ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ntwarante rup. 26-31
  • Ukuboko kwa Yehova ntikwigera kuba kugufi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuboko kwa Yehova ntikwigera kuba kugufi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYO TWOKWIGIRA KURI MUSA N’ABISIRAYELI
  • IGIHE TURI MU NGORANE Z’IVY’UBUTUNZI
  • IGIHE TWITEGEKANIRIZA KAZOZA
  • Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwibuke ko Yehova ari «Imana nzima»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ntwarante rup. 26-31

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 13

URURIRIMBO RWA 4 «Yehova ni we Mwungere wanje»

Ukuboko kwa Yehova ntikwigera kuba kugufi

«Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi?»—GUH. 11:23.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro kiraza kudufasha kurushiriza kwizigira ko Yehova azoturonsa ibitubeshaho.

1. Musa yerekanye gute ko yizigira Yehova igihe yakura Abisirayeli mu Misiri?

MUSA ni umwe mu bantu bavugwa mu gitabu c’Abaheburayo bagaragaje ukwizera, kandi ukwizera kwiwe ntikwari gusanzwe. (Heb. 3:​2-5; 11:​23-25) Yaragaragaje ukwizera igihe yakura Abisirayeli mu Misiri. Ntiyatewe ubwoba na Farawo be n’ingabo ziwe. Yarizigiye Yehova, arayobora abasavyi biwe abacishije mu kiyaga Gitukura, mu nyuma na ho abacisha mu bugaragwa. (Heb. 11:​27-29) Naho Abisirayeli benshi batari bacizigira ko Yehova ashoboye kubaronsa ivya nkenerwa, Musa wewe yagumye yizigira iyo Mana yiwe, kandi ntiyamutetereje. N’ikivyemeza ni uko igihe bari mu bugaragwa bugadutse, Yehova yarabaronkeje ibifungurwa n’amazi ku gitangaro.a—Kuv. 15:​22-25; Zab. 78:​23-25.

2. Kubera iki Imana yabajije Musa iti: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi»? (Guharura 11:​21-23)

2 Ariko rero naho Musa yari afise ukwizera gukomeye, haciye nk’umwaka Abisirayeli bavuye mu Misiri, yarakekeranije ku bubasha Yehova afise bwo kuronsa inyama abasavyi biwe. Musa ntiyatahura ingene Yehova yoshoboye kuronsa abantu amamiliyoni bari bakambitse mu bugaragwa inyama borya bagahaga. Yehova rero yaciye amubaza ati: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi?» (Soma Guharura 11:​21-23.) Iyo mvugo ngo «ukuboko kwa Yehova» yerekeza ku mpwemu nyeranda y’Imana, canke ububasha ikoresha mu gushitsa ivyo igomba. Ni nk’aho Yehova yari abajije Musa ati: «Wibaza vy’ukuri ko ata bushobozi mfise bwo gukora ivyo mvuze?»

3. Kubera iki bihambaye ko tuzirikana ivyashikiye Musa n’Abisirayeli?

3 Vyoba birashika ukibaza nimba Yehova azokuronsa ivyokubeshaho wewe n’umuryango wawe? Waba umaze kuvyibaza canke utaravyibaza, reka turabe igituma Musa n’Abisirayeli bananiwe kwizigira ko Yehova yari ashoboye kubaronsa ivyobabeshaho. Turaza kubona n’ivyanditswe bidufasha kurushiriza kwizigira ko ukuboko kwa Yehova kutigera kuba kugufi.

IVYO TWOKWIGIRA KURI MUSA N’ABISIRAYELI

4. Ni igiki coba caratumye Abisirayeli benshi batangura gukekeranya ko Yehova yari ashoboye kubaronsa ivyobabeshaho?

4 Raba ingene ibintu vyari vyifashe: Ihanga rya Isirayeli be «n’isinzi rinini ry’abanyamahanga», bari bamaze imisi muri «bwa bugaragwa bunini kandi buteye ubwoba», berekeza mu Gihugu c’isezerano. (Kuv. 12:38; Gus. 8:15) Abo banyamahanga barariye manu gushika aho bayizinukwa, baca batangura kwidodomba, Abisirayeli benshi na bo babiyungako. (Guh. 11:​4-6) Abo bantu baciye batangura kwipfuza cane ibifungurwa bahora bafungura bakiri mu Misiri. Baridogeye cane Musa, gushika aho yiyumvira ko ari we yategerezwa kubaronsa ivyo bifungurwa bipfuza.—Guh. 11:​13, 14.

5-6. Turavye ingene agatima k’abanyamahanga kandukiye Abisirayeli benshi, bitwigisha iki?

5 Biboneka ko abo Bisirayeli bandukiwe n’agatima abo banyamahanga bari bafise ko kudakenguruka. Na twebwe twoshobora kwandukirwa n’agatima ko kudakenguruka abantu bagaragaza muri iki gihe, ntitube tugishima ivyo Yehova aturonsa. Ivyo vyoshobora kudushikira nka hamwe twosubiza umutima ku bintu twigeze kuba dufise, canke twotangura kunohokera ivyo abandi bafise. Ariko twize kubumbwa n’ivyo dufise, uko vyoba bingana kwose, tuzohimbarwa cane.

6 Abisirayeli bari bakwiye kwibuka yuko Imana yari yabemereye ko binjiye mu Gihugu c’isezerano ari ho boronse ivya nkenerwa ku bwinshi, ko batobironse bakiri mu bugaragwa. Na twebwe nyene, aho kugumiza umutima ku vyo tudafise muri iki gihe, vyoba vyiza tugumye tuzirikana ku vyo Yehova yasezeranye ko azoduha mw’isi nshasha. Turakwiye no kuzirikana ku vyanditswe vyodufasha kurushiriza kwizigira Yehova.

7. Kubera iki twokwemera ko ukuboko kwa Yehova atari kugufi?

7 Naho ari ukwo, woshobora kwibaza igituma Imana yabajije Musa iti: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi?» Yehova ashobora kuba yashaka gufasha Musa kuzirikana ku bubasha ukuboko kwiwe gufise uko bungana, be n’uko gushobora gushika kure. Imana yari ishoboye kuronsa Abisirayeli inyama ku bwinshi, naho bari bageze kure cane mu bugaragwa. Ikoresheje «ukuboko gukomeye kandi kuramvuye», yarerekanye ububasha ifise bwo kubaronsa ivyo bakeneye. (Yer. 32:​21, akajambo k’epfo.) Igihe rero turi mu ngorane, ntidukwiye gukekeranya ko ukuboko kwa Yehova kwodushikira.—Zab. 138:​6, 7.

8. Twokwirinda gute gukora ikosa benshi mu bari mu bugaragwa bakoze? (Raba n’ifoto.)

8 Yehova ntiyatevye kuronsa Abisirayeli inyama yari yabemereye. Yarabarungikiye inkware nyinshi cane. Naho ari ukwo, aho kumushimira kuri ico gitangaro yari abakoreye, benshi baratwawe n’umunoho batangura kuzisahuranwa ijoro n’umurango. Yehova yarashavuriye cane abo ‘banyameru’, aca arabahana. (Guh. 11:​31-34) Natwe turashobora kuhakura icigwa. Turakwiye kuba maso, tukirinda kuba abanyamunoho. Twaba turi abatunzi canke dukenye, dukwiye gushira imbere ivyo kwiyegeraniriza «amatungo mw’ijuru» mu gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova be na Yezu. (Mat. 6:​19, 20; Luka 16:9) Tubigenjeje gutyo, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoturonsa ibitubeshaho.

Mw’ijoro, Abisirayeli bariko baregeranya inkware nyinshi mu bugaragwa.

Abenshi mu bari mu bugaragwa bagaragaje agatima akahe, kandi ni icigwa ikihe twohakura? (Raba ingingo ya 8)


9. Ni igiki twokwizigira tudakeka?

9 No muri kino gihe, Yehova araramvura ukuboko kwiwe agafasha abasavyi biwe. Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko tutazokwigera tugira ico dukena canke ko tutazokwigera dusonza.b Naho ari ukwo, Yehova ntazokwigera aduheba. Azodufasha mu ngorane zitandukanye zizodushikira. Twokwerekana gute none ko twizigiye ko azoturonsa ivya nkenerwa? Reka turabe ingene twovyerekana muri ibi biringo bibiri: (1) Igihe turi mu ngorane z’ivy’ubutunzi, (2) igihe twitegekaniriza kazoza.

IGIHE TURI MU NGORANE Z’IVY’UBUTUNZI

10. Ni ingorane izihe z’ivy’ubutunzi twoshobora kugira?

10 Uko iherezo ry’iyi si rirushiriza kwegereza, ibintu birashobora kuzoyangara mu vy’ubutunzi. Nk’akarorero, uruhagarara mu vya politike, intambara, ivyago vy’ivyaduka canke indwara z’ibiza, birashobora kuzotuma ubuzima burushiriza kuzimba canke bigatuma dutakaza akazi, ivyo dutunze canke inzu zacu. Hari aho vyoshobora kuzoba ngombwa ko turonderera akandi kazi mu karere dusigaye tubamwo canke tukiyumvira kwimurira umuryango wacu mu kandi karere, kugira ngo turabe ingene twowubeshaho. Ni ibiki none vyoshobora kudufasha gufata ingingo zerekana ko twizigira ukuboko kwa Yehova?

11. Ni ibiki vyogufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane z’ivy’ubutunzi? (Luka 12:​29-31)

11 Mu bihe nk’ivyo, ikintu nyamukuru umuntu yokora kandi comufasha cane ni ukubwira Yehova ibimuraje ishinga. (Imig. 16:3) Numusabe ubukerebutsi kugira ngo ufate ingingo nziza, umusabe no gutekana kugira ngo ‘ntiwamize umutima mu kirere’, uguma wiyumvira ingorane urimwo. (Soma Luka 12:​29-31.) Numutakambire agufashe kuguma ubumbwa n’ivyo ufise. (1 Tim. 6:​7, 8) Nugire ubushakashatsi mu bitabu vyacu kugira ngo uronke ivyiyumviro vyogufasha mu ngorane z’ivy’ubutunzi. Abatari bake barafashijwe n’ibiganiro mwene ivyo dusanga kuri jw.org.

12. Ni ibibazo ibihe umukirisu yokwibaza kugira ngo afate ingingo yogirira akamaro umuryango wiwe?

12 Hariho abemeye akazi kabasaba kuja gukorera kure y’umuryango wabo, ariko benshi muri bo basanze iyo ngingo itari ibereye. Imbere yo kwemera akazi kanaka, ntukwiye kuraba gusa ko kazoguhemba neza, urakwiye no kuraba ko katazobangamira ubucuti wewe n’umuryango wawe mufitaniye na Yehova. (Luka 14:28) Niwibaze uti: «Kuja kure y’uwo twubakanye vyoteza ingorane izihe mu mubano wacu? Vyoba bizoshoboka ko nza ndifatanya n’abavukanyi mu makoraniro no mu ndimiro?» Nimba ufise abana urakwiye no kwibaza iki kibazo gihambaye: «Noba nzoshobora kubarera mu kubatoza indero no mu kubakebura nk’uko Yehova yashinze, kandi ntari kumwe na bo?» (Ef. 6:4) Imbere yo gufata ingingo, niwisunge ingene Yehova abona ibintu aho kwisunga ivyiyumviro vy’incuti n’abagenzi batitaho ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.c Umuvukanyi yitwa Tony wo muri Aziya yo mu burengero, yararonse uturyo twinshi two kuja gukorera mu mahanga. Ariko amaze gusenga no kuganira n’umukenyezi wiwe ivy’ico kibazo, yaciye afata ingingo yo kutajayo, ahitamwo nyabuna kuraba ingene bokworosha ubuzima. Tony atereje amaso inyuma, avuga ati: «Iyo ngingo nafashe yaratumye ndonka akaryo ko gufasha abantu batari bake kumenya Yehova, kandi n’abana bacu barakunda cane ukuri. Ubu mu muryango wacu turatahura ko igihe cose tuzobaho twisunga ibivugwa muri Matayo 6:​33, Yehova azokwama aturonsa ivyo dukeneye.»

IGIHE TWITEGEKANIRIZA KAZOZA

13. Ni ibintu ibihe twokora ubu kugira ngo twitegekanirize ibizodufasha mu busaza?

13 Ikindi gihe bitotworohera kwizigira Yehova, ni igihe tuba turiko turazirikana ku bizotubeshaho nitwasaza. Bibiliya ituremesha gukora cane kugira ngo twitegekanirize kazoza. (Imig. 6:​6-11) Nta kibi kirimwo rero umuntu ashoboye kwitegekaniriza kazoza. Amahera arakingira umuntu ku rugero kanaka. (Umus. 7:12) Ariko rero, turakwiye kuba maso kugira ngo kwiruka inyuma y’amahera ntibibe ari vyo dushira imbere mu buzima bwacu.

14. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku bivugwa mu Baheburayo 13:5 igihe twitegekaniriza kazoza?

14 Yezu yaratanze akarorero kerekana ko kwirundaniriza amahera ariko utari «umutunzi ku Mana», ari ubujuju. (Luka 12:​16-21) Nta wuzi ico buca bucana. (Imig. 23:​4, 5; Yak. 4:​13-15) Vyongeye, Yezu yavuze yuko uwo wese yipfuza kuba umwigishwa wiwe akwiye kuba yiteguriye ‘guheba’ ivyo atunze vyose. (Luka 14:33) Ivyo nyene ni vyo vyashikiye abakirisu b’i Yudaya mu kinjana ca mbere, kuko bemeye guheba ivyo bari batunze banezerewe. (Heb. 10:34) No muri iki gihe, abavukanyi benshi baremeye guheba ubuzi be n’ibindi bintu vyobabeshejeho, kubera ko banse kugira aho bahengamiye mu vya politike. (Ivyah. 13:​16, 17) Ni igiki none catumye bafata iyo ngingo? Barizigira badakeka uwu muhango Yehova yatanze ugira uti: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.» (Soma Abaheburayo 13:5.) Ku bw’ivyo rero, turagerageza gutegekanya kazoza uko bishoboka, ariko kandi tukizigira ko Yehova azotwitwararika nitwashikirwa n’ibintu tutari twiteze.

15. Abavyeyi b’abakirisu bakwiye kubona gute abana babo? (Raba n’ifoto.)

15 Mu mico kama imwimwe, abubakanye ahanini bavyara abana kugira ngo bazobafashe mu busaza. Ni nk’aho babafata nk’umutahe bazokwikorako. Bibiliya ivuga ko abavyeyi ari bo bakwiye kuronsa abana babo ivyo bakeneye. (2 Kor. 12:14) Ego ni ko abavyeyi boshobora gukenera ko abana babo bagira ico babafashije mu busaza, kandi abana benshi barahimbarwa no kubikora. (1 Tim. 5:4) Ariko rero abavyeyi b’abakirisu baratahura ko ikintu nyamukuru gituma banezerwa, atari ukurera abana barondera ko bazobafasha mu vy’ubutunzi, ahubwo ko ari ugufasha abo bana kugira ngo bazokorere Yehova.—3 Yoh. 4.

Umugabo n’umugore bariko barayaga n’umukobwa wabo be n’umukwe wabo bahimbawe, biciye ku buhinga bwa none. Uwo mukobwa wabo n’umugabo wiwe bambaye ya majire abubatsi bambara.

Umugabo n’umugore bizigira Yehova, barisunga impanuro zo muri Bibiliya mu gufata ingingo zijanye na kazoza kabo (Raba ingingo ya 15)d


16. Abavyeyi botegura gute abana babo kuzokwibeshaho? (Abanyefeso 4:28)

16 Igihe ufasha abana bawe kubona ingene bokwibeshaho, nubereke yuko wizigira Yehova biciye ku karorero utanga. Nubafashe kuba abanyabikorwa kuva bakiri bato. (Imig. 29:21; soma Abanyefeso 4:28.) Uko bakura, nubafashe kugira akigoro kw’ishure ko kwiga bamenya. Vyoba vyiza abavyeyi bagize ubushakashatsi, kugira baronke impanuro zo muri Bibiliya bokoresha mu gufasha abana babo guhitamwo amashure bokwiga. Ivyo bizofasha abana babo guhitamwo amashure yobafasha kwibeshaho mu buzima no kuronka umwanya ukwiye wo gukorera Yehova.

17. Ni igiki twokwizigira tudakeka?

17 Abizigira Yehova baremera badakeka ko ashoboye kubaronsa ivya nkenerwa mu buzima, mbere ko yipfuza kubibaronsa. Uko iherezo ry’iyi si rirushiriza kwegereza, birashobora kutazotworohera kwizigira Yehova. Ariko uko vyogenda kwose, nimuze twiyemeze kuguma twizigiye ko Yehova azokoresha ububasha bwiwe kugira ngo aturonse ibitubeshaho. Emwe, turemera tudakeka ko ukuboko kwiwe kw’ububasha kandi kuramvuye, kutazokwigera kuba kugufi ngo kureke kudushikira!

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni ibiki twigira ku vyashikiye Musa be n’Abisirayeli?

  • Twokwerekana gute ko twizigira Yehova igihe turi mu ngorane z’ivy’ubutunzi?

  • Ni ibiki twozirikanako igihe twitegekaniriza kazoza?

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

a Raba «Ibibazo vy’abasomyi», mu Munara w’Inderetsi wo muri Gitugutu 2023.

b Raba «Ibibazo vy’abasomyi», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2014.

c Raba ikiganiro kivuga ngo «Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2014.

d INSOBANURO Y’IFOTO: Umugabo n’umugore bizigira Yehova, bariko baraganira n’umwana wabo akorera mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami be n’umugabo wiwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika