IKIGANIRO C’UKWIGA CA 13
Niwigishe abana bawe ivyerekeye Yehova ukoresheje ivyaremwe
“Ni nde yaremye ivyo bintu?”—YES. 40:26.
URURIRIMBO RWA 11 Ivyaremwe birashemeza Imana
INCAMAKEa
1. Abavyeyi bipfuriza iki abana babo?
BAVYEYI, turazi ko mwipfuza cane gufasha abana banyu kumenya Yehova no kumukunda. Ariko rero Imana ntiboneka. None mwobafasha gute kubona ko ibaho koko be no kuyiyegereza?—Yak. 4:8.
2. Abavyeyi bokwigisha gute abana babo ivyerekeye kamere za Yehova?
2 Uburyo nyamukuru bwo gufasha abana kwiyegereza Yehova, ni ukubigisha Bibiliya. (2 Tim. 3:14-17) Ariko rero, Bibiliya irerekana ubundi buryo mwokoresha mu kwigisha abana banyu ivyerekeye Yehova. Mu gitabu c’Imigani, biboneka ko sebibondo yibutsa umwana wiwe kutigera yibagira kamere za Yehova, izibonekeza mu vyaremwe. (Imig. 3:19-21) Tugiye kuraba uburyo bumwebumwe abavyeyi bokoresha ivyaremwe mu kwigisha abana babo ivyerekeye kamere za Yehova.
MWOKWIGISHA GUTE ABANA BANYU MUKORESHEJE IVYAREMWE?
3. Ni igiki abavyeyi bakwiye gufasha abana babo?
3 Ku bijanye n’Imana, Bibiliya ivuga yuko “kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe.” (Rom. 1:20) Bavyeyi, birashoboka ko mukunda gutembera muri kumwe n’abana banyu bakiri bato. Nimukoreshe rero ako karyo kugira ngo mufashe abana banyu kubona ingene “ibintu vyaremwe” bihishura kamere nziza igitangaza za Yehova. Muri uwo muce, reka turabe ingene abavyeyi bokwigana akarorero ka Yezu.
4. Yezu yigishije gute abigishwa biwe akoresheje ivyaremwe? (Luka 12:24, 27-30)
4 Raba ingene Yezu yigishije akoresheje ivyaremwe. Igihe kimwe, yarabwiye abigishwa biwe ngo bitegereze ibikona n’amashurwe y’amalisi. (Soma Luka 12:24, 27-30.) Yezu yari gushobora kuvuga ikindi gikoko canke ikindi giterwa, ariko yahisemwo kuvuga inyoni be n’ishurwe abigishwa biwe bari bazi neza. Abo bigishwa bashobora kuba barabona ibikona biguruka mu kirere be n’amashurwe ariko arashurika. Niwihe ishusho Yezu atunze urutoke ivyo bintu ariko arabibereka. None yaciye akora iki ahejeje kubaha ubwo burorero? Yaciye aha abigishwa biwe icigwa gikomeye, ku bijanye n’ingene Se wiwe wo mw’ijuru ari umunyabuntu kandi atanga cane: Yehova azoronsa abasavyi biwe b’intahemuka ibifungurwa n’ivyambarwa, nk’uko abigirira ibikona n’amashurwe yo mu gahinga.
5. Ni uburorero ubuhe bw’ivyaremwe abavyeyi bokoresha mu kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova?
5 Bavyeyi, mwokwigana gute Yezu mu kwigisha abana banyu? Urashobora kubiganira ibijanye n’icaremwe wewe ubwawe ukunda cane, nk’akarorero, igikoko canke igiterwa kanaka. Nuce ubasigurira ico gihishura ku bijanye na Yehova. Woshobora guca umubaza na we igikoko canke igiterwa akunda cane. Niwakoresha icaremwe umwana wawe asanzwe akunda, hari aho azorushiriza kwumviriza ivyo umubwira ku vyo gihishura kuri kamere za Yehova.
6. Twokwigira iki ku karorero ka nyina wa Christopher?
6 None abavyeyi boba bakwiye kubanza gufata umwanya munini wo kugira ubushakashatsi ku gikoko canke ku giterwa bipfuza gukoresha mu kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova? Si ngombwa. Yezu ntiyatanze insiguro ndende ku bijanye n’ingene ibikona birya canke ku kuntu amashurwe y’amalisi akura. Naho rimwe na rimwe umwana wawe yoshobora kuryoherwa umubwiye vyinshi ku bijanye n’ivyaremwe, hari igihe kubimwereka gusa canke kumubaza ikibazo biba bikwiye kugira ngo atahure icigwa. Raba ivyo umuvukanyi umwe yitwa Christopher yibuka vyabaye mu bwana bwiwe. Avuga ati: “Mawe yarakunda kwivugira amajambo asanzwe kugira ngo adufashe guha agaciro ivyaremwe. Nk’akarorero, igihe twaba turi iruhande y’imisozi, yivugira ati: ‘Ehe ingene iyo misozi ari amahero n’ingene iteye igomwe cane! Emwe, Yehova ni agatangaza!’ Canke na ho igihe twaba turi hafi y’ibahari, yivugira ati: ‘Ndabira inguvu z’iyo mipfunda! Emwe, irerekana ububasha bw’Imana!’” Christopher avuga ati: “Ayo majambo asanzwe mugabo akora ku mutima yaradufashije bimwe bikomeye.”
7. Womenyereza gute abana bawe kuzirikana ku vyaremwe?
7 Uko abana banyu bagenda barakura, murashobora kubamenyereza kuzirikana cane ku vyaremwe be n’ico bibigisha ku bijanye na kamere za Yehova. Woshobora kuvuga kimwe mu vyo Imana yaremye, ugaca ubaza abana bawe uti: “Kikwigisha iki ku vyerekeye Yehova?” Woshobora gutangara wumvise ico bahigiye.—Mat. 21:16.
NI RYARI WOKWIGISHA ABANA BAWE UKORESHEJE IVYAREMWE?
8. Ni akaryo akahe abavyeyi b’Abisirayeli baronka igihe baba bari “ku nzira”?
8 Abavyeyi b’Abisirayeli basabwe kwigisha abana babo amabwirizwa ya Yehova igihe baba bari “ku nzira.” (Gus. 11:19) Muri Isirayeli, inzira zaranyuragira mu gihugu hagati. Umuntu yarashobora kubona ibikoko bitandukanye, inyoni be n’amashurwe. Igihe abagize umuryango baba bariko baraca muri ayo mayira, abavyeyi bararonka akaryo ko kuganira n’abana babo ku vyo Yehova yaremye. Bavyeyi, na mwebwe murashobora kuronka uturyo nk’utwo two kwigisha abana banyu mukoresheje ivyaremwe. Raba ingene abavyeyi bamwebamwe babigenjeje.
9. Wigira iki kuri Punitha na Katya?
9 Inabibondo umwe yitwa Punitha wo mu gisagara kimwe kinini co mu Buhindi, avuga ati: “Igihe tuduze mu gihugu hagati kuramutsa umuryango, duca tubona ko turonse akaryo ko kwigisha abana bacu ibintu bitangaje Yehova yaremye. Nibaza ko abana banje barushiriza gutahura ibijanye n’ivyaremwe iyo bigiwe kure y’igisagara cuzuyemwo uruja n’uruza rw’imiduga n’abantu.” Bavyeyi, abana banyu boshobora kutazokwigera bibagira umwanya mwamaranye muri ahantu habereye ijisho. Mushiki wacu umwe yitwa Katya wo muri Moldaviya, avuga ati: “Ibihe vyankoze ku mutima cane nkiri umwana, ni ivyo namaranye n’abavyeyi banje turi hagati mu gihugu. Ndabakengurukira cane kubona baranyigishije kuva mu bwana gufata umwanya wo kwihweza ivyo Yehova yaremye no kumubona biciye kuri vyo.”
No mu gisagara mwoshobora kuronka ivyaremwe mwokoresha mu kwigisha abana banyu ivyerekeye Yehova (Raba ingingo ya 10)
10. Abavyeyi bokora iki igihe babona ko bitoroshe gufata ingendo kure y’igisagara? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyofasha abavyeyi.”)
10 Bite hoho nimba udashobora kuja hagati mu gihugu? Uwitwa Amol, na we nyene akaba aba mu Buhindi avuga ati: “Aha iwacu, abavyeyi bamara amasaha menshi ku kazi, kandi gufata urugendo uja mu gihugu hagati birazimvye cane. Ariko rero, kuja mu kibanza co kwisamarizamwo canke guteramira ku kabaraza ko hejuru ku nzu, birashobora kudufasha kwihweza ivyaremwe no kuganira kuri kamere za Yehova.” Wihweje neza, urashobora no kubona hafi y’aho uba ivyaremwe bitari bike woshobora kwereka abana bawe. (Zab. 104:24) Woshobora kubona inyoni, udukoko, ibiterwa, eka n’ibindi vyinshi. Uwitwa Karina wo mu Budagi avuga ati: “Kubera ko mawe akunda amashurwe, nkiri agakobwa gatoyi yaranyereka amashurwe meza cane igihe twaba turiko turagendagenda.” Bavyeyi, murashobora no gukoresha amavidewo be n’ibitabu bitari bike bivuga ibijanye n’irema ishirahamwe ryacu ryasohoye kugira ngo ribafashe kwigisha abana banyu. Ego cane, aho woba uba hose, urashobora gufasha abana bawe kwihweza ivyo Imana yaremye. Nimuze ubu na ho turabe kamere zimwezimwe za Yehova mwobwira abana banyu, igihe muganira ku vyaremwe.
‘KAMERE ZA YEHOVA ZITABONEKA ZIRIBONEKEZA NEZA’
11. Abavyeyi bofasha gute abana babo gutahura urukundo rwa Yehova?
11 Kugira ngo mufashe abana banyu kubona urukundo rwa Yehova, murashobora kubabwira ukuntu ibikoko vyitwararikana ikibabarwe utwana twavyo. (Mat. 23:37) Murashobora no kubabwira ubutandukane bwigaragaza mu vyaremwe. Umwe Karina twamara kuvuga, agira ati: “Igihe twaba turiko turagendagenda na mawe, yarandemesha gufata akanya ko kwihweza ingene ishurwe ritandukanye n’irindi, n’ingene ubwiza bwaryo buhishura urukundo rwa Yehova. Naho ubu haciye imyaka myinshi, ndacihweza amashurwe nitonze, nkaraba ubutandukane bwayo, ukuntu ateye be n’amabara yayo. Aguma anyibutsa ko Yehova adukunda cane.”
Murashobora kwigisha abana banyu ibijanye n’ubukerebutsi bw’Imana, mufatiye ku kuntu umubiri wacu uremwe mu buryo butangaje (Raba ingingo ya 12)
12. Abavyeyi bofasha gute abana babo gutahura ubukerebutsi bwa Yehova? (Zaburi 139:14) (Raba n’ishusho.)
12 Fasha abana bawe gutahura ubukerebutsi bw’Imana. Mu vy’ukuri, Yehova ni we afise ubukerebutsi ntangere. (Rom. 11:33) Nk’akarorero, woshobora kubwira abana bawe ingene amazi atumuka akaja mu kirere, mu nyuma agahinduka ibicu vyiruka vyorohewe naho biba biremereye cane. (Yobu 38:36, 37) Woshobora no kubabwira ukuntu umubiri w’umuntu ukozwe mu buryo butangaje. (Soma Zaburi 139:14.) Raba ingene sibibondo umwe yitwa Vladimir yabigenjeje. Avuga ati: “Umusi umwe, agahungu kacu ikinga ryarakanaze gaca karakomereka. Inyuma y’imisi mikeyi igikomere cari cakize. Twe n’umugore wanje, twaciye tugasigurira ko Yehova yaturemanye utugingo ngengabuzima dufise ubushobozi bwo kwisanasana. Twaciye tukabwira ko ikintu nk’ico kitigera kiba mu bintu bihingurwa n’abantu. Nk’akarorero, iyo umuduga ugize isanganya, ntushobora kwisanasana. Ico kintu carafashije agahungu kacu gutahura ubukerebutsi bwa Yehova.”
13. Abavyeyi bofasha gute abana babo gutahura ububasha bw’Imana? (Yesaya 40:26)
13 Yehova adusaba kuraramurira amaso yacu hejuru, maze tukazirikana ku kuntu ububasha bwiwe butangaje butuma ibisyo vyo mu kirere bidatirigana. (Soma Yesaya 40:26.) Urashobora gusaba abana bawe ngo barabe mu kirere maze bazirikane ku vyo babona. Mushiki wacu umwe yitwa Tingting wo muri Tayiwani aratubwira ivyamushikiye mu bwana, ati: “Igihe kimwe, twe na mawe twaravuye mu gisagara tuja gukambika ahantu hatagira amatara, maze mw’ijoro turaraba inyenyeri mu kirere. Ico gihe abo mu runganwe rwanje bariko barangirako akosho kabi, nkaba naribaza nimba nari gushobora kuguma nkorera Yehova ntahemuka. Mawe yaramfashije kuzirikana ku bubasha Yehova yakoresheje mu kurema izo nyenyeri zose, no kwibuka ko ashobora gukoresha ubwo bubasha kugira amfashe kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose. Ico gihe, maze kwihweza ivyaremwe nararushirije kumenya Yehova nongera ndarushiriza kwiyemeza kumukorera.”
14. Abavyeyi bokoresha gute ivyaremwe kugira ngo bafashe abana babo kubona ko Yehova ari Imana ihimbawe?
14 Ivyo Yehova yaremye birerekana ko ari Imana ihimbawe kandi ko yipfuza ko natwe tunezerwa. Abahinga barabonye ko ibikoko vyinshi vyiginagura, ushizemwo inyoni n’amafi. (Yobu 40:20) Abana bawe boba batwenga iyo babonye igikoko kiriko kirakina? Kumbure barabonye akana k’akayabu kariko karakinisha ikintu, canke ibibunda vy’imbwa biriko birakina. Ikindi gihe, abana bawe nibabona ivyo igikoko kiriko kirigira maze bagatwenga, ubona gute uciye ubibutsa ko dukorera Imana ihimbawe?—1 Tim. 1:11.
NIMWIHWEZE IVYAREMWE UKO MUGIZE UMURYANGO
Igihe mwajanye n’abana banyu guhimbarirwa ivyaremwe, boshobora kwumva bisanzuye maze bakabayagira akari ku mutima (Raba ingingo ya 15)
15. Ni igiki cofasha abavyeyi kumenya ivyo abana babo biyumvira? (Imigani 20:5) (Raba n’ishusho.)
15 Rimwe na rimwe, vyoshobora kutorohera abavyeyi kumenya ingorane abana babo bafise. Nimba namwe ari ko biri, vyoshobora kuba ngombwa ko mubasokoroza ivyiyumviro bibarimwo. (Soma Imigani 20:5.) Abavyeyi bamwebamwe basanze biborohera kubigira igihe bariko barihweza ivyaremwe bari kumwe n’abana babo. Uti kubera iki? Kimwe coco, ico gihe ibisamaza biba ari bikeyi, haba ku bavyeyi no ku bana. Sebibondo umwe wo muri Tayiwani yitwa Masahiko, aravuga iyindi mvo. Agira ati: “Igihe dusohotse n’abana bacu, twaba tugiye gutembera mu misozi n’amaguru canke ku nkengera y’ibahari, akenshi baba bumva bisanzuye. Bica bitworohera kubasokoroza tukamenya ivyiyumviro vyabo.” Umwe Katya twamara kuvuga agira ati: “Mvuye kw’ishure, akenshi mawe yaranjana mu kibanza ciza cane co kwisamarizamwo. Kubera ko ndi ng’aho naca numva nisanzuye, vyaranyorohera kumubwira ivyaba vyanshikiye kw’ishure canke ivyaba bimpagaritse umutima.”
16. Abagize imiryango bokora iki kugira ngo bumve baruhuriwe kandi baryohewe n’ivyo Yehova yaremye?
16 Ivyo Yehova yaremye birashobora kandi gutuma abagize imiryango bumva baruhuriwe kandi baryohewe, ivyo bigaca bituma barushiriza gukundana. Bibiliya ivuga ko hari “igihe co gutwenga” “n’igihe co kwikina amatavu.” (Umus. 3:1, 4) Yehova yaraturemeye ibibanza vyiza cane vyo kuryoherererwamwo. Imiryango myinshi irakunda kuja gutembera mu mashamba cimeza, mu gihugu hagati, mu misozi canke ku nkengera z’ikiyaga. Abana bamwebamwe barakunda kwiruka no gukinira mu bibanza vyo kwisamarizamwo, kwihweza ibikoko, kwoga mu nzuzi canke mu kiyaga. Umve nawe utwo turyo twiza igitangaza dufise two kwinovora ivyaremwe igihe tuba twagiye kwisamaza!
17. Kubera iki abavyeyi bakwiye gufasha abana babo guhimbarirwa ivyo Imana yaremye?
17 Mw’isi nshasha y’Imana, abavyeyi be n’abana bazohimbarirwa ivyo Yehova yaremye ku rugero rutigeze rubaho. Ico gihe ntituzotinya ibikoko canke ngo na vyo bidutinye. (Yes. 11:6-9) Tuzohimbarirwa ivyo Yehova yaremye gushika ibihe bidahera. (Zab. 22:26) Ariko rero bavyeyi, ntimurindire ico gihe ngo abe ari ho muzofasha abana banyu gutangura kunezererwa ivyaremwe. Nimwigisha abana banyu ivyerekeye Yehova mukoresheje ivyaremwe, birashoboka ko bazokwiyumva nk’Umwami Dawidi, uwavuze ati: “Ewe Yehova, eka nta n’ibikorwa biriho bimeze nk’ivyawe.”—Zab. 86:8.
URURIRIMBO RWA 134 Abana ni ingabire iva ku Mana
a Abavukanyi na bashiki bacu benshi baribuka ibihe vyiza bamaranye n’abavyeyi babo bariko barihweza ivyaremwe. Ntibigeze bibagira ingene abo bavyeyi babo bakoresha utwo turyo mu kubigisha ivyerekeye kamere za Yehova. Nimba ufise abana, wobigisha gute ibijanye na kamere za Yehova ukoresheje ivyaremwe? Iki kiganiro kiraza kwishura ico kibazo.