Igituma intambara n’imishamirano bidahera
Bibiliya irerekana imvo zituma haba intambara n’imishamirano be n’igituma bidahera.
IGICUMURO
Imana yaremye abavyeyi bacu ba mbere ari bo Adamu na Eva mw’ishusho yayo. (Itanguriro 1:27) Ivyo vyasobanura ko vyoboroheye kugaragaza kamere Imana ifise, nk’amahoro n’urukundo. (1 Abakorinto 14:33; 1 Yohani 4:8) Ariko Adamu na Eva baragambarariye Imana bituma bacumura. Ivyo vyatumye twese turagwa icaha n’urupfu. (Abaroma 5:12) Ico caha twarazwe gituma tuguma twiyumvira ibintu bibi tukongera tukabikora.—Itanguriro 6:5; Mariko 7:21, 22.
INTWARO Z’ABANTU
Imana ntiyaturemanye ubushobozi bwo kwitegeka. Bibiliya ivuga iti: «Umuntu nta burenganzira afise bwo kuyobora intambuko yiwe.» (Yeremiya 10:23) Ni co gituma intwaro z’abantu zidashobora gukuraho burundu intambara n’ububisha.
SHETANI N’AMADAYIMONI YIWE
Bibiliya ivuga ko «isi yose iganzwa na wa mubisha.» (1 Yohani 5:19) Uwo «mubisha» yitwa Shetani kandi ni umwicanyi. (Yohani 8:44) We n’amadayimoni yiwe ni bo bihishije inyuma y’intambara n’ububisha biba kw’isi.—Ivyahishuwe 12:9, 12.
Twebwe abantu ntidushobora gukuraho ibitera intambara n’ububisha, ariko Imana yoyo irabishoboye.