IKIGANIRO C’UKWIGA CA 32
URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi
Yehova ashaka ko bose bigaya
«Yehova . . . [nta]shaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.»—2 PET. 3:9.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza gutahura ico ukwigaya bisobanura, igituma bihambaye, be n’ingene Yehova yafashije abantu batandukanye kwigaya.
1. Umuntu yerekana gute ko yigaye?
IGIHE ducumuye, birahambaye ko twigaya. Nk’uko Bibiliya ivyerekana, igihe umuntu yigaye aricuza ku kibi yakoze, agaheba kugikora, kandi akiyemeza kutazogisubira.—Raba Insiguro y’amajambo «Ukwigaya.»
2. Kubera iki twese dukeneye gutahura ibijanye n’ukwigaya? (Nehemiya 8:9-11)
2 Umuntu wese arakeneye gutahura ibijanye n’ukwigaya. Uti kubera iki? Kubera ko twese twama ducumura. Twese abakomoka kuri Adamu na Eva, twarazwe icaha n’urupfu. (Rom. 3:23; 5:12) Nta n’umwe yera. Mbere n’abantu bari bafise ukwizera gukomeye, nk’intumwa Pawulo, bama barwana n’igicumuro. (Rom. 7:21-24) Ivyo none vyoba bisobanura ko tuzokwama twigorewe kubera ibicumuro vyacu? Habe namba. Yehova ni Imana y’imbabazi kandi yipfuza ko duhimbarwa. Raba ivyashikiye Abayuda bo mu gihe ca Nehemiya. (Soma Nehemiya 8:9-11.) Yehova ntiyashaka ko bicwa n’intuntu kubera ibicumuro bari barakoze, ahubwo yashaka ko bamukorera banezerewe. Yehova arazi ko kwigaya bituma duhimbarwa. Ni co gituma atwigisha ibijanye n’ukwigaya. Twigaye ibicumuro vyacu, turizigira tudakeka ko uwo Muvyeyi wacu w’umunyembabazi atubabarira.
3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
3 Muri iki kiganiro, turaza kwiga n’ibindi ku bijanye n’ukwigaya. Tugiye kwihweza ibintu bitatu. Ubwa mbere, turaza kubona ivyo Yehova yigishije Abisirayeli ku bijanye n’ukwigaya. Ubwa kabiri, turaza kubona ingene Yehova yafashije abacumuzi kwigaya. Ubwa nyuma, turihweza ivyo Yezu yigishije abigishwa biwe ku bijanye n’ukwigaya.
IVYO YEHOVA YIGISHIJE ABISIRAYELI KU BIJANYE N’UKWIGAYA
4. Ni ibiki Yehova yigishije Abisirayeli ku bijanye n’ukwigaya?
4 Igihe Yehova yatora Abisirayeli ngo babe ihanga ryiwe, yaragiraniye na bo isezerano. Baramutse bubahirije amategeko yabahaye, yobakingiye kandi akabahezagira. Yababwiye ati: «Aya mabwirizwa ndabahaye uno musi, si amananiza kuri mwebwe kandi ntari kure yanyu.» (Gus. 30:11, 16) Ariko baramutse bamugambarariye, nk’akarorero bagasenga izindi mana, ntiyobaye akibahezagira kandi boshikiwe n’ingorane. Naho ari ukwo, Yehova ntiyociye abaheba burundu. Boshoboye ‘kugaruka kuri Yehova Imana yabo, bakumviriza ijwi ryiwe.’ (Gus. 30:1-3, 17-20) Mu yandi majambo, bokwigaye. Babigize, Yehova yobiyegereje agasubira kubahezagira.
5. Yehova yerekanye gute ko atigeze aheba abasavyi biwe? (2 Abami 17:13, 14)
5 Abasavyi ba Yehova yari yaritoreye, baramugararije akatari gake. Barasenga ibigirwamana bagakora n’ibindi bintu biteye ishishi. Ivyo vyatumye bashikirwa n’ingorane. Ariko Yehova ntiyahevye abo basavyi biwe b’abagarariji. Yagumye arungika abahanuzi kugira ngo babafashe kwigaya, bamugarukeko.—Soma 2 Abami 17:13, 14.
6. Yehova yakoresheje gute abahanuzi kugira ngo afashe abasavyi biwe gutahura akamaro ko kwigaya? (Raba n’ifoto.)
6 Akenshi Yehova yarakoresha abahanuzi biwe kugira ngo aburire abasavyi biwe yongere abakebure. Nk’akarorero, abicishije kuri Yeremiya, yavuze ati: «Ewe muhemu Isirayeli, nugaruke . . . Sinzokurabira hasi nshavuye kuko ndi intahemuka . . . Sinzogumana inzika ibihe vyose. Wewe gusa niwemere ikosa ryawe, kuko wagararije Yehova.» (Yer. 3:12, 13) Biciye kuri Yoweli na ho, Yehova yavuze ati: «Nimungarukeko n’umutima wanyu wose.» (Yow. 2:12, 13) Yabwiye Yesaya na we ngo avuge ati: «[Ni]mwihumanure. Nimunkure mu maso ibintu bibi mukora, mureke gukora ikibi.» (Yes. 1:16-19) Abicishije kuri Ezekiyeli na ho, Yehova yavuze ati: «Mbega mugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa? Mugira sinshima ko yoheba ingeso ziwe akabandanya kubaho? Simpimbarwa na gato n’uko hagira umuntu apfa . . . Nimwigarure rero mubone kubaho.» (Ezk. 18:23, 32) Yehova arahimbarwa igihe abonye abasavyi biwe bigaye, kuko yipfuza ko babandanya kubaho ibihe bidahera. Turabona rero ko Yehova ataja ng’aho gusa ngo arindire ko abacumuzi bikubita agashi kugira abone kubafasha. Reka turabe n’ubundi burorero buvyerekana.
Akenshi Yehova yarakoresha abahanuzi biwe kugira bahimirize abasavyi biwe baba bacumuye ngo bigaye (Raba ingingo ya 6-7)
7. Ni icigwa ikihe Yehova yigishije abasavyi biwe akoresheje inkuru y’umuhanuzi Hoseya n’umugore wiwe?
7 Raba icigwa Yehova yigishije abasavyi biwe biciye ku karorero k’ivyashikiye Gomeri, umugore w’umuhanuzi Hoseya. Gomeri amaze kurenga ibigo, yaciye ata Hoseya yigira ku bandi bagabo. Vyoba none vyari bigishoboka ko afashwa guhinduka? Yehova we abona ibiri mu mutima, yabwiye Hoseya ati: «Subira ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo kandi arenga ibigo, nk’uko nyene Yehova akunda Abisirayeli naho bakurikira izindi mana.» (Hos. 3:1; Imig. 16:2) Urabona yuko naho muka Hoseya yari akiri mu busambanyi, Yehova yabwiye Hoseya ngo amubabarire, amusubize mu rugo.a Yehova yatanze ako karorero kugira yerekane ko na we nyene atari yarahevye abasavyi biwe b’intagondwa. Naho bari bakibandanya gukora ibicumuro bikomeye yari akibakunda, kandi yagumye arondera ingene yobafasha kwigaya maze bagahindura ingendo. Ako karorero karatwigisha ko Yehova, umwe «asuzuma imitima», agerageza gufasha umuntu akibandanya gukora icaha gikomeye kugira ngo yigaye. (Imig. 17:3) Reka turabe ingene Yehova abigira.
INGENE YEHOVA AFASHA ABACUMUZI KWIGAYA
8. Yehova yagerageje gute gufasha Kayini kwigaya? (Itanguriro 4:3-7) (Raba n’ifoto.)
8 Kayini imfura ya Adamu na Eva, yarazwe igicumuro n’abavyeyi biwe. Vyongeye, Bibiliya ivuga ko «ibikorwa vyiwe vyari bibi.» (1 Yoh. 3:12) Birashoboka ko ari co gituma igihe Kayini yatanga ishikanwa, Yehova ‘atamushimye n’ishikanwa ryiwe.’ Aho guhindura ingendo, ‘Kayini yaciye ashavura cane, arijirirwa.’ None Yehova yaciye akora iki? Yaramuyagishije. (Soma Itanguriro 4:3-7.) Urabona ko Yehova abigiranye umutima mwiza yafashije Kayini kuzirikana, aramwereka ko aramutse akoze iciza vyomugendeye neza, aranamugabisha ko yohaboneye aramutse acumuye. Ikibabaje, Kayini yaranse kwumvira Yehova ntiyemera ko amufasha kwigaya. None ko Kayini atamwumviye, Yehova yoba yaciye aheba gufasha abandi bacumuzi kugira ngo bigaye? Habe namba.
Yehova yarafashije Kayini gutahura ivyiza vyo kwirinda igicumuro be n’ingaruka zo kugikora (Raba ingingo ya 8)
9. Yehova yafashije gute Dawidi kwigaya?
9 Yehova yarakunda cane umwami Dawidi. Yarahevye amwita «umuntu ahimbara umutima [wiwe].» (Ivyak. 13:22) Yamara, Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye ushizemwo ukurenga ibigo no kwica. Twisunze ya mategeko ya Musa, Dawidi yari akwiye kwicwa. (Lew. 20:10; Guh. 35:31) Ariko rero Yehova yaciye ahaseruka.b Yaciye arungika umuhanuzi Natani ngo aje kuraba Dawidi, naho ico gihe ata kimenyetso na kimwe yari bwagaragaze co kwigaya. Natani yarakoresheje akarorero kari gafise intumbero yo gukora ku mutima Dawidi. Karamukoze cane ku mutima, aca arigaya. (2 Sam. 12:1-14) Dawidi yahavuye yandika izaburi ikora ku mutima, yerekana ko yigaye vy’ukuri. (Zab. 51, akajambo k’intangamarara) Iyo zaburi yarahumurije abacumuzi benshi, ituma bigaya. Ntidushima none kubona Yehova abigiranye urukundo yarafashije umusavyi wiwe Dawidi kwigaya?
10. Kubona ingene Yehova yihanganira abacumuzi akongera akabababarira, bituma wiyemeza iki?
10 Yehova aranka ubwoko bwose bw’igicumuro. (Zab. 5:4, 5) Naho ari ukwo, arazi ko twese turi abacumuzi, akaba ari co gituma urukundo adukunda rutuma adufasha kurwanya igicumuro. Mbere n’abacumuzi katwa, yama agerageza kubafasha kwigaya no kumwiyegereza. Umve nawe ukuntu bihumuriza! Kuzirikana ku kuntu Yehova yihanganira abacumuzi akongera akabababarira, biratuma twiyemeza kutamuhemukira no kwigaya tudatevye iyo bishitse tugacumura. Reka ubu na ho turabe ibindi Yezu yigishije abakirisu ku bijanye n’ukwigaya.
IVYO YEZU YIGISHIJE ABIGISHWA BIWE KU BIJANYE N’UKWIGAYA
11-12. Ni akarorero akahe Yezu yatanze kugira yigishe abariko baramwumviriza ingene Se wiwe ari umunyembabazi? (Raba yo ku gipfukisho.)
11 Mu kinjana ca mbere, igihe c’uko Mesiya ashika cari kigeze. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova abicishije kuri Yohani Umubatizi no kuri Yezu Kristu, yarigishije abantu ko kwigaya bihambaye.—Mat. 3:1, 2; 4:17.
12 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarigishije abariko baramwumviriza ingene Se wiwe ari umunyembabazi. Yarabahaye akarorero gakora ku mutima kerekeye umwana w’icangazi. Uwo mwana yaromotse, amara igihe yibereye mu bicumuro. Ariko yahavuye ‘agarukana ubwenge’ aca arasubira muhira. None se yamwakiriye gute? Yezu yavuze ati: «Se wiwe amubonye akiri kure, amutera ikigongwe. Aca arirukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe.» Naho uwo mwana yaje afise umugambi wo gusaba se wiwe ngo amugire nk’umwe mu bakozi biwe, se yamwise nyabuna ‘umuhungu wiwe’ yongera aramuha ikaze mu muryango. Se yavuze ati: «Yari yatakaye, none yabonetse.» (Luka 15:11-32) Igihe Yezu yari akiri mw’ijuru, nta nkeka ko yari yariboneye ingene Se wiwe agaragariza impuhwe nk’izo nyene abacumuzi benshi baba bigaye. Umve nawe ukuntu ako karorero gakora ku mutima Yezu yatanze, kerekana neza ingene Umuvyeyi wacu Yehova ari umunyembabazi!
Wa muvyeyi avugwa muri wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi, yirutse gusanganira uwo muhungu wiwe agarutse muhira. (Raba ingingo ya 11-12)
13-14. Ni icigwa ikihe intumwa Petero yize ku bijanye n’ukwigaya, kandi ni ibiki yigishije abandi ku bijanye n’ukwigaya? (Raba n’ifoto.)
13 Intumwa Petero yarigiye kuri Yezu icigwa gihambaye c’uko iyo umuntu yigaye ababarirwa. Petero yarakoze amakosa kenshi ariko Yezu akaguma amubabarira n’umutima mwiza. Nk’akarorero, igihe Petero yihakana Umukama wiwe incuro zitatu, yaragize intuntu nyinshi. (Mat. 26:34, 35, 69-75) Ariko Yezu amaze kuzuka yariyeretse Petero, bikaba bishoboka ko Petero yari wenyene. (Luka 24:33, 34; 1 Kor. 15:3-5) Nta nkeka ko ico gihe Yezu yahumurije Petero uwari yigaye, akamubwira ko yamubabariye.
14 Petero ubwiwe amaze gutahura icigwa c’uko umuntu yigaye ababarirwa, yari ashoboye kucigisha abandi. Gatoyi inyuma y’umusi mukuru wa Pentekoti, Petero yarashikirije insiguro isinzi ry’Abayuda batemera Yezu, arabereka uruhara bagize mu kwica Mesiya. Naho ari ukwo, abigiranye umutima mwiza yaciye abahimiriza ati: «Nimwigaye rero kandi muhindukire kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe, maze ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye kuri Yehova ubwiwe.» (Ivyak. 3:14, 15, 17, 19) Petero rero yari yerekanye ko igihe umucumuzi yigaye aca ahindukira, ni ukuvuga ko ahindura ivyiyumviro n’ibikorwa bibi yahoramwo, agatangura gukora ibihimbara Imana. Petero yarababwiye kandi ko Yehova yohanaguye ibicumuro vyabo, akabizimanganya. Inyuma y’imyaka itari mike na ho, Petero yahumurije abakirisu ati: «Yehova . . . yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.» (2 Pet. 3:9) Ese ukuntu ayo majambo aduhumuriza bishitse tugakora igicumuro, mbere n’aho coba gikomeye!
Yezu yarahumurije Petero uwari yigaye, aramubwira ko yamubabariye (Raba ingingo ya 13-14)
15-16. (a) Pawulo yatahuye gute icigwa kijanye n’imbabazi? (1 Timoteyo 1:12-15) (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?
15 Sawuli w’i Taruso yari umwe mu bacumuzi ruhebwa bari bakeneye kwigaya no kubabarirwa. Yaratoteza abayoboke ba Kristu yivuye inyuma. Abakirisu benshi bashobora kuba babona ko atopfuye ahindutse ngo yigaye. Ariko Yezu wewe si ko yabibona. We na Se barabona kamere nziza Sawuli yari afise. Yezu yavuze ati: «Uwo muntu [ni] igikoresho nitoreye.» (Ivyak. 9:15) Yezu yarahevye akora igitangaro kugira ngo afashe Sawuli kwigaya. (Ivyak. 7:58–8:3; 9:1-9, 17-20) Sawuli yahavuye amenyekana kw’izina ry’intumwa Pawulo. Amaze kuba umukirisu akenshi yaravuga ingene akenguruka ubuntu n’imbabazi yagiriwe. (Soma 1 Timoteyo 1:12-15.) Ni co gituma yabwiye abavukanyi biwe yuko ‘Imana igira ubuntu kubera yuko ishaka kudufasha ngo twigaye.’—Rom. 2:4.
16 None igihe Pawulo yumva ibijanye n’ikibazo gikomeye kijanye n’ubusambanyi cari mw’ishengero ry’i Korinto, yagitunganije gute? Ukuntu yagitunganije biratwigisha ingene twokwigana Yehova, turavye ukuntu atoza indero abasavyi biwe abigiranye urukundo akongera akababarira igihe bigaye. Mu kiganiro gikurikira, tuzoraba ivy’iyo nkuru mw’ido n’ido.
URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova
a Akarorero ka Hoseya na Gomeri karisa. Muri iki gihe, iyo umwe mu bubakanye arenze ibigo, Yehova ntasaba uwahemukiwe kugumana n’uwamuhemukiye. Wanashima, Yehova abicishije ku Mwana wiwe yarasiguye ko uwahemukiwe afise uburenganzira bwo guhitamwo kwahukana n’uwo bubakanye yarenze ibigo.—Mat. 5:32; 19:9.
b Raba ikiganiro kivuga ngo «Wokwungukira gute ku kuba Yehova yiteguriye kubabarira?», kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2012, rup. 21-23, ing. 3-10.