ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp23 no. 1 rup. 10-11
  • 3 | Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kugufasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 | Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kugufasha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico bisobanura
  • Ingene vyoshobora kudufasha
  • 2 | “Uruhoza ruva mu Vyanditswe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • 4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 3)
    Urwaruka ruribaza
  • Noshobora gute gucungera inyiyumvo zanje?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
wp23 no. 1 rup. 10-11
Umuhanuzi Musa ararengewe n’amaganya, akaba ariko arasenga Imana araba mw’ijuru.

3 | Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kugufasha

BIBILIYA IRAVUGA . . . Abagabo n’abagore b’abizigirwa “[b]iyumva nk’uko twiyumva.”​—YAKOBO 5:17.

Ico bisobanura

Bibiliya irimwo inkuru z’abagabo n’abagore batuntuye mu buryo butandukanye. Dusomye ivyabashikiye, twoshobora gusanga hari uwashikiwe n’ivyo turiko turacamwo.

Ingene vyoshobora kudufasha

Twese turakenera ko abandi badutahura. Turabikenera canecane igihe dufise ingorane z’amagara yo mu mutwe. Igihe dusomye ivyashikiye abantu bavugwa muri Bibiliya, twoshobora kubona abamerewe nk’uko tumerewe. Ivyo biratuma twumva ko turi mu bandi, ntiduce twigungira ukwacu igihe tudatekanye mu bwenge.

  • Bibiliya irimwo ibintu vyinshi vyavuzwe n’abantu bari bacitse intege kandi bihebuye. Vyoba birashika ukumva ko kabaye? Musa, Eliya na Dawidi vyarabashikiye.​—Guharūra 11:14; 1 Abami 19:4 19:4; Zaburi 55:4.

  • Bibiliya iratubwira umugore yitwa Hana “[ya]dundumiwe mu mutima” bitumwe n’uko ataronse akana be no kuba umukeba wiwe yarabimutuka.​—1 Samweli 1:6, 10.

  • Bibiliya iratubwira n’umugabo yitwa Yobu yashikiwe n’ivyoba biriko biradushikira. Naho yari afise ukwizera, yaragize intuntu ikomeye ku buryo igihe kimwe yavuze ko ‘azinutswe ubuzima bwiwe, ko atacipfuza kubandaya kubaho.’​—Yobu 7:16.

Kumenya ingene abo bantu bavugwa muri Bibiliya bavyifashemwo neza igihe bari bafise ivyiyumviro bica intege, birashobora natwe kuturonsa inkomezi zo kuvyifatamwo neza mu ngorane zidutesha umutwe.

Ingene Bibiliya iriko irafasha Kevin

Ingene indwara y’ihindagurika ry’imero ingirako ingaruka

Kevin ariko arasangira agakawa n’abagenzi biwe babiri.

“Iyo ndwara bayintoye ndi mu gushikana imyaka 50. Mu bihe bimwebimwe, nabona ko nshoboye gutorera umuti ingorane yose yonshikira mu buzima. Mu bindi bihe na ho, nabona ko ata co mbereyeho.”

Ingene Bibiliya imfasha

“Ibinshikira bimeze nk’ivyashikiye intumwa Petero avugwa muri Bibiliya. Yarakoze amakosa yatuma yumva ko ata co amaze. Ariko aho kubigumizako umutima, yararondeye kwiyegereza abagenzi bamwitwararika. Igihe iyo ndwara imvyutse, ndababazwa cane n’amakosa nkora, ngasigara numva ko ata co maze. Cokimwe na Petero, narize kugerageza kuguma niyegereje abagenzi bipfuza kumfasha.

“Uwundi muntu avugwa muri Bibiliya andemesha cane, ni Umwami Dawidi. Akenshi yaratuntuzwa n’ivyamushikira maze akicuza ku makosa yaba yakoze. Na jewe meze nka we, kuko bishika ngakora canke nkavuga ibintu bituma mu nyuma nicuza. Ivyo Dawidi yavuze muri Zaburi ya 51 birandemesha cane. Ku murongo wa 3, Dawidi avuga ati: ‘Ibigabitanyo vyanje jewe ndabizi, kandi igicumuro canje cama imbere yanje.’ Naje mba meze gutyo nyene igihe iyo ndwara imvyutse, kuko ata kintu ciza nshobora kwibonako. Ariko kandi n’ivyo Dawidi yavuze ku murongo wa 10 biranyerekeye. Agira ati: ‘Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana, ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye.’ Nkoresha ayo majambo nyene mu gutakambira Imana ngo imfashe kubona ivyanje mu buryo bwiza. Uwundi murongo undemesha ni uwa 17. Ugira uti: ‘Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura.’ Uwo murongo urampumuriza ko Imana inkunda.

“Kwitaho uburorero bw’abavugwa muri Bibiliya be n’ivyo Imana imaze kunkorera, bituma ndushiriza kwizigira ko kazoza ari keza. Ivyo Bibiliya isezerana mbona ko bizoranguka ata kabuza, kandi ivyo biratuma ntatana n’akabando.”

Ibindi vyogufasha:

Soma kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo “Igihe wumva ko ubuzima bwakurambiye,” muri Be maso! yo mu 2019 no. 2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika