Imana imererwa gute igihe uri mu mibabaro?
Hari abibaza ko Imana itabona imibabaro idushikira be n’uko itayitwararika.
RIMBURA IVYO BIBILIYA IVUGA
- Imana irabibona kandi ikavyitwararika - ‘Yehova yarabonye ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi, biramubabaza mu mutima.’—Itanguriro 6:5, 6. 
- Imana izokuraho imibabaro yose - “Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:10, 11. 
- Ico Imana ikwipfuriza - “‘Nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro. Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza.’”—Yeremiya 29:11, 12. - “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8.