Abana bacu ni intoranwa y’agaciro
“Abana ni bo ngabire [canke “intoranwa”, NW] Uhoraho agaba, imbuto zo mu nda ni zo mpēra atanga”.—ZABURI 127:3.
1. Vyagenze gute ngo umwana wa mbere avuke?
RIMBURA ikintu gitangaje Yehova Imana yatumye gishoboka biciye ku kuntu yaremye umugabo n’umugore ba mbere. Se w’umwana na nyina w’umwana ari bo Adamu na Eva, bompi baragize ico batanze kivuye muri bo, gikurira mu mbanyi ya Eva, kivamwo uwundi muntu, ari na we yabaye umwana wa mbere (Itanguriro 4:1). Gushika n’ubu, isamwa ry’umwana be n’ivuka ryiwe biracatujoreza, kandi benshi bavuga ko ico kintu ata ho gitaniye n’igitangaro.
2. Ni kubera iki twovuga ko ibibera mu mbanyi y’umukenyezi ari igitangaro?
2 Mu misi nka 270, akagingo ngengabuzima ka mbere karemaremewe mu nda y’umukenyezi bivuye ku kunywana kw’umubiri wiwe n’uw’umugabo wiwe, karakura kakavamwo ikibondo kigizwe n’utugingo ngengabuzima amamiliyaridi ibihumbi. Ako kagingo ngengabuzima ka mbere usanga gatekeye amakuru akenewe kugira gashobore kuvyara utugingo ngengabuzima tw’ubwoko burenga 200. Hakurikijwe ayo makuru atangaje, akaba arengeye ugutahura kw’abantu, utwo tugingo ngengabuzima tw’urusobangane turakura mu rutonde rubereye no mu buryo bubereye tukavamwo uwundi muntu muzima!
3. Ni kubera iki abantu benshi biyumvira bemera yuko Imana itegerezwa kuba ari yo ituma havuka uwundi muntu muzima?
3 None wovuga ko ari nde vy’ukuri arema ico kibondo? Emwe, nta wundi atari Umwe yatangura kurema ubuzima. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye aya majambo dusanga muri Bibiliya agira ati: “Mumenye yuk’Uhoraho ari we Mana: ni we yaturemye, natwe tur’abiwe” (Zaburi 100:3). Bavyeyi, murazi neza yuko ubuhanga bwanyu atari bwo bwatumye mwibaruka ikibondo c’agaciro nk’ico. Imana y’ubukerebutsi ntangere ni yo yonyene ishobora kuremarema uwundi muntu muzima mu buryo butangaje. Abantu biyumvira baramaze imyaka ibihumbi bitirira Umuremyi Ahambaye ikura ry’umwana mu mbanyi ya nyina. Weho woba umwitirira ico kintu?—Zaburi 139:13-16.
4. Ni akanenge akahe abantu bafise Yehova wewe atoshobora kwigera agira?
4 Ariko none, Yehova yoba ari Umuremyi atagira impuhwe, yapfuye gutanguza gusa urukurikirane rw’ibintu biba mu mubiri bituma umugabo n’umugore bavyara abana? Abantu bamwebamwe usanga batagira impuhwe, ariko Yehova wewe ntiyigera amera gutyo (Zaburi 78:38-40). Muri Zaburi 127:3, Bibiliya ivuga iti: “Abana ni bo ngabire [canke, “intoranwa”, NW] Uhoraho agaba, imbuto zo mu nda ni zo mpēra atanga”. Nimuze turimbure intoranwa ico ari co be n’ico yerekana.
Ni intoranwa bakaba n’impêra
5. Ni kubera iki abana ari intoranwa?
5 Intoranwa ni nk’ingabirano. Akenshi abavyeyi baramara igihe kirekire bita ku rutare kugira abana babo baronke ico bazosigaranako intoranwa. Iyo ntoranwa ishobora kuba igizwe n’amahera, itongo canke ikindi kintu c’agaciro batunze. Uko iyo ntoranwa yoba iri kwose, iba ari ikimenyamenya c’urukundo rw’abavyeyi. Bibiliya ivuga yuko abana ari intoranwa Imana yahaye abavyeyi. Ni ingabirano iranga urukundo iva ku Mana. Nimba uri umuvyeyi, woba ushobora kuvuga ko ivyo ukora vyerekana ko ubona abana bawe nk’ingabirano Umuremyi w’ijuru n’isi yakujeje?
6. Ni umugambi uwuhe watumye Imana iha abantu ubushobozi bwo kuvyara abana?
6 Umugambi watumye Yehova atanga iyo ngabirano wari uw’uko isi ibako abokomotse kuri Adamu na Eva (Itanguriro 1:27, 28; Yesaya 45:18). Yehova ntiyaremye umuntu umwumwe ukwiwe, nk’uko yaremye abamarayika amamiliyoni (Zaburi 104:4; Ivyahishuriwe 4:11). Ahubwo Imana yahisemwo kurema abantu bafise ubushobozi bwo kuvyara abana bobaye basa n’abavyeyi babo, bagatwara agashusho kabo. Ese ingene inabibondo na sebibondo batewe agateka ntangere ko kwibaruka no kubungabunga ico kibondo kiba gihejeje kuvuka! Bavyeyi, mwoba mukurira ubwatsi Yehova kubona abashoboza kuronka iyo ntoranwa y’agaciro?
Igira ku karorero ka Yezu
7. Yezu yerekanye gute ko yitaho “abana b’abantu” be n’uko abababara, atari nka kumwe kw’abavyeyi bamwebamwe?
7 Ikibabaje, si abavyeyi bose babona ko abana ari impêra. Benshi bababara buhoro abana babo. Abavyeyi mwene abo ntibabona ibintu nk’uko Yehova n’Umwana wiwe babibona (Zaburi 27:10; Yesaya 49:15). Zirikana ku kuntu Yezu wewe yitwararika abana. N’imbere y’uko aza kw’isi ari umuntu nkatwe, ni ukuvuga igihe yari ikiremwa c’impwemu gikomeye mw’ijuru, Bibiliya ivuga yuko “[yah]imbarwa n’abana b’abantu” (Imigani 8:31). Urukundo yakunda abantu rwari rwinshi gushika n’aho yemera gutanga ubuzima bwiwe kw’incungu kugira dushobore kuronka ubuzima budahera.—Matayo 20:28; Yohana 10:18.
8. Yezu yahaye gute abavyeyi akarorero keza?
8 Igihe Yezu yari kw’isi, yarahaye abavyeyi akarorero keza bimwe bidasanzwe. Zirikana ku vyo yakoze. Yaramarana umwanya n’abana, mbere n’igihe yaba afise vyinshi akora kandi akaba ari mu maganya. Yarabitegereza bariko barakinira mu kaguriro maze agakoresha imice imwimwe y’inyifato yabo mu kwigisha (Matayo 11:16, 17). Igihe Yezu yagira urugendo rwa nyuma i Yeruzalemu, yari azi ko yobabajwe hanyuma akicwa. Igihe rero abantu bazana utwana ngo tumurabe, abigishwa ba Yezu baragerageje kutwigizayo, kumbure kugira ntagire amaganya yiyongereye. Ariko Yezu yarakariye abigishwa biwe. Mu kwerekana ko “ahimbarwa” rwose n’abana, yavuze ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze”.—Mariko 10:13, 14.
9. Ni kubera iki ivyo dukora bishobora kuba bihambaye rwose kuruta ivyo tuvuga?
9 Turashobora kwigira ku karorero ka Yezu. Iyo abana baje aho turi, tubakira gute naho nyene twoba dufise vyinshi dukora? Twoba tubakira nk’uko Yezu yabakira? Ivyo abana bakeneye, na canecane ku bavyeyi babo, ni bimwe nyene Yezu yashaka kubaha: yarabahebeye umwanya yongera arabitwararika. Ego ni ko, amajambo nka “ndagukunda” arahambaye. Ariko imvugo irutwa n’ingiro. Urukundo rwawe ntirubonekera gusa mu vyo uvuga ariko canecane rubonekera mu vyo ukora. Rubonekera ku mwanya uhebera abana bawe, ku kuntu ubitwararika no ku kungene ubabungabunga. Ariko rero, ushobora gukora ivyo vyose mugabo ntibivemwo ivyiza biboneka, canke naho vyoza, ntibinyaruke nk’uko wari uvyiteze. Bisaba ukwihangana. Turashobora kwiga kwihangana mu gihe twiganye ukuntu Yezu yafata abigishwa biwe.
Ukwihangana kwa Yezu be n’urukundo rwiwe
10. Yezu yigishije gute abigishwa biwe icigwa ku vy’ukwicisha bugufi, ariko mu ntango vyashitse ku ki?
10 Yezu yari azi ko abigishwa biwe baguma bahiganirwa ubukuru. Umusi umwe, amaze gushika i Kaperinawumu ari kumwe n’abigishwa biwe, yababajije ati: “Mwāhārīra ibiki mu nzira? Barīhorera, kuko mu nzira [bari bamye] bāhārīra umukuru wabo uw’ari we”. Aho guca abaryagagura, Yezu yarihanganye arabaha akarorero gafadika kugira ngo abigishe kwicisha bugufi (Mariko 9:33-37). Koba karashitse ku co yarondera? Ntikaciye kagishikako ubwo nyene. Haciye amezi nk’atandatu, Yakobo na Yohani baragobereye nyina wabo ngo abasabire Yezu ibibanza vy’imbere mu Bwami. Yezu yarongeye arihangana arakosora ivyiyumviro vyabo.—Matayo 20:20-28.
11. (a) Ni igikorwa ikihe cari gisanzwe kigirwa intumwa za Yezu zitakoze aho zishikiye mu cumba co hejuru ziri kumwe na Yezu? (b) Yezu yaciye akora iki, kandi utwigoro twiwe hoba hari ico twavuyemwo ico gihe?
11 Pasika yo mu 33 G.C. ntiyatevye gushika, nuko Yezu akoranira hamwe n’intumwa ziwe gusa kugira bayihimbaze. Bashitse mu cumba co hejuru, nta n’umwe muri za ntumwa 12 yibwirije gukora igikorwa cari gisanzwe gikorwa co kwoza abandi ibirenge vyaba vyuzuyeko inkungugu, kikaba cari igikorwa giciye bugufi cakorwa n’umugurano canke umusukukazi (1 Samweli 25:41; 1 Timoteyo 5:10). Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarababaje Yezu kubona abigishwa biwe babandanya kwerekana ko baharanira ibibanza n’ubukuru! Yezu yaciye yoza ibirenge umwumwe wese maze abasaba ashimitse ngo bigane akarorero kiwe ko gukorera abandi (Yohana 13:4-17). Boba baramwiganye? Bibiliya ivuga yuko mu nyuma kuri uwo mugoroba nyene haciye “havyuka muri bo umuhazuko ngo ni nde mukuru muri bo”.—Luka 22:24, UB.
12. Abavyeyi bokwigana Yezu gute mu rugamba rwo kurera abana babo?
12 Bavyeyi, igihe abana banyu badakurikije impanuro mubahaye, mwoba muca mwibuka ingene Yezu ategerezwa kuba yumvise amerewe? Mwibuke ko Yezu ataciye aheberana intumwa ziwe, naho zitihutira gukosora amakosa yazo. Ukwihangana kwiwe amaherezo kwaravuyemwo ivyiza (1 Yohana 3:14, 18). Bavyeyi, vyoba vyiza mwiganye urukundo rwa Yezu be n’ukwihangana kwiwe, ntimwigere mutana n’akabando mu rugamba rwo kurera abana banyu.
13. Ni kubera iki umuvyeyi adakwiye kuzibagiza umwana ku bibazo aba abajije?
13 Abana barakeneye kumenya ko abavyeyi babo babakunda be n’uko babitwararika. Yezu yarashaka kumenya ivyo abigishwa biwe biyumvira, ari na co gituma yatega ugutwi igihe baba bafise ibibazo. Yarababaza ico biyumvira ku bintu bimwebimwe (Matayo 17:25-27). Erega ni vyo, kwigisha neza birimwo gutega yompi no kwitwararika bivuye ku mutima abo wigisha. Umuvyeyi akwiye kunanira agatima kose ko gushaka kuzibagiza umwana ariko abaza ikibazo, mu kumukankamira ngo: “Mva iruhande! Ntubona ko mfatiriwe?”. Nimba umuvyeyi afatiriwe vy’ukuri, uwo mwana akwiye kubwirwa ko ico kibazo baza kukiyaga hanyuma. Abavyeyi bategerezwa guca bagira uko bashoboye kugira ico kibazo cihwezwe. Aho ni ho uwo mwana azokwumva ko umuvyeyi amwitwararitse koko, kandi bizorushiriza kumworohera kwitura nya muvyeyi.
14. Abavyeyi bokwigira iki kuri Yezu ku bijanye no guserura igishika bafitiye abana babo?
14 Abavyeyi boba boshobora guserura mu buryo bubereye igishika bafitiye abana babo mu kubakikiza amaboko no mu kubagumbira? N’aha nyene abavyeyi barashobora kugira ico bigiye kuri Yezu. Bibiliya ivuga yuko ‘yareze abana, akabahezagira abarambitseko ibiganza’ (Mariko 10:16). Wiyumvira ko abo bana bumvise bamerewe gute? Nta gukeka baragize akamwemwe mu mutima maze bumva bakunze Yezu! Igihe hari igishika kivuye ku mutima be n’urukundo nyakuri hagati ya mwebwe abavyeyi n’abana banyu, bano bizorushiriza kuborohera kwemera indero be n’inyigisho mugerageza kubaha.
Umwanya mukwiye kumarana
15, 16. Ni iciyumviro ikihe gihurumbirwa na benshi mu vy’ukurera abana, kandi biboneka ko candurutse ku ki?
15 Hari abibajije nimba abana vy’ukuri bakeneye ko abavyeyi babahebera umwanya munini be n’uko babitwararikana urukundo. Iciyumviro catsimbatajwe ku rwenge mu vy’ukurera abana, ni kimwe bita ngo ni umwanya ukoreshejwe neza. Nk’uko abashigikira ico ciyumviro babivuga, ngo abana ntibakeneye ko abavyeyi babahebera umwanya munini, ngo umwanya muto bamarana na bo ukira gusa gukorwamwo ibintu vy’ingirakamaro, ngo ube wateguwe neza kandi wategekanijwe imbere y’igihe. Ico ciyumviro c’umwanya ukoreshejwe neza coba ari ciza? Coba cashitsweko hiyumviriwe ineza y’abana?
16 Umwanditsi umwe yaganiriye n’abana benshi yavuze ko ico bari “bakeneye kuruta ibindi vyose ku bavyeyi babo kwari ukumarana umwanya munini na bo” no “kubitwararika ata kindi babangikanije”. Ntibitangaje rero kubona hari umwigisha umwe wo kuri kaminuza yavuze ati: “Imvugo ngo [umwanya ukoreshejwe neza] yatsimbataye bivuye ku kwiyagiriza kw’abavyeyi. Abantu bariko bararondera icitwazo co kuza baramarana umwanya muto n’abana babo”. None abavyeyi bakwiye kumarana umwanya ungana gute n’abana babo?
17. Ni igiki abana bakeneye ku bavyeyi babo?
17 Uwo mwanya Bibiliya nta wo ivuga. Ariko rero, abavyeyi b’Abisirayeli bari bahimirijwe kuyaga n’abana babo igihe bari mu nzu, igihe bariko baragenda mu nzira, igihe baryamye be n’igihe bavyutse (Gusubira mu vyagezwe 6:7). Ivyo nta gukeka bisobanura ko abavyeyi bakeneye kuyaga n’abana no kwama babigisha ku musi ku musi.
18. Yezu yakoresha neza gute uturyo yaba aronse kugira yigishe abigishwa biwe, kandi abavyeyi bovyigirako iki?
18 Yezu yaramenyereza abigishwa biwe bikagenda neza igihe yaba ariko asangira na bo, afatanye na bo ingendo, eka mbere n’igihe yaba ariko yiruhurira hamwe na bo. Yaca akoresha neza akaryo kose aronse kugira abigishe (Mariko 6:31, 32; Luka 8:1; 22:14). Abavyeyi bakirisu na bo nyene barakwiye gukoresha akaryo kose baronse kugira bashireho bongere bazigame uguseruriranira akari ku mutima n’abana babo, no kugira ngo babarerere mu nzira za Yehova.
Ivyo twobigisha n’ingene twobibigisha
19. (a) Ni igiki kandi gikenewe uretse ukumarana umwanya n’abana? (b) Ni ibiki abavyeyi bakeneye canecane kwigisha abana?
19 Kumarana umwanya n’abana canke mbere kubigisha vyonyene ntibihagije nimba dushaka kubarera neza. Ikindi kintu gihambaye ni ivyo tubigisha. Raba ingene Bibiliya ishimika ku vyo bakwiye kwigishwa. Ivuga iti: “Ayo [majambo] mbageze uyu musi, . . . [“mutegerezwa kuyinjiza mu”, NW] bana banyu”. ‘Ayo majambo’ abana bakwiye kwigishwa ni ayahe? Birumvika ko ari amajambo yari ahejeje kuvugwa, ari yo y’aya: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose” (Gusubira mu vyagezwe 6:5-7). Yezu yavuze ko iryo ari ryo bwirizwa rihambaye kuruta ayandi mabwirizwa y’Imana yose (Mariko 12:28-30). Abavyeyi barakeneye canecane kwigisha abana ivyerekeye Yehova, bakabasigurira igituma ari we wenyene abereye ko tumukunda tukongera tukamuyobokera n’ubugingo bwacu bwose.
20. Ni ibiki Imana yari yategetse abavyeyi ba kera kwigisha abana babo?
20 Ariko rero, ‘ayo majambo’ abavyeyi bahimirizwa kwigisha abana babo ntagarukira ku gukunda Imana n’ubugingo bwabo bwose vyonyene. Urabona yuko mu kigabane co Gusubira mu vyagezwe c’imbere y’ico, Musa yasubiyemwo vya vyagezwe Imana yandika ku bisate vy’amabuye, ni ukuvuga ya Mabwirizwa Cumi. Ivyo vyagezwe birimwo amabwirizwa abuza kubesha, kwiba, kwica no kurenga ibigo (Gusubira mu vyagezwe 5:11-22). Abavyeyi bo mu bihe vya kera rero barafashijwe kubona ko bikenewe kwigisha abana babo inyifato runtu. Abavyeyi bakirisu muri iki gihe barakwiye guha abana babo inyigisho nk’iyo nyene nimba bashaka kubafasha kuzogira kazoza keza kandi gahimbaye.
21. Itegeko ryo “kwinjiza” ijambo ry’Imana mu bana ryashaka kuvuga iki?
21 Urabona ko abavyeyi babwirwa ingene bategerezwa kwigisha abana babo ‘ayo majambo’ canke ayo mabwirizwa. Babwirwa bati: “Mutegerezwa kuyinjiza mu bana banyu”. Ijambo ryahinduwe ngo “kwinjiza” risobanura “kwigisha umuntu no kumufasha gutahura mu kuguma umusubiriramwo canke umukebura: guhimiriza canke gushimangira mu bwenge”. Imana rero ni nk’aho iriko ibwira abavyeyi gushiraho urutonde ruringanijwe neza rwo kwiga Bibiliya bafise intumbero itomoye yo gushimangira ibintu vy’impwemu mu mizirikanyi y’abana babo.
22. Abavyeyi b’Abisirayeli basabwe gukora iki kugira bigishe abana babo, kandi ivyo vyasigura iki?
22 Urutonde nk’urwo rutegekanijwe imbere y’igihe rusaba ko abavyeyi bibwiriza. Bibiliya ivuga iti: “[“Ayo majambo”, canke ayo mabwirizwa y’Imana] muze muyahambire ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu. Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku bikingi vy’amarembo” (Gusubira mu vyagezwe 6:8, 9). Ivyo ntibisigura ko abavyeyi bakwiye gufata ikaramu bakandika ivyagezwe vy’Imana ku bishimaryango no ku marembo, gufata umugozi bagahambira ikopi yavyo ku maboko y’abana babo, canke kumadika ikopi yavyo hagati y’amaso yabo. Ahubwo iciyumviro kiri ngaho ni uko abavyeyi bakwiye kwamiza inyigisho z’Imana imbere y’abana babo. Abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo mu buryo budahorereza kandi budahindagurika, bikamera nk’aho inyigisho ziva ku Mana zama ziri aho imbere y’abana igihe cose.
23. Ni ibiki bizokwihwezwa mu cigwa co mu ndwi iza?
23 Ibintu bimwebimwe bihambaye rwose abavyeyi bakeneye kwigisha abana babo ni ibihe? Ni kubera iki bihambaye muri iki gihe ko abana bigishwa kwikingira bakongera bakabimenyerezwa? Ni imfashanyo iyihe ihari ubu abavyeyi bokwikorako kugira bashobore kwigisha neza abana babo? Ivyo bibazo hamwe n’ibindi biraje ishinga abavyeyi benshi bizokwihwezwa mu kiganiro gikurikira.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki abavyeyi bakwiye kubona ko abana babo ari ab’agaciro?
• Abavyeyi hamwe n’abandi bashobora kwigira iki kuri Yezu?
• Abavyeyi bakwiye guhebera abana babo umwanya ungana gute?
• Abana bakwiye kwigishwa ibiki, kandi iyo nyigisho ikwiye gutangwa gute?
[Ifoto ku rup. 10]
Abavyeyi bashobora kwigira iki ku kuntu Yezu yigisha?
[Ifoto ku rup. 11]
Abavyeyi b’Abisirayeli bari kwigisha abana babo ryari, kandi bari kubigisha gute?
[Ifoto ku rup. 12]
Abavyeyi bakwiye kwamiza inyigisho z’Imana imbere y’abana babo