Ingene woronka amahoro naho hari intambara n’imishamirano
Uwitwa Gary, akaba yahoze mu gisirikare, avuga ati: «Ntariga Bibiliya, sinari nzi igituma kw’isi huzuye ubugizi bwa nabi, akarenganyo n’ingorane. Ariko ubu ndafise amahoro yo mu mutima. Ndazi ko Yehova Imana azotuma iyi si itekana.»
Gary si we wenyene abona ibintu muri ubwo buryo. Ehe raba ingene Bibiliya yafashije n’abandi.
IVYO BIBILIYA IVUGA: «Ewe Yehova, uri mwiza —kandi witeguriye kubabarira!»—Zaburi 86:5.
ICO BIFASHA: «Uwo murongo urankura amazinda ko Yehova ari umunyembabazi. Ndazi ko yiteguriye kumbabarira ibintu vyose nakoze muri kahise nkija mu ntambara.»—Vyavuze na Wilmar wo muri Kolombiya.
IVYO BIBILIYA IVUGA: «Ngira ndeme ijuru rishasha n’isi nshasha. Ivya kera ntibizokwibukwa canke ngo bigaruke mu mutima.»—Yesaya 65:17.
ICO BIFASHA: «Mfise ingorane y’ihungabana be n’akabonge kubera ivyo naciyemwo nkiri mu gisoda. Mugabo iki canditswe kiranyibutsa ko vuba Yehova azonyibagiza burundu ivyiyumviro bibi mpora ngira be n’amashusho ateye ubwoba mpora mbona mu bwenge. Ntibizosubira no kungarukamwo. Umve yemwe ico kintu!»—Vyavuzwe na Zafirah wo muri Amerika.
IVYO BIBILIYA IVUGA: «Ku ngoma yiwe, abagororotsi bazosagamba, kandi amahoro azosasagara gushika ukwezi kutakiriho.»—Zaburi 72:7.
ICO BIFASHA: «Ndakunda kuzirikana kuri ayo majambo. Vuba ibintu vyose biteye ubwoba biterwa n’intambara bizovaho, kandi ntituzoba tugihagarika umutima ku bw’umutekano w’abacu.»—Vyavuzwe na Oleksandra wo muri Ukraine.
IVYO BIBILIYA IVUGA: «Abantu bawe bapfuye bazobaho. . . . Ikangure mwihe akamo k’umunezero, yemwe ababa mu mukungugu!»—Yesaya 26:19.
ICO BIFASHA: «Umuryango wanje nka wose warishwe mu gihe ca jenoside yakorewe abatutsi. Mugabo uwo murongo uransubiriza umutima mu nda ko nzosubira kubabona. Ndashashaye gusubira kwumva amajwi yabo ahimbaye nibazuka.»—Vyavuzwe na Marie wo mu Rwanda.
IVYO BIBILIYA IVUGA: «Hasigaye akanya gato ababisha ntibabe bakiriho . . . Ariko abitonda bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.»—Zaburi 37:10, 11.
ICO BIFASHA: «Naho intambara yaheze, haracariho akarenganyo n’abantu b’inkozi z’ikibi. Iyo mirongo irankomeza cane. Yehova arabona ibintu vyose biba kandi arantahura. Asezerana ko ingorane zose vuba zigiye kurangira kandi ko zitazokwibukwa.»—Vyavuzwe na Daler wo muri Tajikistan.
Abantu bavuzwe muri iki kinyamakuru, bari mu Vyabona vya Yehova amamiliyoni Bibiliya yafashije kuronka amahoro. Barize kurwanya inzankano zishingiye kw’ibara ry’urukoba, ku bwenegihugu, ku moko no ku bindi bintu. (Abanyefeso 4:31, 32) Ivyabona vya Yehova nta ho bahengamira mu vya politike kandi ntibagira uruhara mu ntambara.—Yohani 18:36.
Vyongeye, Ivyabona vya Yehova barashigikirana kuko ari umuryango ukwiye kw’isi yose ukundana. (Yohani 13:35) Nk’akarorero, umwe Oleksandra twavuga, yabwirijwe guhungana na mukuruwe mu kindi gihugu kubera intambara. Avuga ati: «Tukimara kujabuka umupaka, twaciye tubona Ivyabona bo muri ico gihugu bari baje kutwakira. Baradushigikiye bituma tumenyera ubuzima bw’impunzi mu gihugu tutari tumenyereye.»
Turaguhaye ikaze n’igishika cinshi ku makoraniro yacu, aho twigira ubutumwa bw’amahoro bushingiye kuri Bibiliya be n’ingene twobukurikiza. Turagusavye uje ku rubuga rwacu rwa jw.org kugira urabe ikibanza dusengeramwo coba kiri hafi yawe, canke kugira usabe kwigishwa Bibiliya ku buntu n’umwe mu Vyabona vya Yehova, mukoresheje agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.