IKIGANIRO C’UKWIGA CA 28
URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe
Kubera iki dukwiye gusaba impanuro?
«Abarondera impanuro baba bafise ubukerebutsi.»—IMIG. 13:10.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ivyo twokora kugira impanuro duhabwa zitugirire akamaro.
1. Twokora iki kugira dufate ingingo nziza kandi turoranirwe? (Imigani 13:10; 15:22)
TWESE twipfuza gufata ingingo nziza, kandi turipfuza kuroranirwa. Ijambo ry’Imana riratwereka ingene twobishikako.—Soma Imigani 13:10; 15:22.
2. Yehova adusezeranira iki?
2 Mu vy’ukuri, turakwiye kwitura Umuvyeyi wacu Yehova, kuko ata wundi yoduha impanuro nziza kumuruta. Asezerana kudufasha. Avuga ati: «Nzokugira inama, ndakugumizeko ijisho.» (Zab. 32:8) Ayo majambo arerekana ko Yehova ataduha impanuro gusa, ahubwo ko anatwitwararika umwe wese ku giti ciwe, kandi akadufasha gushira mu ngiro impanuro aba yaduhaye.a
3. Twihweza iki muri iki kiganiro?
3 Muri iki kiganiro, turaza kwifashisha Ijambo ry’Imana kugira turonke inyishu z’ibi bibazo bine: (1) Ni kamere izihe nkwiye kuba mfise kugira impanuro mpawe zingirire akamaro? (2) Ni nde yompa impanuro nziza? (3) Nokwerekana gute ko nari nkeneye impanuro vy’ukuri? (4) Kubera iki nkwiye kwirinda gusaba abandi ngo bafate ingingo mu kibanza canje?
NI KAMERE IZIHE NKWIYE KUBA MFISE?
4. Ni kamere izihe dukwiye kuba dufise kugira impanuro duhawe zitugirire akamaro?
4 Kugira impanuro duhawe zitugirire akamaro, dukwiye kuba turi abantu bicisha bugufi kandi bifata ruto. Kubera ko umutwe umwe utigira inama, turakwiye kwemera ko twoshobora gukenera ivyiyumviro vy’abandi kugira ngo dufate ingingo nziza. Tudafise ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto, Yehova ntashobora kudufasha. Ivyo vyotuma impanuro turonka igihe dusoma Bibiliya ata co zitumarira, zikaba nk’amazi basutse kw’ibuye. (Mika 6:8; 1 Pet. 5:5) Ariko nitwicisha bugufi kandi tukifata ruto, tuzokwihutira gushira mu ngiro impanuro zishingiye kuri Bibiliya, kandi zizotugirira akamaro.
5. Ni ibiki vyari gushobora gutuma umwami Dawidi agira ubwibone?
5 Raba ivyo dushobora kwigira ku karorero k’umwami Dawidi. Hariho ibintu bitari bike vyari gushobora gutuma agira ubwibone. Yari azwi ko ari umucuraranzi karuhariwe n’imbere y’uko aba umwami. Washima, yarasabwe no kuja gucurarangira umwami. (1 Sam. 16:18, 19) Yehova amaze kurobanura Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, yaciye amuha impwemu yiwe nyeranda bituma agira inkomezi. (1 Sam. 16:11-13) Yaravugangwa cane mu Bisirayeli kubera ko yishe abansi babo, ushizemwo na wa Mufilisitiya w’ikigatanya yitwa Goliyati. (1 Sam. 17:37, 50; 18:7) Umuntu w’ubwibone aramutse ashitse ku bintu bihambaye nk’ivyo, yoshobora guca abona ko adakeneye uwomuhanura. Ariko rero si ko Dawidi yari ameze.
6. Twemezwa n’iki ko Dawidi yumviriza impanuro? (Raba n’ifoto .)
6 Dawidi amaze kuba umwami, yagumye yiyegereza abantu bashobora kumuhanura. (1 Ngo. 27:32-34) Ivyo ntibitangaje, kuko Dawidi yamye ari umuntu yumva impanuro. Ntiyumviriza gusa izo yahabwa n’abagabo, yarumvirije n’izo yahawe n’umugore umwe yitwa Abigayili. Abigayili yari muka Nabali, umugabo atisonera, w’intashima, kandi w’ubwikunzi. Dawidi yaricishije bugufi, arakurikiza impanuro amuhaye kandi vyatumye yirinda gukora ikosa rikomeye.—1 Sam. 25:2, 3, 21-25, 32-34.
Umwami Dawidi aremera yicishije bugufi impanuro ahawe na Abigayili kandi akazikurikiza. (Raba ingingo ya 6)
7. Ni ivyigwa ibihe twokura ku karorero ka Dawidi? (Umusiguzi 4:13) (Raba n’amafoto.)
7 Hari ivyigwa twigira kuri Dawidi. Nk’akarorero, twoshobora kuba dufise impano kanaka canke dufise ubukuru kanaka. Naho ari ukwo, ntidukwiye kwiyumvira ko tuzi vyose canke ko ata mpanuro twokenera. Cokimwe na Dawidi, turakwiye kwemera guhanurwa tutaravye uwuduhanuye uwo ari we. (Soma Umusiguzi 4:13.) Nitwabigira birashoboka ko tuzokwirinda gukora amakosa akomeye yotuma tugira intuntu tukayitera n’abandi.
Turakwiye kwumviriza impanuro tutarinze kuraba uwuyiduhaye (Raba ingingo ya 7)d
NI NDE YOMPA IMPANURO NZIZA?
8. Kubera iki Yonatani ari we yari abereye guha impanuro Dawidi?
8 Ehe raba ikindi cigwa twokwigira kuri Dawidi. Yarumvirije impanuro yahawe n’abantu bari bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova ariko kandi batahura neza ikibazo yari afise. Nk’akarorero, igihe Dawidi yashaka kumenya nimba umwami Sawuli amwipfuriza ineza, yarumvirije impanuro ya Yonatani umuhungu wa Sawuli. Kubera iki Yonatani ari we yari abereye kumuha impanuro nziza? Kubera ko yari afitaniye ubucuti bwiza na Yehova, ariko kandi akaba yari asanzwe azi neza Sawuli. (1 Sam. 20:9-13) None ivyo bitwigisha iki?
9. Ni nde dukwiye gusaba impanuro? Tanga akarorero. (Imigani 13:20)
9 Igihe dukeneye impanuro, vyoba vyiza tuyisavye umuntu afitaniye ubucuti bwiza na Yehova ariko kandi atahura ikibazo dufise.b (Soma Imigani 13:20.) Nk’akarorero, dufate ko hari umuvukanyi w’umusore yipfuza kuronka uwo bokwubakana abereye. Wibaza ko ari nde yomuha impanuro nziza? Nka hamwe yohanuza umuvukanyi atarubaka urwiwe, na we akamuha impanuro zishingiye kuri Bibiliya, vyoshobora kumufasha. Mugabo hamwe yohanuza abubakanye bahumuye mu vy’impwemu, bamuzi neza kandi bahimbawe mu mubano wabo, impanuro bomuha yorushiriza kumufasha cane.
10. Tugiye kuganira ku biki?
10 Turahejeje kubona kamere zibiri dukwiye kuba dufise hamwe n’uwubereye kuduha impanuro nziza. Ubu naho, reka turabe ingene twokwerekana ko dukeneye impanuro vy’ukuri, turabe kandi nimba dukeneye gusaba abandi ngo bafate ingingo mu kibanza cacu.
NOKWEREKANA GUTE KO NKENEYE IMPANURO VY’UKURI?
11-12. (a) Ni ibiki bishobora kudushikira rimwe na rimwe? (b) Umwami Rehobowamu yakoze iki igihe yagomba gufata ingingo ihambaye?
11 Rimwe na rimwe umuntu arashobora gusa nk’aho ariko arondera impanuro, ariko mu vy’ukuri arondera gusa ko abandi bashigikira ingingo yamaze gufata. Umuntu nk’uyo nta mpanuro aba akeneye vy’ukuri. Arakwiye kwigira ku vyashikiye umwami Rehobowamu.
12 Rehobowamu ni we yasubiriye umwami Salomo ku ngoma. Igihe Rehobowamu yatangura kuganza ihanga rya Isirayeli, ryari riteye imbere mu vy’ubutunzi. Ariko abanyagihugu babona ko ivyo se wiwe Salomo yahora abasaba vyari amananiza. Baciye bitura Rehobowamu, bamusaba ngo abaremurure uwo mutwaro. Rehobowamu yaciye ababwira ngo bamuhe akanya kugira ngo azirikane ku ngingo yofata. Yatanguye neza mu guhanuza abagabo b’inararibonye bari barakoreye se wiwe Salomo. (1 Abm. 12:2-7) Ariko yarateye akagere impanuro bamuhaye. Kubera iki? Kumbure kubera ko Rehobowamu yari yamaze gufata ingingo, akaba yariko arondera gusa uwomushigikira. Birashoboka rero ko ari co gituma yakurikije impanuro y’imisore bakuranye, kuko yamushiriye aho ashaka. (1 Abm. 12:8-14) Ivyo abo bagenzi biwe bamuhanuye ni vyo nyene yaciye yishura abo banyagihugu. Ivyo vyatumye iryo hanga ryicamwo kubiri, kandi kuva ico gihe Rehobowamu yagumye mu ngorane.—1 Abm. 12:16-19.
13. Twomenya gute ko twipfuza vy’ukuri guhanurwa?
13 Twokwigira iki ku karorero ka Rehobowamu? Igihe dusavye impanuro, dukwiye kuba twiteguriye kuyakira. None twomenya gute ko twiteguriye kuyakira? Turakwiye kwibaza duti: «Noba nsaba impanuro nkaca ndayitera akagere, kubera ko atari yo nashaka kwumva?» Raba aka karorero.
14. Dukwiye kwibuka iki igihe duhanuwe? Tanga akarorero. (Raba n’ifoto.)
14 Dufate ko umuvukanyi kanaka aronse akazi keza. Imbere yo kukemera, abanje guhanuza umukurambere. Uwo muvukanyi aramubwiye ko ako kazi kazotuma amara igihe atari kumwe n’umuryango wiwe. Uwo mukurambere aciye amwibutsa ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ivuga ko ibanga ryiwe nyamukuru ari ukuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’impwemu. (Ef. 6:4; 1 Tim. 5:8) Iyumvire rero nka hamwe uwo muvukanyi yoca atora amahinyu iyo mpanuro uwo mukurambere amuhaye, agaca aja guhanuza abandi bavukanyi gushika aronse uwumushirira aho ashaka. Ubwo vy’ukuri uwo muvukanyi yoba ashaka uwumugira inama, canke yamaze gufata ingingo akaba ashaka gusa uwo bayihurizako? Turakwiye kwibuka ko umutima wacu ari umuhemu. (Yer. 17:9) Rimwe na rimwe impanuro tutashaka kwumva, usanga ari yo vy’ukuri tuba dukeneye.
Woba vy’ukuri urondera impanuro, canke urondera gusa uwugushirira aho ushaka? (Raba ingingo ya 14)
NOBA NKWIYE GUSABA ABANDI NGO BAFATE INGINGO MU KIBANZA CANJE?
15. Ni igiki dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?
15 Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo kwifatira ingingo. (Gal. 6:4, 5) Nk’uko twamaze kubibona, umuntu w’inkerebutsi ararondera impanuro mw’Ijambo ry’Imana, akanahanuza abakirisu bahumuye imbere yo gufata ingingo. Ariko rero turakwiye kwirinda gusaba abandi ngo bafate ingingo mu kibanza cacu. Hari aboshobora kubaza umuntu bubaha batarinze guca ku ruhande bati: «Wokora iki ari wewe?» Abandi na bo boshobora kubigira mu buryo butibonekeza, mu gufata ingingo isa n’iyo uwundi muntu yafashe batarinze kuzirikana.
16. Ni igiki cabaye i Korinto ku bijanye n’inyama zaba zashikaniwe ibigirwamana, kandi ni nde yabwirizwa gufata ingingo yo kuzirya canke kutazirya? (1 Abakorinto 8:7; 10:25, 26)
16 Ehe raba ikintu cabaye mw’ishengero ry’i Korinto ryo mu kinjana ca mbere ku bijanye n’inyama zaba zashikaniwe ibigirwamana. Pawulo yandikiye abo bakirisu ati: «Turazi ko ikigirwamana ari ubusa gusa be n’uko hari Imana imwe gusa.» (1 Kor. 8:4) Ivyo vyatumye bamwe muri iryo shengero bafata ingingo yo kurya izo nyama zaba zashikaniwe ibigirwamana mu nyuma zikagurishwa mw’isoko. Abandi na bo bafashe ingingo yo kutazirya kuko ijwi ryabo ryo mu mutima ritabibakundiye. (Soma 1 Abakorinto 8:7; 10:25, 26.) Iyo yari ingingo umwe wese yabwirizwa kwifatira. Pawulo ntiyigeze aremesha Abakorinto gufatira abandi ingingo canke kwigana iyo abandi baba bafashe. Umwe wese muri bo ‘yari kwibarizwa n’Imana ivyo yakoze.’—Rom. 14:10-12.
17. Vyogenda gute hamwe twopfa kwigana abandi? Tanga akarorero. (Raba n’amafoto.)
17 None ikintu nk’ico coshika gute muri iki gihe? Reka dufatire ku karorero k’uduhimba dutoduto tw’amaraso. Ku bijanye no kuvurwa, umukirisu wese ni we yifatira ingingo yo kwemera utwo duhimba canke kutatwemera.c Naho ibijanye n’utwo duhimba vyoba bitatworohera gutahura, nta wufatira ingingo uwundi, kuko ingingo nk’iyo ari umutwaro umwe wese ategerezwa kwikorera. (Rom. 14:4) Hamwe twopfa kwigana ivyo uwundi yahisemwo, vyoshobora gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima rigoyagoya. Gukoresha ijwi ryacu ryo mu mutima, ni vyo bituma turimenyereza gukora neza. (Heb. 5:14) Ni ryari none twogisha inama umukirisu ahumuye? Ni igihe tuba tumaze kugira ubushakashatsi, ariko ntidutahure neza ingene ingingo ngenderwako kanaka zo muri Bibiliya zijanye n’uko ivyacu vyifashe.
Dukwiye kurondera impanuro ari uko gusa tumaze kugira ubushakashatsi (Raba ingingo ya 17)
NUGUME URONDERA IMPANURO
18. Ni ibiki Yehova yaturonkeje?
18 Kubona Yehova atureka tukifatira ingingo, birerekana ko atwizigira cane. Yaraturonkeje Ijambo ryiwe Bibiliya n’abagenzi babona kure bashobora kudufasha kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ku ruhande rwiwe, Yehova yarashikije ibanga ryo kutwitwararika nk’Umuvyeyi. (Imig. 3:21-23) None natwe twokwerekana gute ko tumukengurukira?
19. Twobandanya gute kunezereza Yehova?
19 Zirikana kuri iki kintu: Abavyeyi baranezerwa cane iyo babonye abana babo bateye imbere bakaba abahumure mu vy’impwemu, bakabona kure, kandi bakaba abasavyi ba Yehova kirumara. Na Yehova aranezerwa cane igihe abonye tubandanije kuba abantu bahumuye, barondera impanuro kandi bafata ingingo zimutera iteka.
URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba
a Muri Bibiliya, ijambo «inama» canke «impanuro» bisigura ikintu kimwe. Muri iki kiganiro no mu gikurikira, ayo majambo aza gukoreshwa nk’ivyitiranwa.
b Rimwe na rimwe, abakirisu boshobora kugisha inama abadasenga Yehova mu bintu bijanye n’amahera, ivyo kwivuza canke ibindi bintu.
c Wipfuza kumenya amakuru y’ido n’ido kuri ico ciyumviro, raba igitabu Kwiberaho ibihe bidahera, icigwa ca 39 iciyumviro ca 5, be n’igice kivuga ngo «Rondera n’ibindi.»
d INSOBANURO Y’IFOTO: Umukurambere ariko arahanura umukurambere mugenziwe ku kuntu yashikirije iciyumviro ciwe mu nama iheruka.