ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp23 no. 1 rup. 8-9
  • 2 | “Uruhoza ruva mu Vyanditswe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 | “Uruhoza ruva mu Vyanditswe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico bisobanura
  • Ingene vyoshobora kudufasha
  • Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?
    Be maso!—2017
  • Wonyinyana gute n’ukwumva uvunitse umutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • 3 | Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Akabonge
    Be maso!—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
wp23 no. 1 rup. 8-9
Umutama ariko arazirikana ku vyo ariko arasoma muri Bibiliya.

2 | “Uruhoza ruva mu Vyanditswe”

BIBILIYA IVUGA ITI: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”​—ABAROMA 15:4.

Ico bisobanura

Bibiliya irimwo ivyiyumviro biremesha bishobora kuturonsa inkomezi n’ukwihangana igihe dufise ivyiyumviro bica intege. Vyongeye, Bibiliya iratwizeza ko vuba ata wuzosubira gutuntura.

Ingene vyoshobora kudufasha

Naho twese bishika tukiganyira, abafise akabonge canke abama bahagaritse umutima bobo boshobora kugumana umubabaro udahera. None Bibiliya yofasha gute?

  • Bibiliya irimwo ivyiyumviro vyinshi biremesha dushobora gusubiriza ivyiyumviro bica intege. (Abafilipi 4:8) Mu vy’ukuri, irashobora kudufasha kugira ivyiyumviro biremesha vyotuma dutekana mu mutima.​—Zaburi 94:18, 19.

  • Bibiliya irashobora kudufasha kwikuramwo iciyumviro c’uko ata co tumaze.​—Luka 12:6, 7.

  • Imirongo myinshi yo muri Bibiliya iradukura amazinda ko tutari twenyene, kandi ko Imana, ikaba n’Umuremyi wacu, idutahura neza.​—Zaburi 34:18; 1 Yohani 3:19, 20.

  • Bibiliya isezerana ko Imana izokuraho ibintu bibi vyose twibuka vyatubabaje. (Yesaya 65:17; Ivyahishuwe 21:4) Igihe rero dufise ivyiyumviro biduhungabanya, uwo muhango urashobora kuturonsa inkomezi zo kwihangana.

Ingene Bibiliya iriko irafasha Jessica

Ingene akabonge kangirako ingaruka

Jessica yariko asoma Bibiliya aca atwarwa n’agatiro.

“Igihe nari mfise imyaka 25, narahahamutse mu nyuma basanga ndwaye akabonge. Naribuka ibintu bibabaje vyambayeko muri kahise ngaca mererwa nabi cane. Abaganga baramfashije gutahura ko akabonge nari mfise kari kavuye ku bintu bihahamura naciyemwo mu buzima. Uretse ko nari nkeneye imiti, nari nkeneye no gufashwa kumenya ivyiyumviro vyambuza amahoro be no kuvyikuramwo.”

Ingene Bibiliya imfasha

“Igihe naba nishwe n’akabonge, naragira ubwoba bwinshi, ngahagarika umutima cane kandi sintore agatiro. Akenshi mw’ijoro nararengerwa n’ivyiyumviro bintesha umutwe. Nk’uko muri Zaburi 94:19 habisigura, Imana irashobora kuturemesha igihe twarengewe n’amaganya. Ku bw’ivyo, naca ngumiza hafi y’igitanda Bibiliya n’agatabu nanditsemwo imirongo iremesha yo muri Bibiliya. Igihe naba mbuze agatiro, naca nsoma imirongo imwimwe yo muri Bibiliya maze ivyiyumviro vy’Imana bikandemesha.

“Bibiliya ituremesha kwikuramwo ivyiyumviro biteye kubiri n’ivyo tuzi ku vyerekeye Imana. Kera niyumvira ko ata co maze be n’uko ata wunkunda. Ariko naramenye ko ivyiyumviro nk’ivyo biteye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha. Ivuga ko Imana ari Umuvyeyi akundana kandi w’impuhwe, atwitwararika umwumwe wese ku giti ciwe. Bukebuke, nagiye ndayobora ivyiyumviro vyanje aho kureka ngo abe ari vyo binyobora. Narize kubona ibinyerekeye nk’uko Imana ibibona. Iyo yabaye intambwe ihambaye yamfashije kwirinda kuza ndisuzugura.

“Nditeganye igishika igihe tutazoba tucibuka ibintu vyose vyatubabaje canke ngo tugire ivyiyumviro bibi. Ndazi ko muri kazoza ata ngorane zo mu mutwe zizoba zikiriho. Ivyo bica bimfasha kwihangana muri iki gihe no kwitegana igishika kazoza, aho ntazosubira kurwara akabonge.”

Ibindi vyogufasha:

Soma kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo “Nokwihanganira gute akabonge?”

Nusome igitabu ca Zaburi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika