IKIGANIRO C’UKWIGA CA 48
Niwizigire ko Yehova azogufasha mu bihe bitoroshe
«“Nimukomere, . . . kuko ndi kumwe namwe,” ni ko Yehova Nyeningabo avuze.»—HAG. 2:4.
URURIRIMBO RWA 118 «Twongereze ukwizera»
INCAMAKEa
1-2. (a) Uko ivyacu vyifashe muri iki gihe, bifitaniye isano gute n’uko ivy’Abayuda basubiye i Yeruzalemu vyari vyifashe? (b) Nuvuge muri make ingorane zimwezimwe zashikiye Abayuda. (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Mu gihe ca Hagayi, Zakariya na Ezira.»)
VYOBA bihora bishika ugahagarika umutima ku bijanye na kazoza? Kumbure waratakaje akazi, ubu ukaba utabona ingene uzotunga umuryango wawe. Ushobora kuba urajwe ishinga n’uko umuryango wawe udatekaniwe kubera ingorane z’ivya politike, uruhamo, canke ukuburabuzwa mu gikorwa cacu co kwamamaza. Muri izo ngorane, hoba hariho iyiriko iragushikira? Nimba iriho, kurimbura ingene Yehova yafashije Abisirayeli bari bafise ingorane nk’izo nyene, biraza kukuremesha.
2 Abayuda bari babaye i Babiloni ubuzima bwabo bwose, vyabasavye ukwizera kugira ngo bahebe ubuzima bwiza barimwo, bagafata urugendo berekeza mu gihugu abenshi muri bo batari bazi. Bagezeyo, ntibatevye kumererwa nabi bivuye ku ngorane z’ivy’ubutunzi, iz’ivya politike, eka mbere no ku ruhamo. Ivyo vyatumye bamwebamwe bacika intege mu gikorwa co gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova. Ni co gituma nko mu 520 imbere ya Kristu, Yehova yaciye arungika abahanuzi babiri, ari bo Hagayi na Zakariya, kugira ngo baremeshe abantu gusubira kugira umwete. (Hag. 1:1; Zak. 1:1) Nk’uko tuza kubibona, indemesho bahawe n’abo bahanuzi zaravuyemwo ivyiza vyinshi. Ariko rero haciye nk’imyaka 50, abo Bayuda barasubiye gucika intege. Ico gihe, Ezira uwari asanzwe ari umwanditsi w’umuhinga mu bijanye n’amategeko y’Imana, yaciye ava i Babiloni aja i Yeruzalemu kugira aremeshe abasavyi b’Imana gushira imbere ugusenga kw’ukuri.—Ezr. 7:1, 6.
3. Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe? (Imigani 22:19)
3 Nk’uko nyene ubuhanuzi Hagayi na Zakariya bavuze bwafashije abasavyi ba Yehova kuguma bamwizigiye mu gihe bariko bararwanywa, ni ko no muri iki gihe bushobora kudufasha kuguma twizigiye ko Yehova azotuba hafi mu ngorane ducamwo mu buzima. (Soma Imigani 22:19.) Tugiye guca irya n’ino ubutumwa bw’Imana Hagayi na Zakariya bashikirije be n’akarorero ka Ezira, duce twishura ibi bibazo: Ingorane z’ubuzima zashikiye Abayuda basubiye mu gihugu iwabo, zabagizeko ingaruka izihe? Kubera iki dukwiye kuguma dukora ivyo Yehova agomba igihe ubuzima butoroshe? Vyongeye, tworushiriza gute kwizigira Yehova mu bihe vy’ingorane?
INGENE INGORANE Z’UBUZIMA ZAGIZE INGARUKA KU BAYUDA BASUBIYE IWABO
4-5. Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye Abayuda batakaza umwete wo gusubira kwubaka urusengero?
4 Abayuda basubiye i Yeruzalemu bari bafise ibikorwa vyinshi. Bagishikayo, baciye bihutira kwubaka igicaniro ca Yehova n’umushinge w’urusengero. (Ezr. 3:1-3, 10) Ariko rero uwo mwete wabo ntiwatevye kuyama. Uti kubera iki? Uretse kwubaka urusengero, bategerezwa no kwubaka amazu yabo, kurima amatongo yabo, no kurondera ibitunga imiryango yabo. (Ezr. 2:68, 70) Vyongeye, bararwanijwe n’abansi babo bari bateguye umugambi wo guhagarika ico gikorwa co kwubaka urusengero.—Ezr. 4:1-5.
5 Abo Bayuda barahungabanijwe kandi n’ingorane z’ivy’ubutunzi be n’iz’ivya politike. Ico gihe, igihugu cabo cari gisigaye gitwarwa n’Inganji y’Ubuperesi. Igihe Kuro umwami w’Ubuperesi yapfa mu 530 imbere ya Kristu, uwamusubiriye ari we Kambize, yaciye ategura igitero co kwigarurira Misiri. Igihe ingabo ziwe zaba zigiye muri ico gitero, birashoboka ko zasaba Abisirayeli ibifungurwa, amazi be n’uburaro, ivyo bikaba vyatumye ubuzima burushiriza kubagora. N’ikindi kandi, imyaka ya mbere y’uwasubiriye Kambize, ari we Dariyo wa mbere, yaranzwe n’imigumuko be n’uruhagarara mu vya politike. Nta nkeka ko ivyo vyatumye Abayuda benshi bari bagarutse i Yeruzalemu bahagarika imitima ku bijanye n’ingene botunga imiryango yabo. Izo ngorane zose zari zibakoraniyeko, zatumye Abayuda bamwebamwe biyumvira ko igihe co gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova kitari bwagere.—Hag. 1:2.
6. Twisunze Zakariya 4:6, 7, Abayuda bari bahanzwe n’iyindi ngorane iyihe, kandi Zakariya yabahumurije gute?
6 Soma Zakariya 4:6, 7. Uretse ingorane z’ivy’ubutunzi be n’uruhagarara mu vya politike, Abayuda bari bahanzwe kandi n’uruhamo. Mu 522 imbere ya Kristu, abansi babo barashoboye gushiraho itegeko ryababuza gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova. Ariko rero Zakariya yararemesheje Abayuda ko Yehova yokoresheje impwemu yiwe y’ububasha, kugira ngo akureho ikintu cose cobabereye intambamyi. Mu 520 imbere ya Kristu, umwami Dariyo yaciye akuraho rya tegeko ryababuza kwubaka urusengero, aranabaha amahera yo gushigikira ico gikorwa yongera ategeka na ba buramatari biwe kubashigikira.—Ezr. 6:1, 6-10.
7. Abayuda basubiye i Yeruzalemu bironkeye imihezagiro iyihe igihe bashira imbere ivyo Imana igomba?
7 Yehova abicishije kuri Hagayi na Zakariya, yarasezeraniye abasavyi biwe ko yobashigikiye baramutse bashize imbere igikorwa co gusubira kwubaka urusengero. (Hag. 1:8, 13, 14; Zak. 1:3, 16) Abo bahanuzi barateye intege Abayuda, maze mu 520 baca basubira kuri ca gikorwa co gusubira kwubaka urusengero, kandi mu myaka idashika itanu bari bakirangije. Kubona Abayuda barashize imbere gukora ivyo Imana igomba naho bari bahanzwe n’ingorane, vyatumye Yehova abashigikira, haba mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Ivyo vyatumye basenga Yehova banezerewe.—Ezr. 6:14-16, 22.
NUGUME USHIRA IMBERE IVYO IMANA IGOMBA
8. Ibivugwa muri Hagayi 2:4 bidutera intege gute kuguma dukora ivyo Imana igomba? (Raba n’akajambo k’epfo.)
8 Uko ya makuba akomeye arushiriza kwegereza, ni ko turushiriza kubona ko bihambaye kugamburuka itegeko ryo kwamamaza inkuru nziza. (Mrk. 13:10) Ariko rero, igihe turi mu ngorane z’ivy’ubutunzi, canke igihe igikorwa cacu co kwamamaza kiriko kiraburabuzwa, vyoshobora kutugora kuguma twituniye kuri ico gikorwa. Ni igiki none codufasha kuguma dushira imbere ivy’Ubwami? Ni ukuguma twizigira ko «Yehova Nyeningabo»b ari kumwe natwe. Azodushigikira nitwabandanya dushira imbere ivyungura Ubwami bwiwe, aho gushira imbere ivyacu. Kubw’ivyo rero, nta na kimwe gikwiye kudutera ubwoba.—Soma Hagayi 2:4.
9-10. Umugabo umwe n’umugore wiwe biboneye gute ko ibivugwa muri Matayo 6:33 ari ukuri?
9 Rimbura akarorero ka Oleg n’umugore wiwe Irinac, bakaba ari abatsimvyi. Igihe bimukira mu kandi karere gufasha ishengero ryari mu nkenero, baratakaje akazi kubera ko ivy’ubutunzi vyaguma vyunyuka mu gihugu iwabo. Naho bamaze nk’umwaka bakora akazi kadafashe, bagumye bibonera ukuntu Yehova abashigikira, kandi rimwe na rimwe abavukanyi baza barabafasha. None ni igiki cabafashije muri izo ngorane? Naho Oleg yabanje guta umutwe, avuga ati: «Kumara umwanya munini mu ndimiro vyaradufashije kugumiza umutima ku bihambaye cane mu buzima.» Igihe cose we n’umugore wiwe bariko bararondera akazi, bagumye ari abanyamwete mu ndimiro.
10 Umusi umwe bavuye mu ndimiro, basanze hari umugenzi somambike yari yagize urugendo rw’ibilometero 160 abazaniye amasaho abiri y’ibifungurwa. Oleg avuga ati: «Uwo musi, twarasubiye kwibonera ingene Yehova be n’ishengero batwitwararika cane. Turazi neza ko Yehova atigera yibagira abasavyi biwe, naho bobo boba babona ko bageze habi.»—Mat. 6:33.
11. Ni igiki twokwizigira hamwe twoshira imbere ivy’Imana igomba?
11 Yehova yiteze ko dushira imbere ca gikorwa kirokora ubuzima co guhindura abantu abigishwa. Nk’uko twabibonye mu ngingo ya 7, Hagayi yahimirije abasavyi ba Yehova gukura amaboko mu mpuzu bagasubira ku gikorwa co kwubaka urusengero. Babigize, Yehova yabasezeraniye «kubahezagira.» (Hag. 2:18, 19) Na twebwe turizigira ko Yehova azohezagira akigoro kacu nitwashira imbere igikorwa yadushinze.
INGENE TWORUSHIRIZA KWIZIGIRA YEHOVA
12. Kubera iki Ezira be n’Abayuda bagenziwe bari kumwe mu bunyagano, bari bakeneye kugira ukwizera gukomeye?
12 Mu 468 imbere ya Kristu, Ezira yarafashe urugendo rwo kuva i Babiloni aja i Yeruzalemu ari kumwe n’umugwi ugira kabiri w’Abayuda. Kugira ngo abo Bayuda bagire urwo rugendo, vyasaba ko bagira ukwizera gukomeye. Bociye mu mabarabara ateye akaga, batwaye inzahabu n’ifeza vyinshi cane vyari vyatanzwe ngo bibe intererano y’urusengero. Ivyo vyari gutuma ibisuma bibategerera mu nzira. (Ezr. 7:12-16; 8:31) Ikigeretseko, basanze n’igisagara ca Yeruzalemu ubwaco kitagira umutekano. Carimwo abantu bakeyi kandi basabagiye hirya no hino, impome zaco n’amarembo yaco na vyo nyene bikaba vyari bikenewe gusanurwa. None twigira iki kuri Ezira ku bijanye no kurushiriza kwizigira Yehova?
13. Ni ibiki vyatumye Ezira arushiriza kwizigira Yehova? (Raba n’akajambo k’epfo.)
13 Ezira yari yariboneye ingene Yehova yafashije abasavyi biwe mu bihe bigoye. Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, ni ukuvuga mu 484 imbere ya Kristu, Ezira ashobora kuba yaba i Babiloni igihe umwami Ahasuwerusi yatanga itegeko ryo guhonya Abayuda bose mu nganji yose y’Ubuperesi. (Est. 3:7, 13-15) Ezira yari mu kaga. Ico gihe, Abayuda bo «mu ntara zose» baciye bisonzesha n’umubabaro mwinshi, baratakambira Yehova ngo ababwire ico bokora. (Est. 4:3) Iyumvire ingene Ezira n’Abayuda bagenziwe banezerewe igihe abari bateguye umugambi wo kubahonya ari bo vyasubirako bakahasiga ubuzima! (Est. 9:1, 2) Ivyo Ezira yiboneye muri ivyo bihe bitoroshe, bitegerezwa kuba vyaramuteguye ku bw’ingorane zomushikiye, bikongera bigatuma arushiriza kwizigira ko Yehova afise ububasha bwo gukingira abasavyi biwe.d
14. Ni icigwa ikihe mushiki wacu umwe yize igihe Yehova yamufasha mu bihe bigoye?
14 Igihe twiboneye ingene Yehova adushigikira mu bihe bigoye, duca turushiriza kumwizigira. Raba akarorero ka mushiki wacu yitwa Anastasia aba mu Buseruko bwa Buraya. Yarahevye akazi kubera ko abo bakorana bariko baramuhatira kugira uruhara mu vya politike. Avuga ati: «Bwari bwo bwa mbere mbaho ntagira n’ifaranga na rimwe.» Aca yongerako ati: «Naciye nsenga Yehova, mu nyuma ndibonera ingene anyitwararikana urukundo. Nivyashika ngasubira gutakaza akazi, sinzohagarika umutima. Nimba Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru ariko aranyitwararika ubu, n’ikindi gihe ndazi ko atazompeba.»
15. Ni igiki cafashije Ezira kuguma yizigira Yehova? (Ezira 7:27, 28)
15 Ezira yariboneye ukuboko kwa Yehova mu buzima bwiwe. Ezira azirikanye ku bihe Yehova yagiye aramufasha, nta nkeka ko vyatumye aguma amwizigira. Urabona ko yavuze ngo «Yehova Imana yanje yari kumwe nanje.» (Soma Ezira 7:27, 28.) Ezira yakoresheje imvugo nk’iyo incuro zitandatu mu gitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe.—Ezr. 7:6, 9; 8:18, 22, 31.
Ni ryari twoshobora kwibonera ukuboko kw’Imana mu buzima bwacu? (Raba ingingo ya 16)e
16. Ni ryari twoshobora kwibonera neza ukuboko kwa Yehova mu buzima bwacu? (Raba n’ishusho.)
16 Yehova arashobora kudufasha igihe turi mu bintu bitoroshe. Nk’akarorero, igihe dusaba ikonji umukoresha wacu kugira ngo twitabe ihwaniro, canke tukamusaba ngo aduhindurire urutonde rw’akazi kugira ngo dushobore kwitaba amakoraniro yose, tuba turonse akaryo ko kwibonera ukuboko kwa Yehova mu buzima bwacu. Ibintu birashobora kugenda neza tugatangara. Ivyo bica bituma turushiriza kwizigira Yehova.
Ezira ariko aririra ku rusengero yongera asenga, kubera ko atuntujwe n’ibicumuro vy’Abayuda bagenziwe. Abantu isinzi na bo nyene baca barira. Shekaniya aca aremesha Ezira, ati: «Haracariho icizigiro kuri Isirayeli. . . . Turi inyuma yawe.»—Ezr. 10:2, 4 (Raba ingingo ya 17)
17. Ezira yerekanye gute ukwicisha bugufi mu bihe bitoroshe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)
17 Ezira yararondeye gufashwa na Yehova abigiranye ukwicisha bugufi. Igihe cose Ezira yaba ahagaritswe umutima n’ibikorwa yategerezwa gukora, yaca yitura Yehova mw’isengesho yicishije bugufi. (Ezr. 8:21-23; 9:3-5) Kuba Ezira yarizigira Yehova, vyatumye abandi bamushigikira bongera barigana ukwizera kwiwe. (Ezr. 10:1-4) Igihe turajwe ishinga n’ivyo dukeneye ku mubiri canke ukumererwa neza kw’umuryango wacu, turakwiye gusenga Yehova twizigiye ko atwumva.
18. Ni igiki codufasha kurushiriza kwizigira Yehova?
18 Iyo twicishije bugufi tukarondera gufashwa na Yehova be n’abo dusangiye ukwizera, biratuma turushiriza kumwizigira. Inabibondo umwe w’abana batatu yitwa Erika, yagumye yizigiye Yehova n’igihe yari afise intuntu ikomeye yo kubura abiwe. Mu gihe gito cane, imbanyi yari afise yarakorotse yongera abura umugabo wiwe yikundira. Asubije amaso inyuma, avuga ati: «Ntushobora kumenya imbere y’igihe ingene Yehova azogufasha. Arashobora kubigira mu buryo utari witeze. Nahavuye nsanga menshi mu masengesho nagiye ndamutura yayishuye biciye ku majambo nabwirwa n’abagenzi banje no ku vyo bankorera. Iyo mbwiye abagenzi banje ibindaje ishinga, bica biborohera kumfasha.»
NUGUME WIZIGIYE YEHOVA GUSHIKA KW’IHEREZO
19-20. Ni icigwa ikihe dukura ku Bayuda bitakunze ko basubira i Yeruzalemu?
19 Turashobora no gukura icigwa gikomeye ku Bayuda bitakunze ko basubira i Yeruzalemu. Bamwebamwe babitumwe n’ubusaza, indwara zikomeye canke ayandi mabanga yo mu muryango. Naho ari ukwo, barashigikiye n’umutima ukunze abasubiyeyo, mu gutanga intererano zari kubafasha mu gikorwa co gusubira kwubaka urusengero. (Ezr. 1:5, 6) Biboneka ko haciye imyaka nka 19 umugwi wa mbere w’Abayuda usubiye i Yeruzalemu, abari basigaye i Babiloni bari bakirungika i Yeruzalemu intererano zabo zivuye ku mutima.—Zak. 6:10.
20 Naho twoba tubona ko ata vyinshi dushoboye mu gikorwa c’Imana, turizigira tudakeka ko Yehova ashima akigoro kose tugira kugira ngo tumuhimbare. Tuvyemezwa n’iki? Mu gihe c’umuhanuzi Zakariya, Yehova yaramusavye gukora urugori akoresheje inzahabu n’ifeza vyari vyarungitswe n’abari mu bunyagano i Babiloni. (Zak. 6:11) Urwo «rugori ruhambaye» rwobaye «icibutso» c’izo ntererano batanze babikuye ku mutima. (Zak. 6:14, akajambo k’epfo.) Ivyo biradukura amazinda ko Yehova atazokwigera yibagira akigoro tugira tubikuye ku mutima kugira ngo tumukorere mu bihe bitoroshe.—Heb. 6:10.
21. Ni igiki kizodufasha kuguma dutekanye muri kazoza?
21 Nta nkeka ko muri iyi misi ya nyuma tuzoguma dushikirwa n’ibintu bitoroshe, kandi muri kazoza birashobora no kuzokwongerekana. (2 Tim. 3:1, 13) Ariko rero, ntidukwiye guhagarika umutima birenze. Niwibuke ivyo Yehova yabwiye abasavyi biwe bo mu gihe ca Hagayi, ati: «Ndi kumwe namwe . . . Ntimutinye.» (Hag. 2:4, 5) Na twebwe turizigira ko Yehova azoguma ari kumwe natwe, igihe cose tuzoba turiko turihatira gukora ivyo agomba. Nitwashira mu ngiro ivyigwa twigiye ku buhanuzi bwa Hagayi na Zakariya be no ku karorero ka Ezira, tuzoguma twizigira Yehova naho muri kazoza twoshikirwa n’ibintu bigoye gute.
URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!
a Iki kiganiro kiza kudufasha kurushiriza kwizigira Yehova igihe ivy’ubutunzi vyifashe nabi, igihe hari uruhagarara mu vya politike, canke igihe igikorwa cacu co kwamamaza kiburabuzwa.
b Imvugo ngo «Yehova Nyeningabo» iboneka incuro 14 mu gitabu ca Hagayi, ikaba yibutsa Abayuda cokimwe na twebwe, ko Yehova afise ububasha ntangere be n’uko afise ingabo nyinshi cane z’abamarayika.—Zab. 103:20, 21.
c Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
d Kubera ko Ezira yari umwanditsi w’umuhinga mu bijanye n’amategeko y’Imana, yari yararushirije kandi kwizigira amajambo Yehova yavuze biciye ku bahanuzi, n’imbere y’uko afata urugendo rwo kuja i Yeruzalemu.—2 Ngo. 36:22, 23; Ezr. 7:6, 9, 10; Yer. 29:14.
e INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi asavye uruhusha shebuja kugira ngo yitabe ihwaniro ariko akarumwima. Aciye asenga, akarondera n’ubuyobozi bwomufasha gusubira kwa shebuja gusaba uruhusha. Arereka shebuja porogarama y’ihwaniro, agaca amubwira ko inyigisho zo muri Bibiliya tuhigira ari zo zituma tuba abakozi beza. Shebuja biramukora ku mutima, agaca amwemerera ikonji.