Amabi y’intambara
Intambara n’imishamirano ni bimwe mu bintu biteza abantu imibabaro ikomeye. Emwe, ababizi neza ni abasoda n’abanyagihugu vyashikiye!
ABASODA
«Irya n’ino yawe, uguma ubona abantu bicwa canke bakomereka cane. Ugumana ubwoba.»—Vyavuzwe na Gary wo mu Bwongereza.
«Barandashe mu mugongo no mu maso, ndabona n’ingene abantu benshi bicwa, ushizemwo abana n’abitereye mu myaka. Intambara ituma umuntu abaho atakigira ikinya.»—Vyavuzwe na Wilmar wo muri Kolombiya.
«Iyo barasiye umuntu mu maso yawe ntivyigera bikuvamwo. Uguma ubona mu bwenge ingene wa muntu yaguma aboroga. Ivyamushikiye ntiwigera uvyibagira.»—Vyavuzwe na Zafirah wo muri Amerika.
ABANYAGIHUGU
«Wamengo sinzokwigera nsubira kunezerwa. Uragira ubwoba bw’uko ushobora kuhasiga ubuzima, n’ikiruta vyose ugatinya ko umuryango n’abagenzi bawe bashobora gupfa.»—Vyavuzwe na Oleksandra wo muri Ukraine.
«Vyari biteye ubwoba gutondera ibifungurwa kuva samunani z’ijoro gushika satanu z’irindi joro, aho washobora no guhitanwa n’urusasu rwigenza.»—Vyavuzwe na Daler wo muri Tajikistani.
«Abavyeyi banje bishwe mu gihe c’intambara. Ivyo vyatumye nsigara ndi impfuvyi itagira gitabara.»—Vyavuzwe na Marie wo mu Rwanda.
Naho abo bantu bavuzwe aho haruguru bashikiwe n’amabi aterwa n’intambara, ubu baratekanye. N’igihambaye kuruta, barizigiye badakeka ko intambara n’imishamirano bigiye kurangira. Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kiraza gukoresha Bibiliya kugira kidusigurire ingene ivyo bizokurwaho.