guturirwa yose mu murimo (Kuvayo 29:38-42). Hariho kandi ibimazi vy’ishimwe, bene kubishikanira Imana bakaba barabifungurako.​—Abalewi 19:5-8.

Mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, amashikanwa yose n’ibimazi vyose vyashikanirwa Imana vyari mu bigize ukuyisenga, bikerekana kandi ko bene kubitanga bemera icese ko ari yo Segaba w’ibiriho vyose. Biciye kuri ivyo bimazi, Abisirayeli baragaragaza ko bakengurukira Yehova kubera yaba yabahezagiye akanabakingira, bakongera bagaharirwa ivyaha vyabo. Magingo bogumye ari intahemuka mu gukurikiza ivyo Yehova yabasaba mu bijanye n’ugusenga, bohezagiwe cane.​—Imigani 3:9, 10.

Yehova yabona ko ikintu gihambaye kuruta ibindi ari agatima abashikana ibimazi baba bafise. Yehova, abicishije ku muhanuzi wiwe Hoseya, yavuze ati: “Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe” (Hoseya 6:6). Ku bw’ivyo, igihe abantu baba bateye akagere ugusenga kw’ukuri maze bagakora ivy’isoni nke bakongera bagasesa amaraso y’abantu ata co bazira, ibimazi bashikanira Yehova ku gicaniro ciwe nta co vyaba bimaze. Ni co gituma, Yehova abicishije kuri Yesaya, yabwiye iryo hanga rya Isirayeli ati: “Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? . . . Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’imyagazi y’intama n’ay’amasuguru y’impene”.​—Yesaya 1:11.

“Ikintu ntābageze”

Abisirayeli bari batandukanye cane n’Abanyakanani batanga abana babo kw’ibimazi bashikanira ibimana vyabo, muri ivyo bimana hakaba harimwo ikimana c’Abamoni citwa Moleki, icitwa kandi Milikomu canke Moloki (1 Abami 11:5, 7, 33; Ivyakozwe n’intumwa 7:43). Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya (Halley’s Bible Handbook) kivuga giti: “Abanyakanani mu gusenga baja mu vy’ubushegabo bwa birori vy’idini, imbere y’ibimana vyabo; hanyuma bakaja mu vy’ukwica abana babo b’imfura bwa kimazi bashikanira ivyo bimana nyene”.

Ivyo bintu bakora, vyoba vyarahimbara Yehova Imana? Ihibambewe! Abisirayeli, bari hafi yo kwinjira mu gihugu c’i Kanani, Yehova yarabahaye itegeko dusanga mu Balewi 20:2, 3, rigira riti: “Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’abure kwicwa; abo mur’ico gihugu baze bamwicishe amabuye. Nanje nzohoza igitsūre kur’uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera”.

Naho ata woruha avyiyumvira, Abisirayeli bamwebamwe bahevye ugusenga kw’ukuri barakurikiye uwo mugenzo w’abadayimoni wo gutanga abana babo kw’ibimazi bashikanira imana z’ikinyoma. Ku bijanye n’ivyo, muri Zaburi 106:35-38 hagira hati: “Bivangavanga n’amahanga, biga ingeso zayo. Baba abasavyi b’ibigirwamana vyayo, bibahindukira umutego. Mbere batanga kw ibimazi abahungu babo n’abakobga babo babaha abadayimoni, bavisha amaraso y’aberanda, ni yo maraso y’abahungu babo n’ay’abakobga babo, abo batanze kw ibimazi babaha ibigirwamana vy’i Kanani, igihugu gihumanywa n’amaraso”.

Yehova, mu guserura ukuntu yanka urunuka uwo mugenzo, abicishije ku muhanuzi wiwe Yeremiya, yavuze ku vyerekeye Abayuda ati: “Bashize ibintu vyabo vy’ubuyobe mu ngoro yitirirwa izina ryanje, ngo bayihumanye. Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje”.​—Yeremiya 7:30, 31.

Kubera yuko ihanga rya Isirayeli ryari risigaye rija muri mwene iyo migenzo isesemye, amaherezo Imana ntiyabaye ikiritonesha. Umurwa mukuru waryo, ari wo Yeruzalemu, wahavuye usangangurwa, abantu baho na bo batwarwa inyagano i Babiloni (Yeremiya 7:32-34). Uca ubona rero ko uwo mugenzo wo gutanga abantu kw’ibimazi udakomoka ku Mana y’ukuri be n’uko utari mu bigize ugusenga gutyoroye. Ugutanga abantu kw’ibimazi uko ari kwo kwose kuva ku madayimoni, akaba ari co gituma abasenga Imana b’ukuri baguma bitandukanije n’ikintu ico ari co cose gifitaniye isano n’umugenzo mwene uwo.

Inkuka y’incungu ya Kristu Yezu

Ariko rero, hari abobaza bati: ‘Ni kubera iki none Ivyagezwe Yehova yahaye Abisirayeli vyabasaba gutanga ibimazi vy’ibitungwa?’. Intumwa Paulo yaraciye irya n’ino ico kibazo maze atanga iyi nyishu: “Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’isezerano. . . . Uko ni kw ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kristo” (Ab’i Galatiya 3:19-24). Ibimazi vy’ibitungwa vyasabwa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa vyagereranya ikimazi gihambaye kubiruta Yehova Imana yotanze ku bw’abantu, ico na co kikaba ari Umwana wiwe Yezu Kristu. Ku bijanye n’ico kintu kiranga urukundo, Yezu yavuze ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira”.​—Yohana 3:16.

Yezu abitumwe n’urukundo yakunda Imana n’abantu, yaremeye gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bube incungu y’uruvyaro rwa Adamu (Abaroma 5:12, 15). Yavuze ati: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi” (Matayo 20:28). Nta wundi muntu n’umwe kw’isi yari gushobora gucungura abantu ngo abakure mu ngoyi z’icaha n’urupfu bari bashizwemwo na Adamu (Zaburi 49:7, 8). Ni co gituma Paulo yasiguye ko ‘amaraso y’impene canke ay’amashuri, atari yo yashikanye Yezu ahera cane, ariko ko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkera ugucungura kw’ibihe bidashira’ (Abaheburayo 9:12). Mu kwemera ikimazi c’amaraso ya Yezu, Imana yari ‘ihanaguye icete catwagiriza’. Ivyo bisobanura ko Yehova yari akuyeho isezerano ry’Ivyagezwe, hamwe n’amashikanwa n’ibimazi ryasaba, gutyo aba atanze ‘ingabire y’ubuzima budashira’.​—Ab’i Kolosayi 2:14; Abaroma 6:23.

Ibimazi n’amashikanwa vyo mu buryo bw’impwemu

Ko ibimazi vy’ibitungwa be n’amashikanwa bitakiri mu bigize ugusenga kw’ukuri, nta bindi bimazi none twoba dusabwa gutanga muri iki gihe? Ego cane, birahari. Yezu Kristu yabayeho yitanga mu murimo yaranguriye Imana, amaherezo aranatanga ubuzima bwiwe ku bw’abantu. Ku bw’ivyo, yavuze ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma abandanye,” NW] ankurikir[a]” (Matayo 16:24). Ivyo bisobanura yuko umuntu wese yipfuza kuba umuyoboke wa Yezu hariho ibimazi ategerezwa gutanga. Uti ivyo bimazi ni ibihe?

Kimwe coco, umuyoboke wa Kristu w’ukuri ntaba akibaho ku bwiwe ariko abaho akora ivyo Imana igomba. Ivyo Imana igomba ni vyo ashira mu kibanza ca mbere. Raba ukuntu intumwa Paulo yabisiguye. Yavuze ati: “Bene Data, ndabahanūra kubg’imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose”.​—Abaroma 12:1, 2.

Ikindi na co, Bibiliya irerekana yuko amajambo yo gushemeza tuvuga ashobora kubonwa nk’ibimazi dushikanira Yehova. Umuhanuzi Hoseya yarakoresheje imvugo ngo “ibimazi vy’iminwa yacu” ashaka kwerekana ko amashemezo y’iminwa yacu Imana iyabona ko ari bimwe mu bimazi vyiza cane kuruta ibindi (Hoseya 14:2). Intumwa Paulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo ati: “[Muhe] Imana ikimazi co gukenguruka [m]ubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo” (Abaheburayo 13:15). Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova baguma bafise vyinshi bakora mu kwamamaza inkuru nziza no mu guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa (Matayo 24:14; 28:19, 20). Bariko baratanga ibimazi vyo gushemeza Imana kw’isi yose ku murango no mw’ijoro.​—Ivyahishuriwe 7:15.

Cokimwe n’ukwamamaza, gukorera abandi ivyiza na vyo nyene biri mu bimazi bihimbara Imana. Paulo yavuze ati: “Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana” (Abaheburayo 13:16). Rero, kugira ngo ibimazi vyo gushemeza bihimbare Imana, bisaba ko ababitanga baba bigenza neza. Paulo yahanuye ati: “Ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo”.​—Ab’i Filipi 1:27; Yesaya 52:11.

Nk’uko vyari biri kera, ibimazi vyose bitangwa ku bw’ugushigikira ugusenga kw’ukuri bituma umuntu agira umunezero mwinshi akongera agahezagirwa na Yehova. Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dutange ibimazi bihimbara Imana vy’ukuri.

[Ifoto ku rup. 18]

‘Abahungu babo n’abakobwa babo babatanze kw’ibimazi babaha ibigirwamana vy’i Kanani’

[Amafoto ku rup. 20]

Igihe abakirisu b’ukuri bamamaza inkuru nziza be n’igihe bafasha abandi mu bundi buryo butandukanye, baba bariko batanga ibimazi bihimbara Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika