ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w23 Ruhuhuma rup. 26-30
  • Nariboneye ukwizera kw’abasavyi ba Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nariboneye ukwizera kw’abasavyi ba Yehova
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IRLANDE YA RUGURU CARI “IGIHUGU C’AMABOMBE N’AMASASU”
  • MURI SIERRA LEONE ABAVUKANYI BARI BAFISE UKWIZERA NAHO BARI BAKENYE
  • MURI NIGERIA TWARAHIGIYE IMICO MISHASHA
  • MURI KENYA ABAVUKANYI BARANYIHANGANIYE
  • MURI AMERIKA ABAVUKANYI BARAFISE UKWIZERA NAHO BADAKENYE
  • Yehova yarampagurukije
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • “Abakwumviriza” bazokizwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Igikorwa co guhindura abantu abigishwa caratumye ngira intumbero nziza mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Gukora ivyo Yehova adusaba biravamwo imihezagiro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
w23 Ruhuhuma rup. 26-30
Robert Landis.

INKURU Y’UBUZIMA

Nariboneye ukwizera kw’abasavyi ba Yehova

NK’UKO VYAVUZWE NA ROBERT LANDIS

USHOBORA kuba wibuka ikiyago wagiranye n’abandi cabaye intibagirwa kuri wewe. Kuri jewe, ikiyago cabaye intibagirwa ni ico nagiranye n’umugenzi umwe, igihe twari muri Kenya twicaye turiko turota umuriro, ubu hakaba haciye nk’imyaka 50. Twari turushe kubera urugendo twari tumazemwo amezi n’ayandi, n’urukoba rwacu ruraheba rurirabura. Ico gihe, twariko turaganira ku bijanye n’isinema yavuga ivy’idini, maze nya mugenzi aca avuga ko ivyo ivuga “bidahuye n’ivyo Bibiliya ivuga.”

Naciye ntwenga, kuko ntiyumvira ko uwo mugenzi yakunda ivy’Imana. Namubajije nti: “Wewe uzi iki muri Bibiliya?” Ntiyashotse anyishura. Amaherezo, yarambwiye ko nyina yari Icabona ca Yehova, ko rero hari ibintu bikeyi yari yaramwigishije. Kubera ko nari nshashaye kubimenya, naciye ndamusaba ngo ambwire n’ibindi.

Twaraganiriye gushika mu gicugu. Uwo mugenzi yarambariye ko Bibiliya ivuga ko Shetani ari we mutware w’iyi si. (Yoh. 14:30) Naho wewe ushobora kuba wari usanzwe ubizi, jewe ico ciyumviro cambereye gishasha, kandi catumye nipfuza kumenya vyinshi. Kuva kera, namye numva bavuga ko iyi si iganzwa n’Imana imeze neza kandi itarenganya. Mugabo nabona ko ivyo bitumvikana ndavye ivyambayeko mu buzima. Naho nari mfise imyaka 26 gusa, ingorane nari naraciyemwo zari zirenze.

Dawe yari yarabaye umudereva w’indege z’intambara muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuva nkiri muto cane rero, nari nzi ko umwanya n’umwanya hashobora kwaduka intambara ruhonyanganda. Intambara yo muri Vyetinamu yabaye ndi kuri kaminuza muri Kaliforniya. Naciye nifatanya n’abandi banyeshure mu myiyerekano. Abapolisi baratwirutseko n’amahiri, baradutamwo vya vyuka bikoroza amosozi, natwe turahunga tutabona neza iyo tuja. Cari igihe c’uruhagarara n’ubugarariji. Haraba ubwicanyi bushingiye kuri politike, imyiyerekano be n’imigumuko. Abantu ntibabona kumwe icokorwa. Barabura ico bofata n’ico boreka.

Robert ahagaze iruhande y’imoto yiwe, akaba ariko arerekana ikarata y’aho yagiye araca.

Kuva i Londres gushika muri Afrika yo hagati

Mu 1970, naratanguye gukora akazi ku nkengera y’ibahari iri mu buraruko bwa Alaska, maze ndaronka amahera menshi. Naciye mfata indege nja i Londres mu Bwongereza, ndagura imoto, nca nerekeza mu bumanuko bw’ico gihugu ntazi iyo ngarukira. Inyuma y’amezi atari make, nahavuye nshika muri Afrika. Aho naciye, nagiye ndahura n’abantu na bo nyene bipfuza iyo bohungira ingorane zari zibahanze.

Ivyo nagiye ndibonera be n’ivyo numvise, vyaratumye nemera ivyo Bibiliya ivuga ko Shetani ari we ari inyuma y’ibibi biriko birabera mw’isi. Ariko none Imana na yo yariko ikora iki? Naripfuza kumenya ico kintu.

Mu mezi yakurikiye, nararonse inyishu. Vyongeye, uko hagenda haraca igihe, nagenda ndamenya abagabo n’abagore batari bake babaye abizigirwa kuri ya Mana imwe y’ukuri, naho bari mu mibereho itandukanye.

IRLANDE YA RUGURU CARI “IGIHUGU C’AMABOMBE N’AMASASU”

Igihe nasubira i Londres, narabonanye n’umugenzi wa mawe maze arampa Bibiliya. Mu nyuma, igihe naja i Amsterdam mu Buholande, hari Icabona yambonye ndiko ndayisomera munsi y’igiti c’itara, aca aramfasha gutahura vyinshi. Ubukurikira, naragiye i Dublin muri Irlande, maze ndabona ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Naciye ndodora ku muryango w’imbere. Aho ni ho nabonaniye na Arthur Matthews, akaba yari umuvukanyi ahumuye kandi azi utuntu n’utundi. Naramusavye ko yonyigisha Bibiliya, na we aravyemera.

Naciye ntangura kwiga n’umwete mwinshi, ndasoma cane ibitabu be n’Iminara y’Inderetsi vyari vyarasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Ariko kandi narasoma na Bibiliya. Ntiworaba ingene nabikunda cane! Ku makoraniro y’ishengero, narabona ko mbere n’abana bari bazi inyishu z’ibibazo abantu b’incabwenge bamaze imyaka myinshi bibaza. Nk’akarorero: ‘Kubera iki hariho ubukozi bw’ikibi? Imana ni nde? Bigenda gute iyo umuntu apfuye?’ Nifatanya n’Ivyabona gusa. Vyaranyoroheye kuko ata wundi muntu n’umwe nari nzi muri ico gihugu. Baramfashije gukunda Yehova no kugira icipfuzo co gukora ivyo agomba.

Nigel, Denis, na jewe

Mu 1972, narabatijwe. Haciye umwaka, naratanguye ubutsimvyi maze nifatanya n’ishengero ritoyi ry’i Newry, muri Irlande ya Ruguru. Narakose akazu gatoyi kubakishije amabuye, kari ku nkike y’umusozi. Twahana urubibe n’iraro ry’inka, akaba ari zo nimenyerezako gutanga ibiganiro. Igihe zaba ziriko ziruza, wamengo ziriko ziranyumviriza zitonze. Naho zitashobora kungira inama y’ivyo noryohora, zaramfashije gutsimbataza kamere yo kurabana n’abumviriza. Mu 1974, naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe, nca nkorana n’uwitwa Nigel Pitt, uwahavuye ambera umugenzi ashika mu buzima.

Ico gihe muri Irlande ya Ruguru harangwa imidurumbanyo. Bamwe bivugira ko cari “igihugu c’amabombe n’amasasu.” Ico gihe abantu bararwanira mu mabarabara, bakarasana, bakongera bagatega ibibombe imiduga. Izo ndyane zari zishingiye kuri politike no ku madini. Ariko rero abaporoti n’abagatolika bari bazi ko Ivyabona batagira uruhara muri politike, akaba ari co gituma batwumviriza kandi ntibaturye n’urwara. Kubera ko akenshi abantu baba bazi ahakorerwa ububisha be n’igihe bwaberako, baratuburira kugira ngo tuhirinde.

Naho ari ukwo, akaga ko ntikari kabuze. Umusi umwe, twe n’uwundi mutsimvyi yitwa Denis Carrigan twaragiye kwamamaza mu gasagara kari hafi yacu, aho ata Cabona n’umwe yariyo, kandi tukaba twari tumaze kujayo rimwe gusa. Hari umugore yatwagirije ko twari abatasi b’abasirikare b’Abongereza, kumbure kubera ko muri twebwe ata n’umwe yavuga neza ikinya irlande. Vyaraduteye ubwoba cane. Kwitwa umugenzi w’umusoda vyonyene, vyaratuma bakwica canke bakakurasa mw’ivi. Igihe twari duhagaze hanze dukanye kandi turi twenyene turindiriye bisi, twagiye tubona umuduga uhagarara imbere ya hamwe wa mugore yatwagiriza yari ari. Yaciye asohoka, avugana n’abagabo babiri bari muri iyo modoka, adutunga urutoke aryohewe. Abo bagabo baciye baza buhorobuhoro n’umuduga wabo gushika aho twari, maze batubaza ibijanye n’igihe ibisi iza gushikira. Igihe ibisi yashika baciye bavugana n’umushoferi wayo. Ntitwashobora kwumva ivyo bariko baravugana. Kubera ko ata wundi mukiriya yarimwo, twaciye twiyumvira ko bariko bavugana ivy’uko botujana inyuma y’igisagara maze bakatugirira nabi. Ariko rero si ko vyagenze. Igihe nururuka bisi naciye mbaza umushoferi nti: “Barya bagabo bariko bakubaza iki ku bitwerekeye?” Yatubwiye ati: “Nababwiye ko mwebwe ndabazi, ko rero batohagarika umutima kuko ata ngorane muteza.”

Ku musi w’ubugeni bwa Robert na Pauline.

Ku bugeni bwacu, muri Ntwarante 1977

Mu 1976, narabonanye n’umutsimvyi adasanzwe yitwa Pauline Lomax yari yaje kw’iteraniro ry’intaraa ryabereye i Dublin, avuye mu Bwongereza. Yari mushiki wacu w’umwizigirwa yicisha bugufi kandi yasa n’irirenga. We na musazawe Ray bari bavukiye mu kuri. Haciye umwaka, narubakanye na Pauline maze tubandaniriza ubutsimvyi budasanzwe i Ballymena, muri Irlande ya Ruguru.

Twamaze igihe gito dukorera mu muzunguruko, dufasha abavukanyi b’i Belfast, b’i Londonderry, be n’abo mu tundi turere tutari tworoshe. Twarakozwe ku mutima n’ukwizera kw’abavukanyi na bashiki bacu bari barahevye inyigisho z’amadini zari zarabashinzemwo imizi, ukwinubana, urwanko, kugira ngo bakorere Yehova. Ese ukuntu Yehova yabahezagiye akongera akabakingira!

Namaze imyaka cumi muri Irlande. Mu 1981 twaciye dutumirwa mw’ishure rya Gileyadi, mu mugwi ugira 72. Ishure rirangiye, twaciye turungikwa gukorera muri Sierra Leone, muri Afrika yo mu Burengero.

MURI SIERRA LEONE ABAVUKANYI BARI BAFISE UKWIZERA NAHO BARI BAKENYE

Twabana n’abantu 11 beza cane mu nzu y’abamisiyonari. Twari dufise igikoni kimwe, utuzu twa surwumwe dutatu, ubwogero bubiri, iterefone imwe, imashini yo kumesa imwe be n’iyo kwumisha imwe. Amatara yaguma acikagurika. Mu gisenge c’inzu harangwa imbeba, mu nzu yo munsi na ho hakarangwa inzoka.

Robert be n’abandi hamwe n’amamoto yabo, bariko bajabuka uruzi baciye ku mugogo w’igiti.

Njabuka uruzi ngiye kw’ihwaniro mu gihugu kibanyi ca Guinée

Naho ivyo twari tubayemwo bitari bimeze neza, twararonkera umunezero mwinshi mu gikorwa co mu ndimiro. Abantu barubaha Bibiliya kandi bakatwumviriza bitonze. Benshi baremeye kwiga Bibiliya baraba Ivyabona. Abantu baho banyita ngo “Mushingantahe Robert,” Pauline na we bakamwita “Mupfasoni Robert.” Ariko rero haciye igihe gito, naratanguye gufatirwa n’ibikorwa vyo ku biro vy’ishami ku buryo nja mu ndimiro gake, abantu baca batangura kwita Pauline ngo “Mupfasoni Pauline.” Nanje bahavuye banyita ngo “Mushingantahe Pauline.” Ivyo Pauline yarabikunda cane!

Robert na Pauline be n’imodoka yabo.

Dufashe urugendo rwo kuja kwamamaza muri Sierra Leone

Naho abavukanyi benshi bari bakenye, Yehova yama yitwararika kubaronsa ivyo bakeneye, rimwe na rimwe akabigira mu buryo butangaje. (Mat. 6:33) Ndibuka mushiki wacu umwe yari afise gusa amahera yo gusuma ivyo bari kurarira n’abana biwe, mugabo yose aca ayaha umuvukanyi yari arwaye malariya yari yabuze amahera yo kugura imiti. Kuri uwo musi nyene ku muhingamo, uwo mushiki wacu yagiye abona umugore aza iwe, aca amuha amahera ngo amutunganirize umushatsi. Ibintu nk’ivyo vyarashika kenshi.

MURI NIGERIA TWARAHIGIYE IMICO MISHASHA

Muri Sierra Leone twahamaze imyaka icenda. Twaciye turungikwa gukorera kuri Beteli yo muri Nijeriya. Ico gihe twari ku biro vy’ishami binini cane. Jewe nashinzwe gukora nk’ivyo nahora nkora tukiri muri Sierra Leone, ariko kuri Pauline ryari ihinduka rikomeye kandi ritoroshe. Yari yahoze amara amasaha 130 mu ndimiro buri kwezi, akongera akayobora inyigisho za Bibiliya zitera imbere. Ico gihe kuri Beteli yashinzwe igikorwa co gushona, akamara imisi ariko arabarira impuzu zatabutse. Naho vyafashe igihe kugira ngo amenyere, yahavuye abona ko abandi bakenguruka igikorwa yakora, kandi yarihatira kurondera uturyo two kuremesha abandi Banyabeteli bagenziwe.

Hari vyinshi twategerezwa kwiga kubera ko imico yo muri Nijeriya tutari tuyizi. Igihe kimwe, hari umukanyi yazanye mu biro iwanje mushiki wacu umwe yari aherutse kwemererwa gukorera kuri Beteli. Ngiye kumuha ukuboko ngo ndamuramutse, yaciye apfukama ku birenge vyanje. Naratangaye cane! Ubwo nyene naciye nibuka ivyanditswe bibiri: Ico mu Vyakozwe 10:25, 26 n’ico mu Vyahishuwe 19:10. Naribajije nti ‘Ndamubuze kumpfukamira?’ Ku rundi ruhande na ho, naciye nibuka ko yari azi ivyo Bibiliya yigisha, kubera ko yari yemerewe kuza gukorera kuri Beteli.

Ico kiyago carinze kirangira ngifise ubuyega, mu nyuma nca ndagira ubushakashatsi. Nasanze ico kintu uwo mushiki wacu yagize cari kijanye n’imico yabo yari igikurikizwa mu mihingo imwimwe y’ico gihugu. Abagabo na bo nyene barapfukama. Ntikwari ugusenga umuntu, ahubwo bwari uburyo bwo kugaragaza icubahiro. No muri Bibiliya haravugwamwo uburorero nk’ubwo. (1 Sam. 24:8) Narahimbawe kubona ntashotse mvuga ikintu cari kubabaza uwo mushiki wacu, bivuye ku kutamenya.

Twarabonanye n’Abanyanijeriya benshi bamaze imyaka itari mike bagaragaza ukwizera kudasanzwe. Umwe muri bo ni Isaiah Adagbona.b Yamenye ukuri akiri muto, mu nyuma baca bamutora indwara y’imibembe. Yaciye arungikwa mu kigo citwararika abarwaye imibembe, akaba ari we Cabona wenyene yariyo. Naho bamurwanya, yarafashije abanyamibembe barenga 30 kumenya ukuri, mu nyuma muri ico kigo harashingwa ishengero.

MURI KENYA ABAVUKANYI BARANYIHANGANIYE

Ndi kumwe n’akana k’igifaro muri Kenya

Mu 1996 twarungitswe gukorera kw’ishami ryo muri Kenya. Bwari bwo bwa mbere nsubira muri ico gihugu, kuva habaye bimwe nababwira mu ntango. Twaba kuri Beteli. Inkende zarakunda kwinjira mu kigo ca Beteli. Zarakunda kwiba ivyamwa bashiki bacu baba babitwaye mu minwe. Umusi umwe, hari mushiki wacu umwe yasize idirisha ryuguruye. Agarutse, yasanze inkende nyinshi ziriko zirihereza ibifungurwa yari yasize mu cumba. Yaciye asohoka akoma induru. Nya nkende zaciye zijwiragira maze zisimbira mw’idirisha zirigira.

Twe na Pauline twashizwe mw’ishengero ry’igiswahili. Haciye igihe gitoyi, narashinzwe kuyobora Inyigisho y’igitabu y’ishengero (ubu yitwa Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero). Ariko rero sinari bwamenye neza kuvuga urwo rurimi. Nabanza gutegura cane kugira nze gushobora gusoma ibibazo. Ariko igihe umuntu yaba atanze inyishu, naho yaba itandukanye gato n’ivyaba vyanditse mu gitabu, naca ntakara. Ntivyanyorohera na buhoro! Narumvira akagongwe abavukanyi na bashiki bacu. Narakorwa ku mutima no kubona ingene abavukanyi bemera ko mbandanya kuyobora iyo nyigisho babigiranye ukwihangana n’ukwicisha bugufi.

MURI AMERIKA ABAVUKANYI BARAFISE UKWIZERA NAHO BADAKENYE

Muri Kenya nta mwaka twahamaze. Mu 1997 twaciye duhamagarwa kuja gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn muri New York. Ico gihe twari mu gihugu gitunze, na vyo ubwavyo bikaba bishobora guteza ingorane z’ubundi bwoko. (Imig. 30:8, 9) Ariko no muri ico gihugu, abavukanyi barakomeye cane mu kwizera. Umwanya wabo be n’ivyo batunze babikoresha mu gushigikira igikorwa ciza kirangurwa n’ishirahamwe rya Yehova, aho kubikoresha mu kwiteza imbere.

Uko imyaka yagiye irakurikirana, twagiye turabona ukwizera kw’Ivyabona bagenzi bacu mu mibereho itandukanye. Muri Irlande, baragaragaza ukwizera naho hari indyane mu banyagihugu. Muri Afrika, baragaragaza ukwizera naho bari mu bukene, abandi bakaba bari ukwa bonyene. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baragaragaza ukwizera naho badakenye. Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa iyo aravye kw’isi akabona abantu bamukunda kandi babayeho mu mimerere itandukanye!

Twe na Pauline kuri Beteli y’i Warwick

Imyaka “[yaranyarutse] kurusha akajishisho k’umujishi.” (Yobu 7:6) Ubu dukorera ku cicaro gikuru i Warwick muri New York, kandi tukaba duhimbarwa no kubandanya dukorana n’abantu bakundana vy’ukuri. Ntiworaba ingene twumva duhimbawe no kuba turiko turakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dushigikire Umwami wacu Kristu Yezu, uwugiye guha vuba impera abantu bose bagaragaza ukwizera.—Mat. 25:34.

a Amahwaniro y’akarere ico gihe yitwa amateraniro y’intara.

b Inkuru y’ubuzima ya Isaiah Adagbona yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1998, rup. 22-27. Yapfuye mu 2010.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika