ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp23 no. 1 rup. 6-7
  • 1 | Gusenga​—“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 | Gusenga​—“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico bisobanura
  • Ingene bishobora kudufasha
  • Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
  • Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
wp23 no. 1 rup. 6-7
Umusore yihebuye ariko arasenga yifashe ku mutima.

1 | Gusenga​—“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo”

BIBILIYA IVUGA ITI: “Muterere amaganya yanyu yose ku [Mana], kuko ibababara.”​—1 PETERO 5:7.

Ico bisobanura

Yehova Imana adusaba kumubwira ikintu cose kiduhagaritse umutima. (Zaburi 55:22) Nta ngorane n’imwe tutoshira mw’isengesho, yaba nini canke ntoya. Ikituraje ishinga, na Yehova kiba kimuraje ishinga. Tumusenze tuba duteye intambwe ihambaye ituma turonka amahoro yo mu mutima.​—Abafilipi 4:6, 7.

Ingene bishobora kudufasha

Igihe dufise ingorane zo mu mutwe, twoshobora kwumva ko turi twenyene. Abandi ntibama batahura neza ivyo tuba turiko turacamwo. (Imigani 14:10) Ariko iyo twituye Imana tukayibwira ingene twiyumva, yama itwumviriza yitonze kandi ikadutahura. Yehova aratubona, arazi ingorane ziriko ziradushikira, akaba rero yipfuza ko tumusenga tukamubwira ikintu cose kituraje ishinga.​—2 Ngoma 6:29, 30.

Kwitura Yehova mw’isengesho biratuma turushiriza kwizigira ko atwitwararika. Turashobora kwiyumva nk’umwanditsi umwe w’amazaburi, uwasenze ati: “Wabonye amarushwa yanje; wamenye amagorwa y’umutima wanje.” (Zaburi 31:7) Kumenya gusa ko Yehova abona ivyo turiko turacamwo birashobora kudufasha kwihanganira ibihe bigoye turimwo. Ariko rero ntagarukira ku kubibona gusa. Aratahura kuruta uwo ari we wese ivyo turiko turacamwo akongera akadufasha kuronkera uruhoza n’indemesho muri Bibiliya.

Ingene Bibiliya iriko irafasha Julian

Ingene indwara yo guhagarika umutima ingirako ingaruka

Julian.

“Ndwaye indwara yo guhagarika umutima be n’iyituma mpungabana cane mu bwenge. Ivyo guhagarika umutima bimfata giturumbuka. Mu mwanya umwe usanga meze neza, mu wundi na ho ngahagarika umutima birenze ata mvo iboneka bivuyeko. Iyo ndi kumwe n’abandi ni ho canecane mpagarika umutima cane. Ndarazwa ishinga n’ukuntu banyiyumvira.

“Abazi ingorane mfise baranshigikira cane. Birashika bakavuga ibintu bitandemesha. Naho ari ukwo, ndakenguruka akigoro bagira kugira bamfashe.

“Rimwe na rimwe, ukwo guhagarika umutima be n’iyo ndwara impungabanya mu bwenge, biratuma gusenga bimbera urugamba. Bisaba akigoro gakomeye kugira ngo ntekane mu bwenge maze niture Yehova mw’isengesho. Ubwenge bwanje buguma buva kuri iki buja ku kindi, ku buryo akenshi mbura ico mfata n’ico ndeka. Iyo ubwenge butari hamwe, bica bingora kubwira Yehova uko numva merewe.”

Ingene Bibiliya imfasha

“Mfatiye ku vyo nize muri Bibiliya, narabonye ko atari ngombwa ngo amasengesho abe maremare canke ayahinyanyuye kugira ngo yemerwe n’Imana. Rimwe na rimwe, igihe ntashobora guserura ingene niyumva, nca nsenga gusa mvuga nti: ‘Yehova, ndakwinginze umfashe.’ N’ico gihe, ndabona ko Yehova antahura kandi akandonsa ivyo mba nkeneye muri uwo mwanya nyene. Uretse ugusenga, naragiye no kwivuza. Ndahimbarwa no kubona ingene ivyo bintu bibiri bimfasha kwumva ko merewe neza. Naho kwiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ngo amfashe bisaba akigoro, ndabikora kuko nzi ko yipfuza kumfasha.”

Icofasha abakiri bato

Ividewo “Nube umugenzi wa Yehova​—Senga igihe cose.”

Nurabe kuri jw.org igituma wokwizigira ko Yehova yumviriza amasengesho yawe akongera akayishura.

Raba ividewo ivuga ngo Nube umugenzi wa Yehova​—Senga igihe cose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika