Ibimazi Vyahimbara Imana
“Umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana [“ingabire,” “NW”] no gucumita ibimazi.”—ABAHEBURAYO 8:3.
1. Abantu ni kuki bumva bakeneye guhindukirira Imana?
“GUTANGA ibimazi gisa n’ikintu gisanzwe ku muntu nka kurya kw’ugusenga; ukwo gutanga ibimazi kwerekana ukuntu yiyumva ku bimwerekeye, ukwo gusenga na kwo kukerekana ukuntu yiyumvira Imana,” ukwo ni ko umutohozakahise w’ivya Bibiliya Alfred Edersheim yandika. Kuva igihe icaha cinjira mw’isi, cazanye umubabaro w’ukwiyagiriza, w’ugutandukana n’Imana be n’uw’ukutagira ico umuntu ashoboye. Ukuremururwa izo nyiyumvo kurakenewe. Biroroshe gutahura yuko igihe abantu bihebuye gutyo, bumva bakeneye guhindukirira Imana kugira ngo ibafashe.—Abaroma 5:12.
2. Ni inkuru iyihe yerekeye amashikanwa yo mu bihe vya kare yashikaniwe Imana dusanga muri Bibiliya?
2 Inkuru ya mbere yo muri Bibiliya yerekeye amashikanwa yahawe Imana ni iyijanye na Kayini be na Abeli. Dusoma duti: “Igihe kiragera, Kayini azana ishikanwa ku vyeze mu ndimiro, ngw abishikanire Uhoraho. Abeli na we azana mu ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo.” (Itanguriro 4:3, 4) Ubukurikira, tubona yuko Nowa, uwazigamwe n’Imana akarokoka Umwuzure uhambaye wasanganguye iyaruka ry’ababisha ryo mu misi yiwe, yavyuriwe umutima wo ‘gutangira ku gicaniro ibimazi vyo kwoswa’ ashikaniye Yehova. (Itanguriro 8:20) Ibihe bitari bike, umusavyi w’Imana w’intahemuka akaba n’umukunzi wiwe Aburahamu, abitumwe n’imihango y’Imana be n’imihezagiro yayo, ‘yarubatse igicaniro maze yambaza izina rya Yehova.’ (Itanguriro 12:8; 13:3, 4, 18) Mu nyuma, Aburahamu yarahuye n’ikigeragezo gihambaye kuruta c’ukwizera kwiwe igihe yabwirwa na Yehova gutanga umwana wiwe Isaka kw’ikimazi co kwoswa. (Itanguriro 22:1-14) Izo nkuru, naho ari ngufingufi, ziratuma turushiriza gutahura ikibazo cerekeye ikimazi nk’uko tuza kubibona.
3. Ibimazi bifise uruhara uruhe mu gusenga?
3 Dufatiye kuri izo nkuru hamwe n’izindi zo muri Bibiliya, biraboneka yuko gushikana ikimazi kinaka cari igihimba nyamukuru mu vy’ugusenga, igihe kirekire imbere y’uko Yehova atanga amategeko atomoye ku biraba ivyo. Mu buryo bujanye n’ubwo, igitabu kimwe gisobanura ko “ikimazi” ari “ibirori vy’idini, aho haba ikintu gishikanirwa imana kugira ngo ubucuti bwiza hagati y’uwo muntu n’ico kintu ceranda bwungwe, buzigamwe canke bunagurwe.” Mugabo ivyo bica bivyura ibibazo bimwebimwe bihambaye bikwiriye ko turimbura twitonze, nk’ibi ngo: Ni kuki ikimazi gikenewe mu gusenga? Ni ibimazi bwoko ki vyemerwa ku Mana? Kandi ibimazi vya kera bifise insobanuro iyihe kuri twebwe muri iki gihe?
Ni Kuki Ikimazi Gikenewe?
4. Habaye ingaruka iyihe kuri Adamu na Eva igihe bacumura?
4 Igihe Adamu yacumura, yabigize n’ibigirankana. Mu kwakira no mu gufungura icamwa kivuye ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi cari igikorwa c’ukugambarara agize n’impaka. Igihano c’ico gikorwa c’ukugambarara cari urupfu, nk’uko Imana yari yarabivuze mu buryo butomoye iti: “Umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.” (Itanguriro 2:17) Adamu na Eva amaherezo bimbuye ingero y’icaha—ni ukuvuga ko bahonye.—Itanguriro 3:19; 5:3-5.
5. Ni kuki Yehova yagize ico yibwiriza ku bw’ineza y’uruvyaro rwa Adamu, kandi ni igiki Imana yagize ku bwarwo?
5 Ariko, bite ho ku vyerekeye uruvyaro rwa Adamu? Kubera barazwe na Adamu icaha n’agasembwa, na bo baratandukanye n’Imana, baba abatagira rufasha kandi barapfa nka kurya nyene vyashikiye wa mugabo n’umugore ba mbere. (Abaroma 5:14) Ariko rero, Yehova ni Imana atari gusa iy’ubutungane n’ububasha mugabo kandi ni iy’urukundo, nkako ahanini ni inyarukundo. (1 Yohana 4:8, 16) Ni co gituma yibwirije gusanasana icononekaye. Bibiliya imaze kuvuga yuko “ingero y’icaha [ari] urupfu,” ibandanya kuvuga iti: “Arikw ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.”—Abaroma 6:23.
6. Yehova agomba iki ku biraba ivyononywe n’icaha ca Adamu?
6 Ico Yehova Imana mu nyuma yakoze kugira ngo atange iyo ngabirano kwari ugutanga ikintu corishe icatakajwe n’ukugabitanya kwa Adamu. Mu Giheburayo, ijambo ka·pharʹ ubwa mbere kumbure ryasobanura “gupfuka” canke kumbure “guhanagura,” vyongeye riranahindurwa “impongano.”a Mu yandi majambo, Yehova yaratanze uburyo bubereye bwo gupfuka icaha twarazwe na Adamu no guhanagura ukwononekara vyateye, kugira ngo abakwiza ibisabwa vyo kuronka iyo ngabirano bashobore kubohorwa igihano c’icaha n’urupfu.—Abaroma 8:21.
7. (a) Ni icizigiro ikihe catanzwe biciye ku rubanza Imana yaciriye Shetani? (b) Ni indishi iyihe yategerezwa gutangwa ku bw’ukubohorwa kw’abantu mu caha n’urupfu?
7 Icizigiro c’ukubohorwa ubuja bw’icaha n’urupfu carakikirijweko umugabo n’umugore ba mbere bakimara gucumura. Mu gukatira urubanza Shetani, uwagereranywa n’inzoka, Yehova yavuze ati: “Nzoshira inyakane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’[“urubuto,” NW] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:15) Biciye kuri ayo majambo y’ubuhanuzi, icizigiro caraserutse ku bokwizeye bose uwo muhango. Ariko rero, hariho indishi itegerezwa gutangwa ku bw’ukwo kubohorwa. Rwa Rubuto rwasezeranywe ntirwoje gusa ngo rusangangure Shetani; urwo Rubuto rutegerezwa gukomeretswa ku gitsintsiri, ni ukuvuga ko rwotegerejwe gupfa, naho ari akanya gato.
8. (a) Ni gute ivya Kayini ataco vyavuyemwo? (b) Ikimazi ca Abeli ni kuki cagaragaye ko cemewe mu nyonga z’Imana?
8 Nta gukeka ko Adamu na Eva bazirikanye cane ivy’ukugenekereza Urubuto rwasezeranywe. Igihe Eva yavyara umuhungu wiwe w’imfura, Kayini, yavuze ati: Ndonse umuhungu kubg’Uhoraho.” (Itanguriro 4:1) Yoba yiyumviriye yuko kumbure umuhungu wiwe yobaye ari we rwa Rubuto? Yaravyiyumviriye canke atavyiyumviriye, Kayini be n’ishikanwa ryiwe vyagaragaye ko ataco vyavuyemwo. Ku rundi ruhande, mwenewabo Abeli yagaragaje ukwizera umuhango w’Imana maze bituma bumwebumwe mu buriza bwo mu mukuku wiwe abushikanira Yehova kw’ikimazi. Dusoma duti: “Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’umugororotsi.”—Abaheburayo 11:4.
9. (a) Abeli yizeye iki, kandi yabiseruye gute? (b) Ishikanwa rya Abeli ryashikije iki?
9 Ukwizera kwa Abeli ntikwari gusa ukwizera ko Imana ibaho, ukwo na Kayini ategerezwa kuba yari afise. Abeli yari afise ukwizera umuhango w’Imana werekeye Urubuto ruzozana ubukiriro bw’abantu b’intahemuka. Ntiyahishuriwe ukuntu ivyo vyorangutse, mugabo umuhango w’Imana watumye Abeli amenya neza yuko hari umuntu yotegerejwe gukomeretswa ku gitsintsiri. Egome, bisa n’uko yashitse ku ciyumviro c’uko amaraso yotegerejwe guseseka—kikaba ari ca ciyumviro nyene c’inkuka. Abeli yashikaniye Soko ry’ubuzima ingabirano irimwo ubuzima n’amaraso, bigasa nk’uko cari ikimenyetso c’uko acambirwa cane kandi ahanze amaso iranguka ry’umuhango wa Yehova. Ukwo guserura ukwizera ni kwo kwatumye ikimazi ca Abeli gihimbara Yehova, kandi mu buryo bw’ikigereranyo, kwaseruye ikimazi ico ari co—ni ukuvuga uburyo abantu b’abanyavyaha bociyeko kugira bashobore kwegera Imana ngo batoneshwe na yo.—Itanguriro 4:4; Abaheburayo 11:1, 6.
10. Ni gute insobanuro y’ikimazi yatomowe neza na Yehova mu gusaba Aburahamu guhereza Isaka?
10 Insobanuro igera kure y’ikimazi yaratomowe mu buryo butangaje igihe Yehova yabwiriza Aburahamu gutanga umwana wiwe Isaka kw’ikimazi co kwoswa. Naho ico kimazi kitatanzwe butangwe, cabaye nk’ishusho y’ico Yehova ubwiwe yogize mu nyuma, ni ukuvuga gutanga Umwana wiwe w’ikinege bwa kimazi gihambaye kuruta ivyigeze gutangwa vyose kugira ngo ashitse ivyo agomba ku vyerekeye abantu. (Yohana 3:16) Akoresheje ibimazi n’amashikanwa vyo mu Vyagezwe vya Musa, Yehova yarashizeho ivyitegererezo menyeshakazoza kugira ngo yigishe abantu biwe yitoranirije ivyo bategerezwa gukora kugira ngo baharirwe ku bw’ivyaha vyabo bongere bakomeze icizigiro cabo c’ubukiriro. Dushobora kwigira iki kuri ivyo?
Ibimazi Vyemerwa na Yehova
11. Ni imigwi ibiri iyihe y’amashikanwa yatangwa n’umuherezi mukuru wa Isirayeli, kandi ku bw’iyihe ntumbero?
11 Intumwa Paulo ivuga iti: “Umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana [“ingabire,” NW] no gucumita ibimazi.” (Abaheburayo 8:3) Urabona yuko Paulo agabura ivyashikanwa n’umuherezi mukuru wo muri Isirayeli ya kera mu mice ibiri, ni ukuvuga “amashikanwa” n’“ibimazi,” canke ‘ibimazi vy’ivyaha.’ (Abaheburayo 5:1) Abantu muri rusangi batanga ingabire kugira ngo baserure urukundo be n’ugukenguruka bafise, hamwe no kugira batsimbataze ubugenzi, ubutoni, canke bemerwe. (Itanguriro 32:20; Imigani 18:16) Nk’ukwo nyene, menshi mu mashikanwa yasabwa mu Vyagezwe arashobora kubonwa nk’“ingabire” yaherezwa Imana mu kurondera kwemerwa no gutoneshwa na yo.b Ukurenga ku Vyagezwe kwasaba indishi, kandi kugira ngo iciru gitangwe, ‘ibimazi vy’ivyaha’ vyarashikanwa. Ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya, canecane igitabu co Kuvayo, Abalewi, no Guharūra, biravuga ibintu vyinshi vyerekeye ubwoko butandukanye bw’ibimazi n’amashikanwa. Naho bishobora kuba urugamba nya rugamba kuri twebwe kwiyinjizamwo no kwibuka ido n’ido ry’ibintu vyose, ibintu bimwebimwe nyamukuru vyerekeye ubwoko butandukanye bw’ibimazi birakenewe ko tuvyihweza.
12. Ni hehe muri Bibiliya dushobora gusanga incamake yerekeye ibimazi canke amashikanwa, vyo mu Vyagezwe?
12 Turashobora kubona yuko mu Balewi ikigabane ca 1 gushika ku c’7, ubwoko butanu nyamukuru bw’amashikanwa—ni ukuvuga ishikanwa ryo kwoswa, ishikanwa ry’ifu, ikimazi c’ishimwe, ishikanwa ryo gutangirwa ivyaha, be n’ishikanwa ry’impongano—adondorwa rimwerimwe ukwaryo, naho amwamwe muri yo mu vy’ukuri yatangirwa icarimwe. Turabona kandi yuko ayo mashikanwa adondorwa kabiri muri ivyo bigabane, ku bw’intumbero zitandukanye: ubwa mbere, mu Balewi 1:2 gushika ku 6:7, havuga ido n’ido ry’ivyategerezwa gutangwa ku gicaniro, maze ubugira kabiri, mu Balewi 6:8 gushika ku 7:36, herekana ibihimba vyagenerwa abaherezi be n’ivyazigamirwa nyene gutanga ikimazi. Maze mu Guharūra ikigabane ca 28 n’ica 29, tuhasanga igishobora kubonwa nk’ido n’ido ry’ingengabihe, ryerekana ivyategerezwa gushikanwa ku musi ku musi, ku ndwi ku ndwi, ku kwezi ku kwezi, be no ku misi mikuru yo ku mwaka ku mwaka.
13. Dondora amashikanwa yatangwa umuntu avyigombeye bwa ngabire ishikaniwe Imana.
13 Mu mashikanwa umuntu yatanga avyigombeye bwa ngabire canke bwa buryo bw’ukwegera Imana kugira ngo atoneshwe na yo, yari amashikanwa yo kwoswa, amashikanwa y’ifu, be n’amashikanwa y’ishimwe. Incabwenge zimwezimwe zibaza ko ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ishikanwa ryo kwoswa” risobanura “ishikanwa ry’iduga” canke “ishikanwa riduga.” Ivyo birabereye kubera mu gihe c’ishikanwa ryo kwoswa, igitungwa cakerewe caraturirwa ku gicaniro maze akamoto keza, gahimbaye, kakaduga amaja mw’ijuru ku Mana. Umuce wibonekeje werekeye ishikanwa ryo kwoswa wari uw’uko amaraso amaze kumijagirwa hirya no hino y’igicaniro, ico gitungwa caherezwa Imana cose uko cakabaye. Abaherezi bosereza “vyose ku gicaniro, [ngo] bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge u[m]otera neza [“Yehova,” NW].”—Abalewi 1:3, 4, 9; Itanguriro 8:21.
14. Ishikanwa ry’ifu ryatangwa gute?
14 Ishikanwa ry’ifu ridondorwa mu Balewi ikigabane ca 2. Ni ishikanwa umuntu yatanga avyishakiye rigizwe n’ifu igogoretse, kenshi na kenshi icumbanywe n’amavuta, yayishizeko n’imibavu. “[Umuherezi] akamat[a] urushi rumwe kur’iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; . . . aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge u[m]otera neza [“Yehova,” NW].” (Abalewi 2:2) Isenga yari kimwe mu birungo vy’umubavu mweranda waturirwa ku gicaniro boserezako imibavu mw’ihema no mu rusengero. (Kuvayo 30:34-36) Umwami Dawidi bigaragara ko ivyo yari abifise mu muzirikanyi igihe yavuga ati: “Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, n’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.”—Zaburi 141:2.
15. Ikimazi c’ishimwe cari gifise intumbero iyihe?
15 Irindi shikanwa umuntu yatanga avyishakiye cari ikimazi c’ishimwe, ikidondorwa mu Balewi ikigabane ca 3. Iryo zina rishobora guhindurwa kandi ngo “ikimazi c’amashikanwa y’amahoro.” Mu Giheburayo, ijambo “amahoro” ntirisobanura gusa ukutaba mu ntambara canke mu mudurumbanyo. Igitabu kimwe (Studies in the Mosaic Institutions) kivuga giti: “Muri Bibiliya, ivyo ni vyo risobanura, be n’ukugiranira n’Imana amahoro canke ubucuti burangwa amahoro, ugusagamba, umunezero, n’agahimbare. Gutyo, ibimazi vy’ishimwe ntivyashikanwa ku bw’ugukingira amahoro afitaniye n’Imana, nk’aho yoba iriko iratururuzwa, mugabo vyashikanwa ku bwo kugaragaza ugukenguruka canke kwigina amahoro abashimwa n’Imana bafitaniye na yo. Abaherezi na nyene gutanga ikimazi barafungura kuri ico kimazi amaraso n’ibinure bimaze gushikanirwa Yehova. (Abalewi 3:17; 7:16-21; 19:5-8) Mu buryo bwiza kandi bw’ikigereranyo, nyene gutanga ikimazi, abaherezi be na Yehova Imana baba bariko barasangira imfungurwa, ivyo bigasobanura ubucuti burangwa amahoro bafitaniye.
16. (a) Ishikanwa ritangirwa ivyaha be n’iy’impongano vyari bifise intumbero iyihe? (b) Ivyo vyari bitandukanye gute n’ishikanwa ryo kwoswa?
16 Ibimazi vyashikanwa mu kurondera guharirwa icaha canke guhongera ukurenga Ivyagezwe harimwo n’ishikanwa ry’icaha be n’ishikanwa ry’impongano. Naho ivyo bimazi na vyo nyene vyarimwo ukwosa ibintu ku gicaniro, vyari bitandukanye n’ishikanwa ryo kwoswa mu buryo bw’uko ico gitungwa cose uko cakabaye kitashikanirwa Imana, kiretse gusa ibinure n’ibihimba bimwebimwe vyaco. Ibihimba bisigaye vy’ico gitungwa vyaraherengeterezwa inyuma y’ikambi canke mu bihe binaka bigafugurwa n’abaherezi. Iryo tandukaniro riri n’ico rivuze. Ishikanwa ryo kwoswa ryashikirizwa bwa ngabire iherejwe Imana ngo bitume umuntu ashobora kuyegera, ari co gituma ryashikanirwa Imana gusa kandi ryose uko ringana. Igikwegera ni uko ishikanwa ryo kwoswa kenshi na kenshi ryatangurirwa n’ishikanwa ryo gutangirwa ivyaha canke ishikanwa ry’impongano, bikerekana yuko kugira ishikanwa ry’uwakoze icaha ryemerwe ku Mana, uguharirwa icaha kwari gukenewe.—Abalewi 8:14, 18; 9:2, 3; 16:3, 5.
17, 18. Ishikanwa ritangirwa ivyaha ryashiriweho iki, kandi ishikanwa ry’impongano ryari rifise intumbero iyihe?
17 Ishikanwa ritangirwa ivyaha ryemerwa gusa igihe umuntu atacumuye n’ibigirankana ku Vyagezwe, kikaba ari icaha cakozwe kubera intege nke z’umubiri. “Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo,” ico gihe uwakoze icaha yategerezwa gushikana ishikanwa ritangirwa ivyaha rihuye n’igiti canke ubukuru afise mu kibano. (Abalewi 4:2, 3, 22, 27) Ku rundi ruhande, abanyavyaha batigaya baricwa; nta kimazi bategekanirizwa.—Kuvayo 21:12-15; Abalewi 17:10; 20:2, 6, 10; Guharūra 15:30; Abaheburayo 2:2.
18 Insobanuro n’intumbero y’ishikanwa ry’impongano iratomorwa mu Balewi ikigabane ca 5 n’ica 6. Umuntu ashobora kuba yacumuye atabigize ibigirankana. Mugabo, ukugabitanya kwiwe gushobora kuba kwamukwegeye kwagirwa n’ukurengera uburenganzira bw’abandi bantu nka we canke bwa Yehova Imana, gutyo ico kibi categerezwa gutangirwa iciru canke ivyaco bigashirwa mu buryo. Imigwi nk’ingahe y’ivyaha irahavugwa. Bimwe vyari ivyaha vyagirwa n’abantu ukwabo (Lw 5:2-6), bimwe vyari ivyaha vy’ugucumura ku “bintu vyera [“vya Yehova,” NW]” (Lw 5:14-16), maze ibindi, naho ku rugero runaka vyaba vyakozwe nkana, vyari ivyaha vyava ku vyipfuzo bibi canke ku ntege nke z’umubiri (Lw 6:1-3). Ikigeretse ku kwemera icese ivyaha nk’ivyo, uwacumuye yasabwa gutanga indishi aho vyaba bikwiriye vyongeye maze agahereza Yehova ishikanwa ry’impongano.—Abalewi 6:4-7.
Ikintu Ciza Kuruta Kizoza
19. Naho Isirayeli yari ifise Ivyagezwe n’ibimazi vyavyo, ni kuki itashoboye gutoneshwa n’Imana?
19 Ivyagezwe vya Musa, ibirimwo ibimazi vyinshi n’amashikanwa menshi, vyahawe Abisirayeli kugira ngo bibashoboze kwegera Imana kugira baronke bongere bagumane ubutoni n’umuhezagiro wayo gushika ku muzo wa rwa Rubuto rwasezeranywe. Intumwa Paulo, Umuyuda w’imvukira, yabivuze muri ubu buryo: “Ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kristo, ngo dutsindanishirizwe n’ukwizera.” (Ab’i Galatiya 3:24) Ikibabaje, Isirayeli bwa hanga ntiyakiriye neza ubwo burezi mugabo yakoresheje nabi ako gateka. Ico vyavuyemwo ni uko ibimazi injojo vyabo vyacitse igisesema kuri Yehova, we yavuze ati: “Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’imyagazi y’intama n’ay’amasuguru y’impene.”—Yesaya 1:11.
20. Ni ibiki vyabaye mu 70 G.C. ku biraba Ivyagezwe n’ibimazi vyavyo?
20 Mu 70 G.C., urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda, harimwo n’urusengero rwabo be n’ubuherezi bwabo, vyararangiye. Inyuma y’ivyo, ibimazi vyo mu buryo bwashinzwe n’Ivyagezwe ntivyari bigishoboka. Ivyo vyoba bisobanura ko ibimazi, bwa muce nyamukuru w’Ivyagezwe, vyatakaje insobanuro yose ku basenga Imana muri iki gihe? Ivyo turaja kuvyihweza mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Igitabu Étude perspicace des Écritures, casohowe n’Ivyabona vya Yehova gisigura giti: “Nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, ijambo ‘impongano’ rifise iciyumviro c’ishimikiro co ‘gupfuka’ canke ‘gukaba,’ kandi ikintu gitanzwe mu gukaba n’ikindi canke kugira ‘kigipfuke’ gitegerezwa kuba gikwiranye na co. . . . Kugira ngo icatakajwe na Adamu gihongerwe mu buryo bukwiriye, hotegerejwe gutangwa ishikanwa ritangirwa icaha rifise agaciro kangana neza na neza n’ak’ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa.”
b Ijambo ry’Igiheburayo rikunda guhindurwa ngo “ishikanwa” ni qor·banʹ. Mu kuvuga ivyerekeye ukuntu Yezu yiyamirije ingeso imwe igayitse y’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo, Mariko yasiguye yuko “Korubani” risobanura ngo “ni co nzoshikanira Imana.”—Mariko 7:11.
Woshobora Gusigura?
• Ni igiki catuma abantu b’intahemuka bo mu bihe vya kera bashikanira ibimazi Yehova?
• Ni kuki ibimazi vyari bikenewe?
• Ni ubwoko nyamukuru ubuhe bw’ibimazi vyashikanwa mu gihe c’Ivyagezwe, kandi vyari bifise intumbero iyihe?
• Nk’uko Paulo yabivuze, Ivyagezwe be n’ibimazi vyavyo vyashikije intumbero nyamukuru iyihe?
[Ifoto ku rup. 8]
Ikimazi ca Abeli cari gihimbaye kubera cagaragaje ukwizera afitiye umuhango wa Yehova
[Ifoto ku rup. 9]
Woba utahura insobanuro y’ibi bintu ubona aha?