IKIGANIRO C’UKWIGA CA 7
URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!
Wungukira gute ku mbabazi za Yehova?
«Iwawe [ni] ho hari ukubabarirwa nyakwo.»—ZAB. 130:4.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Muri iki kiganiro tugiye kurimbura imvugo ngereranyo zimwezimwe zikora ku mutima zivugwa muri Bibiliya. Gutahura izo mvugo, biraza kudufasha kurushiriza gukenguruka imbabazi Yehova atugirira umwe wese ku giti ciwe.
1. Kubera iki imbabazi abantu batanga, akenshi usanga zigoye gutahura?
«NDAKUBABARIYE.» Ese ukuntu iryo jambo rihumuriza, canecane iyo uribwiwe n’umuntu uzi yuko yababajwe n’ibintu wavuze canke wakoze! None iyo akubwiye ngo «ndakubabariye», aba ashatse kuvuga iki vy’ukuri? Ko ubugenzi mufitaniye butakomeretse na gato? Canke ko ivyabaye bihereye aho, mugabo ko ubugenzi bwanyu butakimeze nk’uko bwahora? Emwe, imbabazi abantu batanga ziragoye gutahura!
2. Ivyanditswe bidondora gute imbabazi za Yehova? (Raba n’akajambo k’epfo.)
2 Ingene Yehova atubabarira twebwe abantu badatunganye, biratandukanye cane n’ingene twebwe tubabarirana. Imbabazi ziwe ntizisanzwe. Umwanditsi umwe w’amazaburi yavuze ku bijanye na Yehova ati: «Iwawe [ni] ho hari ukubabarirwa nyakwo, kugira ngo abantu bagutinye.»a (Zab. 130:4) Ego cane, imbabazi Yehova atanga ni ‘nyazo.’ Ni we karorero ntangere kerekana imbabazi nyazo ico ari co. Mu mirongo imwimwe yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, abanditse Bibiliya barakoresheje ijambo ridondora imbabazi za Yehova ritigera rikoreshwa ku mbabazi abantu batanga.
3. Imbabazi za Yehova zitandukaniye he n’imbabazi za twebwe abantu? (Yesaya 55:6, 7)
3 Iyo Yehova ababariye umuntu, ibicumuro vyiwe aca abihanagura. Ubucuti bari bafitaniye burasubira kumera neza, nk’aho ata cigeze kibutosekaza. Turakorwa ku mutima n’ingene Yehova atubabarira agaherezako kandi ataduharurira.—Soma Yesaya 55:6, 7.
4. Yehova adufasha gute gutahura imbabazi nyakuri ico ari co?
4 None ko imbabazi za Yehova zitandukanye n’imbabazi za twebwe abantu b’abanyagasembwa, twotahura gute imbabazi nyakuri ico ari co? Yehova arabidufashamwo akoresheje imvugo ngereranyo zikora ku mutima, zidondora imbabazi ziwe. Muri iki kiganiro, tugiye kwihweza zimwezimwe muri zo. Izo mvugo ziraza kudufasha kubona ko iyo Yehova atubabariye, akuraho ibicumuro vyacu maze tugasubira kugiranira ubucuti bwiza na we. Kwihweza izo mvugo biraza kudufasha gukengurukira Umuvyeyi wacu adukunda, we yama atugirira imbabazi mu buryo bwinshi.
YEHOVA ARAKURAHO IBICUMURO VYACU
5. Bigenda gute iyo Yehova atubabariye ibicumuro vyacu?
5 Muri Bibiliya, akenshi ibicumuro bigereranywa n’umuzigo uremereye. Raba ingene umwami Dawidi yadondoye ibicumuro vyiwe. Yavuze ati: «Ndengewe n’amakosa yanje. Ameze nk’umuzigo uremereye cane, sinshobora kuwikorera.» (Zab. 38:4) Ariko rero Yehova ababarira abantu baba bigaye. (Zab. 25:18; 32:5) Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «kubabarira», ahanini ritekeye iciyumviro co «guterura» canke «gutwara.» Yehova rero aca amera nk’umuntu akomeye, aza guterura umuzigo w’ibicumuro twiremetse ku bitugu, agaca awutwara.
«Warahariye» (Zab. 32:5)
6. Ibicumuro vyacu Yehova abitwara hehe?
6 Raba iyindi mvugo itwereka iyo Yehova aca ajana ibicumuro vyacu. Zaburi 103:12 igira iti: «Nk’uko ubuseruko buri kure cane y’uburengero, ni ko ashira kure cane amakosa yacu.» Ubuseruko buri kure cane y’uburengero ku buryo bitigera bihura. Ivyo bisobanura ko Yehova atwara ibicumuro vyacu kure cane kuruta uko dushobora kuvyibaza. Umve nawe izo mbabazi! Yehova ababariye araherezako.
«Nk’uko ubuseruko buri kure cane y’uburengero» (Zab. 103:12)
7. Bibiliya ivuga ko ibicumuro vyacu Yehova abigenza gute? (Mika 7:18, 19)
7 Ko Yehova atwara kure cane ibicumuro vyacu, none yoba abigumizako umutima? Habe namba. Ku bijanye na Yehova, umwami Hezekiya yanditse ati: «Ibicumuro vyanje vyose wabitereye inyuma y’umugongo wawe.» Canke twisunze akajambo k’epfo, «wabikuye imbere y’amaso yawe.» (Yes. 38:9, 17; akajambo k’epfo.) Iyo mvugo ngereranyo, iratwereka ko Yehova afata ibicumuro vy’abantu bigaya, akabiterera iyo adashobora kubibona. Ivyo Hezekiya yavuze vyoshobora kandi kuvugwa muri ubu buryo: «Ibicumuro vyanje wabifashe nk’aho bitigeze bibaho.» Bibiliya irashimika kandi kuri ico ciyumviro mu yindi mvugo ngereranyo dusanga muri Mika 7:18, 19. (Soma.) Muri ico canditswe, Yehova avuga ko ashiburira epfo mu kiyaga ibicumuro vyacu. Mu bihe vya kera, ikintu caba cashiburiwe epfo mu kiyaga, nta muntu yashobora kugikurayo.
«Ibicumuro vyanje vyose wabitereye inyuma y’umugongo wawe» (Yes. 38:17)
«Uzoshiburira epfo mu kiyaga ibicumuro vyabo vyose» (Mika 7:19)
8. Gushika aha twize ibiki?
8 Izo mvugo ngereranyo duhejeje kurimbura, ziratwigisha ko iyo Yehova atubabariye aturemurura umuzigo w’ibicumuro vyacu. Mu vy’ukuri nk’uko Dawidi yabivuze, «hahiriwe abo Imana yahariye ubugarariji bwabo, igapfuka ibicumuro vyabo. Hahiriwe umuntu Yehova atazogenda aharuyeko igicumuro yakoze.» (Rom. 4:7, 8) Izo rero ni zo mbabazi nyazo!
YEHOVA ARAHANAGURA IBICUMURO VYACU
9. Ni imvugo ngereranyo izihe Yehova akoresha kugira adufashe gutahura urugero agezako mu kutubabarira?
9 Yehova arakoresha izindi mvugo ngereranyo, kugira adufashe gutahura ingene ababarira ibicumuro vy’abantu baba bigaye, yisunze incungu. Bibiliya ivuga ko Yehova yuhagira akongera akoza neza ivyo bicumuro. Ivyo bituma umucumuzi ahumanurwa. (Zab. 51:7; Yes. 4:4; utujambo tw’epfo; Yer. 33:8) Yehova ubwiwe aravuga ico ivyo bivamwo, ati: «Naho ibicumuro vyanyu vyoba bisa n’agahama, bizosigara vyera derere. Naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku, bizosigara bisa n’ubwoya bwera.» (Yes. 1:18) Impuzu yagiyeko ibirabagu vy’agahama, usanga bigoye cane kubikurako. Ariko Yehova abicishije kuri iyo mvugo ngereranyo, araduhumuriza yuko ibicumuro vyacu, ashobora kubinyukura neza ku buryo bidasubira kuboneka.
«Naho ibicumuro vyanyu vyoba bisa n’agahama, bizosigara vyera derere» (Yes. 1:18)
10. Ni iyindi mvugo ngereranyo iyihe Yehova akoresha kugira atwereke ingene ababarira cane?
10 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ibicumuro bigereranywa n’«amadeni.» (Mat 6:12; Luka 11:4; utujambo tw’epfo.) Igihe cose rero ducumuye kuri Yehova, ni nk’aho tuba turiko turarunda amadeni. Amadeni tumufitiye ntagira ukwo angana. Ariko iyo Yehova atubabariye, ni nk’aho aba aduhebeye amadeni twategerezwa kumuriha. Amaze kutubabarira ibicumuro vyacu, ntasubira kubiduharurako. Umve nawe ingene iyo mvugo ngereranyo idondora neza ukuntu turuhurirwa iyo Yehova atubabariye!
«Nuduhebere amadeni yacu» (Mat. 6:12; akajambo k’epfo)
11. Iyo Bibiliya ivuze ko ibicumuro vyacu ‘bihanagurwa’, iba ishatse kuvuga iki? (Ivyakozwe 3:19)
11 Yehova ntaduhebera gusa ibicumuro vyacu, ahubwo aranabihanagura. (Soma Ivyakozwe 3:19.) Iyo umuntu aguhebeye ideni wari umufitiye, ni nk’aho aba acishije umurongo aho aba yararyanditse. Yamara igitigiri yacishijemwo umurongo, coshobora kuguma kiboneka. Ariko guhanagura vyovyo ni ibindi bindi. Kugira dutahure iyo mvugo ngereranyo, turakwiye kwibuka ko mu bihe vya kera abantu bandika bakoresheje irangi ryoroshe guhanagura. Umuntu yarashobora gufata ikinyuko kibomvye, agaca ahanagura ivyaba vyanditse. Umuntu rero ‘ahanaguye’ aho yaba yaranditse ideni umufitiye, vyaca bifudika ntihagire n’uwusubira kubona aho vyari vyanditse. Vyaca bimera nk’aho iryo deni ritigeze ribaho. Ese ukuntu biduhumuriza kumenya ko Yehova ataduhebera gusa ibicumuro vyacu, ahubwo ko anabihanagura burundu!—Zab. 51:9.
«Kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe» (Ivyak. 3:19)
12. Imvugo ngereranyo yerekeye igicu kizitanye, itwigisha iki?
12 Yehova arakoresha iyindi mvugo ngereranyo igomba gusa n’iyo, mu kudondora ingene ahanagura ibicumuro vyacu. Avuga ati: «Nzokuraho amakosa yawe amere nk’ayapfutswe n’igicu, n’ibicumuro vyawe bimere nk’aho noba nabipfukishije igicu kizitanye.» (Yes. 44:22) Iyo Yehova atubabariye, ni nk’aho aba akoresheje igicu kizitanye kugira ngo apfuke amakosa yacu, ntihagire n’umwe asubira kuyabona.
«Nzokuraho amakosa yawe amere nk’ayapfutswe n’igicu» (Yes. 44:22)
13. Iyo Yehova atubabariye ibicumuro vyacu, duca twiyumva gute?
13 None ivyo bitwigisha iki? Igihe Yehova atubabariye ibicumuro vyacu, ntidukwiye kuguma twiyagiriza ubuzima bwacu bwose. Amaraso ya Yezu Kristu atuma ibicumuro vyacu bibabarirwa burundu. Bica biba nk’aho tutigeze tubikora. Ng’izo rero imbabazi nyazo Yehova aduha, igihe twigaye ibicumuro vyacu.
YEHOVA ARATUMA DUSUBIRA KUGIRANIRA UBUCUTI BWIZA NA WE
Imbabazi Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atugirira, ziratuma tugiranira ubucuti bwiza na we (Raba ingingo ya 14)
14. Kubera iki twokwizigira ko iyo Yehova atubabariye, biba biheze? (Raba n’ifoto.)
14 Imbabazi nyakuri Yehova atugirira ziratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na we. Ziratuma twirinda kwiyagiriza birenze. Ntitugira ubwoba ko Yehova akidushavuriye, ko yoba akiriko ararondera ingene yoduhana. Ivyo ntazokwigera abikora. Kubera iki none twokwizigira ko iyo Yehova atubabariye, biba biheze? Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ati: «Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.» (Yer. 31:34) Mu kwerekeza kuri ico canditswe, intumwa Pawulo na we nyene yakoresheje imvugo isa n’iyo, ati: «Ibicumuro vyabo sinzosubira kuvyibuka.» (Heb. 8:12) None ivyo bisobanura iki vy’ukuri?
«Igicumuro cabo sinzosubira kucibuka» (Yer. 31:34)
15. Yehova aba ashatse kuvuga iki iyo avuze ko adasubira kwibuka ibicumuro vyacu?
15 Muri Bibiliya, ijambo «kwibuka» ntiryama ryerekeza ku kuguma wibuka ikintu cabaye muri kahise. Rirashobora no kwerekeza ku kugira ico ukoze. Ya nkozi y’ikibi yari imanikanywe na Yezu, yamusavye iti: «Yezu, uranyibuka niwashika mu Bwami bwawe.» (Luka 23:42, 43) Aho ntiyariko asaba Yezu ngo azomwiyumvire niyashika mu Bwami bwiwe. Inyishu Yezu yamuhaye, irerekana ko yogize ico akoze akamuzura. Iyo rero Yehova avuze ko adasubira kwibuka ibicumuro vyacu, aba ashaka kuvuga ko yatubabariye kandi ko atazobiduhanira muri kazoza.
16. Ni umwidegemvyo uwuhe turonka igihe tubabariwe vy’ukuri?
16 Bibiliya irakoresha iyindi mvugo ngereranyo idufasha gutahura umwidegemvyo turonka igihe tubabariwe vy’ukuri. Kubera ko tudatunganye, Bibiliya ivuga ko tumeze nk’«abashumba b’igicumuro.» Ariko kubera imbabazi za Yehova, ubu tumeze nk’abashumba «[ba]kuwe mu gicumuro.» (Rom. 6:17, 18; Ivyah. 1:5) Ego cane, iyo Yehova atubabariye turarengerwa n’umunezero, nka kurya kw’umushumba arekuwe akava mu buja.
«Mwakuwe mu gicumuro» (Rom. 6:18)
17. Ni mu buryo ki kubabarirwa bituma dukira? (Yesaya 53:5)
17 Soma Yesaya 53:5. Imvugo ngereranyo ya nyuma tugiye kuganirako, itugereranya n’abantu barwaye indwara ikomeye. Incungu Yehova yatanze biciye ku Mwana wiwe, yaradukijije. (1 Pet. 2:24) Incungu iratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, ubwononekaye bivuye ku gicumuro twogereranya n’indwara yo mu buryo bw’impwemu. Nka kurya nyene umuntu akize indwara ikomeye anezerwa cane, na twebwe nyene turarengerwa n’umunezero iyo Yehova atubabariye akadukiza mu buryo bw’impwemu, maze tugasubira kugiranira ubucuti bwiza na we.
«Kubera ibikomere vyiwe twarakize» (Yes. 53:5)
INGENE TWUNGUKIRA KU MBABAZI ZA YEHOVA
18. Ni ibiki twigiye ku mvugo ngereranyo twihweje zidondora imbabazi za Yehova? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Ingene Yehova atubabarira.»)
18 Ni ibiki none twigiye ku mvugo ngereranyo twihweje, zidondora imbabazi za Yehova? Iyo Yehova ababariye araherezako. Ivyo bituma tugiranira ubucuti bwiza n’uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ariko rero, turazi yuko imbabazi Yehova atugirira twebwe abantu b’abacumuzi tutaba tuzikwiriye. Ahubwo abitumwa n’ubuntu bwiwe be n’urukundo adufitiye. —Rom. 3:24.
19. (a) Ni igiki dukwiye gukenguruka? (Abaroma 4:8) (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?
19 Soma Abaroma 4:8. Ese ukuntu umwe wese muri twebwe akwiye gukenguruka kubona Yehova ari Imana itanga ‘imbabazi nyazo!’ (Zab. 130:4) Ariko rero kugira ngo tubabarirwe ibicumuro vyacu, hariho ikintu gihambaye natwe dutegerezwa gukora. Yezu yavuze ati: «Nimutababarira abandi amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.» (Mat. 6:14, 15) Birahambaye rero ko natwe twigana Yehova, tukababarira abandi. None twobigira gute? Ikiganiro gikurikira kizotwereka ingene twobigenza.
URURIRIMBO RWA 46 Turagushimiye, Yehova
a Igisomwa co mu ntango c’igiheburayo, gikoresha imvugo ngo «za mbabazi», ikaba yerekana ko izo mbabazi ari zo zonyene nyazo, ko zitandukanye n’ubundi bwoko bw’imbabazi. Naho Bibiliya nyinshi zidashira ahabona iryo tandukaniro rihambaye, Bibiliya y’isi nshasha yoyo yararishize ahabona muri Zaburi 130:4. Ako rero ni akabirya k’iyo Bibiliya.