IKIGANIRO C’UKWIGA CA 6
Bibiliya igaragaza iki ku bijanye n’uwo ikomokako?
“Niwiyandikire mu gitabu amajambo yose nkubwira.”—YER. 30:2.
URURIRIMBO RWA 96 Igitabu c’Imana ni ubutunzi
INCAMAKEa
1. Kubera iki ukenguruka kubona Yehova yaraturonkeje Bibiliya?
ESE ukuntu dukengurukira cane Yehova Imana kuba yaraturonkeje Bibiliya! Abicishije kuri Bibiliya, araturonsa impanuro zodufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira muri iki gihe. Araturonsa kandi icizigiro ciza ca kazoza. N’igihambaye kuruta, Yehova abicishije kuri Bibiliya yaraduhishuriye kamere nyinshi zimuranga. Iyo tuzirikanye kuri kamere ziwe nziza igitangaza, birarushiriza kudukora ku mutima maze bigatuma twipfuza kugiranira na we ubugenzi somambike.—Zab. 25:14.
2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yihishuriye abantu?
2 Yehova ashaka ko abantu bamumenya. Muri kahise, yarihishuriye abantu biciye ku ndoto, ku kubonekerwa, eka mbere no ku bamarayika. (Guh. 12:6; Ivyak. 10:3, 4) Ariko none iyo ivyo bintu bitandikwa, twomenye gute ibijanye n’izo ndoto, uko kubonekerwa canke ubwo butumwa bwavuye ku bamarayika? Ni co gituma Yehova yakoresheje abantu ngo ‘bandike mu gitabu’ ivyo yipfuza ko tumenya. (Yer. 30:2) Kubera ko ‘inzira y’Imana y’ukuri itagira akanenge,’ turizigira tudakeka ko ubwo buryo ikoresha mu kutuyagisha ari bwiza cane kandi ko butugirira akamaro.—Zab. 18:30.
3. Yehova yitwararitse gute ko Bibiliya izigamwa? (Yesaya 40:8)
3 Soma Yesaya 40:8. Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, Ijambo ry’Imana ryagiye riraha impanuro nziza abagabo n’abagore b’abizigirwa. None ivyo vyashobotse gute? Ico kibazo kirumvikana kuko mu ntango Bibiliya yanditswe ku bintu vyahavuye vyononekara, ubu akaba ata na kimwe kikiriho muri vyo. Ariko rero Yehova yaritwararitse ko ivyanditswe vyeranda bigenda birimurwa. Naho igikorwa co kuvyimura cakozwe n’abantu b’abanyagasembwa, baracitondeye cane. Nk’akarorero, ku bijanye n’Ivyanditswe vy’igiheburayo, umuhinga umwe yavuze ati: “Twoshobora kwemeza neza ko ata kindi gitabu na kimwe ca kera cagiye kirimurwa mu buryo bwitondewe ukuraho.” Naho rero Bibiliya imaze igihe kirekire yanditswe, kandi mu ntango ikaba yanditswe ku bintu vyononekara ikongera ikimurwa n’abantu b’abanyagasembwa, turemera tudakeka ko ivyo dusoma muri Bibiliya dufise ubu ari ivyiyumviro vy’uwo ikomokako, Yehova Imana.
4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?
4 Yehova ni we Soko ry’“ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” (Yak. 1:17) Bibiliya ni imwe mu ngabire nziza kuruta izindi zose Yehova yaduhaye. Iyo umuntu aguhaye ingabire, bica bikwereka ko akuzi neza cane be n’ivyo ukeneye. Ni na ko bimeze ku bijanye n’uwaduhaye Bibiliya. Iyo dusuzumye iyo ngabire, turamenya vyinshi ku bijanye na Yehova. Turamenya ko atuzi neza be n’uko azi ivyo dukeneye. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene Bibiliya igaragaza kamere zitatu za Yehova, ari zo ubukerebutsi, ubutungane be n’urukundo. Reka duhere ku kuraba uburyo butandukanye igaragaza ubukerebutsi bw’Imana.
BIBILIYA IRAGARAGAZA UBUKEREBUTSI BW’IMANA
5. Ni uburyo bumwe ubuhe Bibiliya igaragaza ubukerebutsi bw’Imana?
5 Yehova arazi ko dukeneye ubukerebutsi, kandi ingabire yaduhaye, ari yo Bibiliya, yuzuyemwo ubukerebutsi bwiwe. Impanuro zo muri Bibiliya ziragirira akamaro abantu. Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu. Igihe Musa yandika ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya, yabwiye abasavyi b’Imana, ari bo Bisirayeli ati: “[Iri si] ijambo ata co rimaze kuri mwebwe; ahubwo ni ryo buzima bwanyu.” (Gus. 32:47) Abagamburutse Ivyanditswe bararoraniwe mu buzima bongera barahimbarwa. (Zab. 1:2, 3) Naho Ijambo ry’Imana rimaze igihe kirekire, riracafise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’abantu. Nk’akarorero, mu rukurikirane rw’ibiganiro ruri kuri jw.org ruvuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima,” urahasanga uburorero bw’abantu barenga 50 bwerekana ingene Bibiliya yagize ububasha ku ‘bantu bayemera’ muri iki gihe.—1 Tes. 2:13.
6. Kubera iki twovuga ko ata kindi gitabu kimeze nka Bibiliya?
6 Nta kindi gitabu kimeze nk’Ijambo ry’Imana. Uti kubera iki? Kubera ko uwo ico gitabu gikomokako, ari we Yehova Imana, ari Mushoboravyose, yamaho ibihe bidahera, kandi akaba afise ubukerebutsi ntangere. Ibitabu vyinshi usanga biramba kuruta bene kuvyandika, ariko impanuro bitanga haragera aho zita igihe. Impanuro nziza dusanga muri Bibiliya zozo ntizigera zita igihe. Zarafashije abantu babayeho mu bihe bitandukanye. Iyo dusomye ico gitabu ceranda tukongera tukazirikana ku vyo dusoma, uwo gikomokako arakoresha impwemu yiwe nyeranda y’ububasha kugira ngo adufashe kubona ingene twoshira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya. (Zab. 119:27; Mal. 3:16; Heb. 4:12) Ego cane, uwo Bibiliya ikomokako arashashaye kugufasha. Emwe, ico ni kimwe mu bikwiye gutuma twama dusoma Bibiliya!
Ni gute Bibiliya yatumye abasavyi ba Yehova bunga ubumwe muri kahise no muri iki gihe? (Raba ingingo ya 7-8)
7. Bibiliya yafashije gute abasavyi b’Imana kwunga ubumwe muri kahise?
7 Ikindi kintu kidasanzwe cerekana ko Bibiliya igaragaza ubukerebutsi bwa Yehova, ni uko ifasha abasavyi biwe kwunga ubumwe. Igihe Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, bagerereye mu turere dutandukanye tw’ico gihugu. Bamwebamwe babaye abarovyi, abandi aborozi, abandi na bo baba abarimyi. Vyari vyoroshe ko Abisirayeli bo mu karere kamwe batitaho ineza y’Abisirayeli bagenzi babo bo mu tundi turere tw’ico gihugu. Ariko Yehova yaratunganije ko Abisirayeli baza barakoranira hamwe mu biringo bitandukanye, kugira ngo basomerwe Ijambo ryiwe bongere barisigurirwe. (Gus. 31:10-13; Neh. 8:2, 8, 18) Iyumvire ingene Umwisirayeli ategerezwa kuba yarahimbarwa ashitse i Yeruzalemu, maze kumbure akabonana n’Abisirayeli bagenziwe amamiliyoni baba bavuye mu turere twose tw’ico gihugu! Muri ubwo buryo, Yehova yarafasha abasavyi biwe kuguma bunze ubumwe. Mu nyuma, igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa, ryari rigizwe n’abagabo n’abagore bavuga indimi zitandukanye, aboroshe n’abahambaye, abatunzi n’abakene. Ariko kubera ko bose bakunda Ivyanditswe, basenga Imana y’ukuri bunze ubumwe. Abacika abakirisu, batahura Ijambo ry’Imana biciye ku gufashwa n’abakirisu bagenzi babo no ku makoraniro bagira.—Ivyak. 2:42; 8:30, 31.
8. Ni gute Bibiliya ituma abasavyi ba Yehova bunga ubumwe muri iki gihe?
8 Imana yacu y’ubukerebutsi, irabandanya gukoresha Bibiliya mu kwigisha abasavyi bayo no mu gutuma bunga ubumwe. Ibifungurwa vy’impwemu twinovora muri iki gihe, ahanini biva muri Bibiliya. Twama dukoranira hamwe ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro kugira ngo dusomerwe Ivyanditswe twongere tubisigurirwe. Bibiliya rero irarangura uruhara ruhambaye mu mugambi wa Yehova wo gutuma abasavyi biwe ‘bamukorera bahuje inama.’—Zef. 3:9.
9. Ni kamere iyihe dukeneye kugira dutahure Bibiliya? (Luka 10:21)
9 Raba ikindi kintu cerekana ubukerebutsi bwa Yehova. Ibice vyinshi mu bigize Bibiliya, yavyandikishije mu buryo vyotahuwe gusa n’abantu bicisha bugufi. (Soma Luka 10:21.) Abantu bo mu mihingo yose barasoma Bibiliya. Nk’uko umuhinga umwe abivuga, Bibiliya “si igitabu gisomwa gusa n’abantu benshi cane, ariko kandi ni co gitabu abantu basoma bitondeye kuruta ibindi vyose.” Ariko abantu bicisha bugufi, ni bo gusa batahura ivyo ivuga bakongera bakabishira mu ngiro.—2 Kor. 3:15, 16.
10. Ni mu bundi buryo ubuhe Bibiliya igaragaza ubukerebutsi bwa Yehova?
10 Bibiliya iragaragaza ubukerebutsi bwa Yehova mu bundi buryo. Yehova ntakoresha Ivyanditswe kugira gusa atwigishe uko tugize umugwi, ariko kandi arabikoresha kugira ngo yigishe umwe wese muri twebwe yongere amuhumurize. Igihe umwe wese asomye Ijambo rya Yehova, arumva ko amwitwararitse. (Yes. 30:21) Igihe wari mu ngorane, ni kangahe wafashe Bibiliya ugasoma umurongo bisa n’uko wandikiwe wewe nyene? Naho ari ukwo, Bibiliya ikora ku mutima abantu amamiliyoni. None bigenda gute ngo Bibiliya ibe irimwo ayo makuru adata igihe ahuje neza na neza n’ivyo ukeneye ku giti cawe? Ivyo bishoboka gusa kubera ko uwo Bibiliya ikomokako ari we afise ubukerebutsi ntangere.—2 Tim. 3:16, 17.
BIBILIYA IRAGARAGAZA UBUTUNGANE BW’IMANA
11. Imana yerekanye gute ko itagira nkunzi igihe Bibiliya yariko irandikwa?
11 Ubutungane ni iyindi kamere iranga Yehova. (Gus. 32:4) Ubutungane burafitaniye isano cane no kutagira nkunzi, kandi Yehova ntagira nkunzi. (Ivyak. 10:34, 35; Rom. 2:11) Ukutagira nkunzi kwiwe turakubonera mu ndimi zakoreshejwe mu kwandika Bibiliya. Ibitabu 39 vya mbere vyo muri Bibiliya, ahanini vyanditswe mu giheburayo, rukaba rwari ururimi abasavyi b’Imana b’ico gihe batahura neza. Ariko mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, ururimi rw’ikigiriki ni rwo rwavugwa cane, akaba ari co gituma ibitabu 27 vya nyuma vyo muri Bibiliya ahanini vyanditswe muri urwo rurimi. Yehova ntiyashinze ko Ijambo ryiwe ryandikwa mu rurimi rumwe gusa. Muri iki gihe, abantu hafi imiliyaridi umunani baba kw’isi bavuga indimi zitandukanye. None abo bantu benshi gutyo bashobora gute kumenya ivyerekeye Yehova?
12. Ni mu buryo bumwe ubuhe ibivugwa muri Daniyeli 12:4 vyarangutse muri iyi misi y’iherezo?
12 Yehova abicishije ku muhanuzi Daniyeli yasezeranye ko mu gihe c’iherezo “ubumenyi nyakuri” dusanga muri Bibiliya ‘bwogwiriye.’ Abantu benshi bobutahuye. (Soma Daniyeli 12:4.) Kimwe mu vyafashije ko ubwo bumenyi bugwira, ni uguhindura mu zindi ndimi Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo, kubicapura no kubikwiragiza mu bantu. Bibiliya ni co gitabu cahinduwe mu ndimi nyinshi kuruta ibindi vyose kw’isi congera kirakwiragizwa. Bibiliya zicapurwa n’amashirahamwe aca amahera, rimwe na rimwe usanga zizimvye cane. Ivyabona vya Yehova bamaze guhindura Bibiliya mu ndimi zirenga 240, yaba yose canke igice cayo, kandi uwo ari we wese barayimuronsa ku buntu. Ivyo bituma abantu bo mu mahanga yose bakira neza “inkuru nziza y’ubwami” imbere y’uko umuhero uza. (Mat. 24:14) Imana yacu y’ubutungane yipfuza guha abantu benshi bashoboka akaryo ko kuyimenya biciye ku gusoma Ijambo ryayo. Ivyo ibitumwa n’uko twese idukunda cane.
BIBILIYA IRAGARAGAZA URUKUNDO RW’IMANA
13. Kubera iki twovuga ko Bibiliya igaragaza urukundo rwa Yehova? (Yohani 21:25)
13 Bibiliya iragaragaza kamere iruta izindi zose iranga Yehova, na yo akaba ari urukundo. (1 Yoh. 4:8) Zirikana ku vyo Yehova yandikishije muri Bibiliya be n’ivyo atashimye ko bijamwo. Yashizemwo ivyo dukeneye gusa bidufasha kugiranira ubucuti bwiza na we, kubaho duhimbawe ubu no kuzoronka ubuzima budahera muri kazoza. Ariko kubera ko Yehova adukunda, ntiyiriwe araturemereza amakuru tudakeneye.—Soma Yohani 21:25.
14. Ni ubundi buryo ubuhe Bibiliya igaragaza urukundo rw’Imana?
14 Yehova kandi yaratugaragarije urukundo mu kwandikisha Bibiliya mu buryo budutera iteka. Muri Bibiliya, ntaduha urutonde rw’amategeko umuyoro kugira ngo akontorore akantu kose ko mu buzima bwacu. Ahubwo riho, arakoresha inkuru z’ivyabaye, ubuhanuzi be n’impanuro ngirakamaro kugira ngo adufashe kuzirikana maze dufate ingingo nziza. Ivyo bica bituma Ijambo ry’Imana ridusunikira kuyikunda no kuyigamburukira bivuye ku mutima.
Kubera iki dukwiye kuzirikana ku kuntu Yehova yafashe abasavyi biwe muri kahise? (Raba ingingo ya 15)
15. (a) Yehova yerekanye gute ko yitwararika abasoma Ijambo ryiwe? (b) Twisunze iyo shusho, ako gakobwa, uwo muvukanyi akiri muto be n’uwo mushiki wacu ageze mu zabukuru bariko bazirikana ku bantu abahe bavugwa muri Bibiliya? (Ita. 39:1, 10-12; 2 Abm. 5:1-3; Luka 2:25-38)
15 Bibiliya iragaragaza ko Yehova atwitwararika cane. Uti gute? Irimwo inkuru zerekana ingene twebwe abantu twiyumva. Turashobora gutahura abantu banditse Bibiliya kubera ko bari abantu “[b]iyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) N’igihambaye kuruta, iyo turavye ingene Yehova yagiye arafata abantu bameze nkatwe, turarushiriza gutahura ko “Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.”—Yak. 5:11.
16. Iyo dusomye muri Bibiliya inkuru z’abantu bakoze amakosa, bica bitwigisha iki ku bijanye na Yehova? (Yesaya 55:7)
16 Bibiliya iragaragaza mu bundi buryo urukundo Yehova adukunda. Ivyanditswe biradukura amazinda ko iyo dukoze amakosa Imana yacu idaca iduheba. Naho Abisirayeli bacumuye kuri Yehova incuro n’izindi, igihe baba bigaye vy’ukuri yarabababarira. (Soma Yesaya 55:7.) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene bari bazi ko Imana ibakunda cane. Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yarahimirije abakirisu bagenziwe ‘kubabarira no guhoza’ umugabo umwe yari yarakoze igicumuro gikomeye mu nyuma akigaya. (2 Kor. 2:6, 7; 1 Kor. 5:1-5) Ese ukuntu bikora ku mutima kubona Yehova ataciye aheba abasavyi biwe ngo ni uko gusa bamucumuyeko! Ahubwo yarabafashije abigiranye urukundo, arabakosora yongera arabatera akamo ngo bamugarukeko. Ivyo nyene ni vyo asezeranira gukorera abacumuzi bose bigaya.—Yak. 4:8-10.
NUHE AGACIRO IYO “NGABIRANO NZIZA” Y’IJAMBO RY’IMANA
17. Kubera iki Bibiliya ari ingabire idasanzwe?
17 Yehova yaraduhaye ingabire nziza igitangaza. Kubera iki Bibiliya ari igitabu kidasanzwe? Nk’uko twabibonye, Bibiliya iragaragaza ubukerebutsi bw’Imana, ubutungane bwayo n’urukundo rwayo. Ico gitabu kirerekana ko Yehova yipfuza ko tumumenya. Yipfuza ko tuba abagenzi biwe.
18. Twokwerekana gute ko dukenguruka “ingabirano nziza” Yehova yaduhaye, ari yo Bibiliya?
18 Ntitwipfuza gufata minenegwe iyo “ngabirano nziza” y’Ijambo ry’Imana. (Yak. 1:17) Nimuze rero tugume twerekana ko tuyikenguruka. Ivyo twobigira mu gusoma amajambo meranda ari muri yo tubigiranye ubwira tukongera tukayazirikanako. Turashobora kwizigira ko Umwe ahambaye ikomokako azohezagira ako kigoro kacu kandi ko “[tu]zoronka ukumenya Imana.”—Imig. 2:5.
URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana
a Bibiliya iradufasha kwiyegereza Yehova. None ico gitabu ceranda kitwigisha iki ku bijanye n’ubukerebutsi bw’Imana, ubutungane bwayo be n’urukundo rwayo? Kubimenya birashobora gutuma turushiriza gukenguruka Ijambo ry’Imana no kubona ko vy’ukuri Bibiliya ari ingabire twahawe n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.