IKIGANIRO C’UKWIGA CA 30
URURIRIMBO RWA 97 Dutungwa n’Ijambo ry’Imana
Inyigisho z’ishimikiro wize zoba zogufasha no muri iki gihe?
«Nama niteguriye kubibutsa ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinze imizi rwose mu kuri.»—2 PET. 1:12.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ukuntu inyigisho z’ishimikiro wize muri Bibiliya zogufasha muri iki gihe, naho hoba haciye imyaka myinshi uzize.
1. Igihe watangura kwiga Bibiliya, inyigisho wize zagufashije gute?
INYIGISHO z’ishimikiro twize muri Bibiliya zarahinduye ubuzima bwacu. Nk’akarorero, igihe twamenya ko izina ry’Imana ari Yehova, twari duteye intambwe ya mbere yo kugiranira na we ubugenzi. (Yes. 42:8) Igihe twamenya uko abapfuye bamerewe, ntitwasubiye kwiyumvira ko abacu bapfuye bariko barababazwa. (Umus. 9:10) Igihe na ho twamenya ko Imana idusezeranira kuzohindura isi Iparadizo, ntitwasubiye guhagarika umutima ku bijanye na kazoza. Twaciye tujijuka ko dushobora kwiberaho ibihe bidahera, aho kubaho igihe gito gusa c’imyaka 70 canke 80.—Zab. 37:29; 90:10.
2. Muri 2 Petero 1:12, 13 herekana gute ko n’abakirisu bahumuye bashobora kuguma bungukira ku nyigisho z’ishimikiro no muri iki gihe?
2 Ntidukwiye gufata minenerwe inyigisho z’ishimikiro twize muri Bibiliya. Ikete rya kabiri intumwa Petero yanditse, yaryandikiye abakirisu bari «[ba]shinze imizi rwose mu kuri.» (Soma 2 Petero 1:12, 13.) Ariko rero ico gihe, ishengero ryari rigeramiwe n’ibintu vyinshi, ushizemwo n’abigisha b’ikinyoma be n’abantu batibanga Imana. (2 Pet. 2:1-3) Petero rero yashaka gukomeza abavukanyi kugira ngo bagume bashikamye. Ivyo yabigize mu kubibutsa inyigisho zimwezimwe bari barize. Izo nyigisho zobafashije kuguma ari intahemuka gushika kw’iherezo.
3. Tanga akarorero kerekana igituma abakirisu bose bakwiye kubandanya kuzirikana ku nyigisho z’ishimikiro bize muri Bibiliya.
3 Naho twoba tumaze kuba abakirisu bahumuye, inyigisho z’ishimikiro twize muri Bibiliya zoshobora kubandanya zidufasha. Tubitangire akarorero: Umuhinga mu vyo guteka be n’uwundi muntu akiriko aravyiga, boshobora guteka ibifungurwa kanaka bakoresheje ibirungo bimwe. Mugabo uko haca igihe, uwo muhinga agenda ariga ubuhinga bushasha bwo gukoresha ivyo birungo nyene mu guteka imfungurwa zitandukanye kandi zinovera. Muri ubwo buryo nyene, abamaze igihe kirekire ari abasavyi ba Yehova boshobora gukura ivyigwa vyinshi ku nyigisho z’ishimikiro kuruta abagitangura kwiga Bibiliya. Kuva tubatijwe, uko ivyacu vyifashe be n’uduteka twagiye turaterwa mw’ishirahamwe rya Yehova, bishobora kuba vyagiye birahindagurika. Nka hamwe inyigisho zo muri Bibiliya twize kera twozihuza n’uko ivyacu vyifashe muri iki gihe, woshobora gusanga tuhakuye ibindi vyigwa vyotugirira akamaro. Reka turabe ivyigwa abakirisu bahumuye bokura mu nyigisho zitatu z’ishimikiro zo muri Bibiliya.
YEHOVA NI UMUREMYI
4. Kumenya ko Yehova ari Umuremyi vyatugiriye akamaro gute?
4 «Imana ni yo yubatse ibintu vyose.» (Heb. 3:4) Turazi ko isi be n’ibinyabuzima biri kuri yo vyashizweho n’Umuremyi afise ubwenge be n’ububasha ntangere. Kubera ko Imana ari yo yaturemye, birumvikana ko ituzi neza. Vyongeye, iratwitwararika kandi irazi icotubera ciza. Kuba twaramenye ukwo kuri kw’ishimikiro, tukamenya ko Yehova ari Umuremyi, vyaratugiriye akamaro cane bituma ubuzima bwacu bugira intumbero.
5. Kumenya ko Yehova ari Umuremyi vyodufasha gute kwicisha bugufi? (Yesaya 45:9-12)
5 Kumenya ko Yehova ari Umuremyi biradufasha kandi kwicisha bugufi. Nk’akarorero, igihe Yobu yashira umutima ku bimwerekeye, Yehova yaramwibukije ko ari we Muremyi Mushoboravyose. (Yobu 38:1-4) Ivyo vyarafashije Yobu kubona ko inzira z’Imana zirengeye cane inzira z’abantu. Mu gushimangira ico kintu, mu nyuma umuhanuzi Yesaya yanditse ati: «Mbega ibumba ryobwira Umubumvyi ngo: ‘Uriko ukora iki?’»—Soma Yesaya 45:9-12.
6. Ni ryari twoshobora kuzirikana ku bukuru Yehova Umuremyi wacu ahambaye afise? (Raba n’amafoto.)
6 Uko umukirisu agenda aramenya utuntu n’utundi, yoshobora gutangura kwiyizigira cane, aho kurondera kuyoborwa na Yehova n’Ijambo ryiwe. (Yobu 37:23, 24) Ariko none vyogenda gute nka hamwe yozirikana cane ku bukerebutsi no ku bukuru ntangere Umuremyi wacu Yehova afise? (Yes. 40:22; 55:8, 9) Vyoca bimufasha kuguma yicishije bugufi aho kwizigira ivyiyumviro vyiwe.
Ni ibiki vyodufasha kubona ivyiyumviro vyacu mu buryo bwiza? (Raba ingingo ya 6)d
7. Ni igiki Rahela yakoze kugira yemere amahinduka yari yabaye?
7 Kuzirikana ku bijanye n’Umuremyi wacu, vyarafashije mushiki wacu umwe yitwa Rahela wo muri Sloveniya kwemera amahinduka yabaye mw’ishirahamwe. Avuga ati: «Ntivyamye binyorohera kwemera ingingo zaba zafashwe n’abatuja imbere. Nk’akarorero, n’inyuma y’aho ndabiye amakuru agezweho agira 8 yo mu 2023 avuye ku Nama Nyobozi, vyarangoye kwakira igihe nabona ari bwo bwa mbere umuvukanyi afise ubwanwa ariko aratanga insiguro. Naciye nsenga Yehova ndamusaba ngo amfashe kwemera ayo mahinduka.» Rahela yahavuye atahura yuko kubera ko Yehova ari we yaremye ijuru n’isi, ashoboye rero kuyobora neza ishirahamwe ryiwe mu buryo bwiza. Nimba nawe bikugora kwakira amahinduka canke ubuyobozi bushasha, ubona gute uzirikanye wicishije bugufi ku bukerebutsi n’ububasha ntangere vy’Umuremyi wacu?— Rom. 11:33-36.
IGITUMA IMANA IREKA TUGASHIKIRWA N’IMIBABARO
8. Kumenya igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro, vyadufashije gute?
8 Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro? Bamwebamwe mu batazi inyishu y’ico kibazo barashavuriye Imana, abandi na bo bituma biyumvira ko itanabaho. (Imig. 19:3) Ariko wewe waratahuye ko imibabaro abantu barimwo yakwezwe n’igicumuro twarazwe, ko itavuye kuri Yehova. Waramenye kandi ko kuba Yehova yihanganira abantu, vyatumye abantu amamiliyoni bamumenya bongera baratahura ko azokuraho imibabaro burundu. (2 Pet. 3:9, 15) Kumenya ivyo bintu vyaraguhumurije vyongera bituma urushiriza kumwiyegereza.
9. Ni mu biringo ibihe vyoba vyiza twiyibukije igituma Yehova areka tugashikirwa n’imibabaro?
9 Turatahura ko dukeneye kwihangana magingo tukirindiriye ko Yehova akuraho imibabaro. Igihe twebwe canke incuti zacu dushikiwe n’ingorane, tukarenganywa, canke tukabura abacu, twoshobora kwibaza igituma Yehova atebeje gukuraho imibabaro. (Hab. 1:2, 3) Mu bihe nk’ivyo, vyoba vyiza tuzirikanye ku mvo zituma Yehova areka abantu beza bagashikirwa n’imibabaro.a (Zab. 34:19) Vyoba vyiza kandi tuzirikanye ku mugambi Yehova afise wo gukuraho imibabaro ubutakigaruka.
10. Ni igiki cafashije Anne kwihangana igihe yabura nyina wiwe?
10 Kumenya igituma Imana ireka hakaba imibabaro birashobora kudufasha kwihangana. Mushiki wacu umwe yitwa Anne wo mw’izinga rya Mayotte ryo mw’ibahari Indiyano, avuga ati: «Igihe nabura mawe nko mu myaka nk’ingahe iheze, naratuntuye cane. Ariko rero nama nibuka ko Yehova atari we aduteza imibabaro. Ahubwo ko ashashaye gukuraho imibabaro y’ubwoko bwose no kuzura abacu bapfuye. Kuzirikana kuri ivyo bintu vyose, bituma ngira amahoro yo mu mutima akenshi na jewe ntashobora no gusigura.»
11. Kumenya imvo zituma Yehova areka hakaba imibabaro bishobora kudufasha gute kubandanya twamamaza?
11 Kumenya igituma Imana ireka hakaba imibabaro birashobora kudutera intege zo kubandanya twamamaza. Petero ahejeje gusigura ko ukurindira kwa Yehova gusobanura ubukiriro ku bantu bigaya, yaciye avuga ati: «Nimwiyumvire uko mukwiye kumera. Mukwiye kuba abantu b’ingeso nyeranda kandi bakora ibikorwa vyerekana ko bihebera Imana.» (2 Pet. 3:11) Muri ivyo ‘bikorwa vy’ukwihebera Imana’, harimwo igikorwa co kwamamaza. Cokimwe n’Umuvyeyi wacu Yehova, natwe turakunda abantu. Twipfuza ko boba muri ya si igororotse Imana isezerana. Ukwihangana kwa Yehova kuriko kuratuma abantu bo mu kibano iwanyu baronka akaryo ko kumusenga. Ese ukuntu ari agateka kubona ukorana n’Imana ugafasha abantu benshi kuyimenya imbere y’uko iherezo rishika.— 1 Kor. 3:9.
TUBAYEHO «MU MISI YA NYUMA»
12. Kumenya ko tubayeho «mu misi ya nyuma» vyadufashije gute?
12 Bibiliya iradondora neza ingene abantu bo «mu misi ya nyuma» bobaye bameze. (2 Tim. 3:1-5) Turavye hirya no hino turibonera ukuntu ubwo buhanuzi buriko buraranguka. Iyo tubonye ingene abantu barushiriza kuba babi, tuca turushiriza kwemera tudakeka ko Ijambo ry’Imana ari iryo kwizigirwa.—2 Tim. 3:13-15.
13. Twisunze ikigereranyo Yezu yatanze dusanga muri Luka 12:15-21, ni ibiki dukwiye kwibaza?
13 Gutahura yuko turi mu misi ya nyuma biradufasha kubona ko ibintu vyihutirwa. Raba igituma ivyo bihambaye mu kigereranyo Yezu yatanze dusanga muri Luka 12:15-21. (Soma.) Kubera iki uwo mugabo w’umutunzi yiswe «ikijuju»? Ntiyiswe ukwo kubera ko yari atunze, ahubwo ni kubera ko atashira imbere ibihambaye. ‘Yarirundanirije ubutunzi, ariko ntiyari umutunzi ku Mana.’ Kubera iki none vyari bihambaye ko uwo mugabo abona ko ibintu vyihutirwa? Imana yamubwiye iti: «Iri joro nyene urara upfuye.» Na twebwe muri iki gihe, uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza, turakwiye kwibaza duti: «Imigambi mfise yoba yerekana ko mbona yuko ibintu vyihutirwa? Abana banje ndabafasha kwishingira imigambi nyabaki? Noba nkoresha inguvu zanje, umwanya wanje be n’ivyo ntunze, kugira ahanini nirundanirize ubutunzi canke ndabikoresha kugira nirundanirize ubutunzi mw’ijuru?»
14. Twisunze akarorero ka Miki, kubera iki bibereye ko tuzirikana ku bimenyamenya vyerekana ko turi mu misi ya nyuma?
14 Kuzirikana ku bimenyamenya vyerekana ko turi mu misi ya nyuma birashobora kudufasha kubona ingene twokoresha ubuzima bwacu. Ivyo ni vyo vyashikiye mushiki wacu yitwa Miki. Avuga ati: «Igihe narangiza amashure yisumbuye, numva nshaka gukora akazi kotuma menya cane ibijanye n’ibikoko. Ariko kandi nari mfise umugambi wo gukora ubutsimvyi busanzwe no kuja gukorera ahakenewe cane abamamaji. Abagenzi banje bahumuye bampanuye kuzirikana nitonze ngo ndabe nimba vyoshoboka ko nkora ako kazi, ngashika no ku migambi yanje yo mu vy’impwemu. Baranyibukije ko ivy’iyi si vuba bigiye guhera, ariko ko mw’isi nshasha nzoshobora kwiga ibijanye n’ibikoko vyose nipfuza, ibihe bidahera. Naciye rero mpitamwo kwiga ivyigwa bimara igihe gito vyandonkeje ubuhanga nari nkeneye. Ivyo vyatumye ndonka akazi kamfasha gukora ubutsimvyi maze mu nyuma nimukira muri Équateur, ahari hakenewe cane abamamaji.» Ubu Miki n’umugabo wiwe bakora igikorwa co kugendera amashengero muri ico gihugu.
15. Kubera iki tudakwiye guheba abatarakira inkuru nziza? Tanga akarorero. (Raba n’amafoto.)
15 Ntidukwiye gucika intege igihe abantu badashotse bakira inkuru nziza. Abantu barahinduka. Raba akarorero ka Yakobo mwenewabo na Yezu bavukana kuri nyina. Yariboneye ingene Yezu akura, araba Mesiya, arabona n’ingene yigisha gusumba abandi bantu bose. Yamara Yakobo yaramaze imyaka itari mike ataraba umwigishwa wa Yezu. Yagiye kuba umwigishwa wiwe Yezu amaze kuzuka, kandi yabaye umwigishwa w’umunyamwete cane.b (Yoh. 7:5; Gal. 2:9) Birahambaye rero ko tuguma tubwira inkuru nziza incuti zacu zitarerekana ugushimishwa, no gusubira kugendera abatemeye inkuru nziza. Urama wibuka ko turi mu misi ya nyuma, rero igikorwa co kwamamaza kirihutirwa. Ivyo ubabwira ubu vyoshobora kuzobafasha mu nyuma, mbere n’igihe amakuba akomeye azoba amaze gutangura.c
Ni igiki codufasha kudaheba incuti zacu tudasangiye ukwemera? (Raba ingingo ya 15)e
NIWAME UKENGURUKA IVYIBUTSWA VYA YEHOVA
16. Ivyibutswa vya Yehova vyakugiriye akamaro gute? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Bikoreshe mu gufasha abandi.»)
16 Zimwezimwe mu mfungurwa z’ivy’impwemu turonka, zitegurirwa abantu batarigera bumva ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya. Nk’akarorero, insiguro ya bose yama ishikirizwa buri ndwi, bimwebimwe mu biganiro n’amavidewo vyo kuri jw.org, be n’ibinyamakuru bigenewe abantu bose, bitegurirwa canecane abatari Ivyabona vya Yehova. Naho ari ukwo, ivyo vyibutswa na twebwe biratugirira akamaro. Biratuma turushiriza gukunda Yehova no kwizera Ijambo ryiwe, bikanadufasha kwigisha abandi neza ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya.—Zab. 19:7.
17. Ni mu bihe ibihe ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya kwodufasha?
17 Twebwe Ivyabona vya Yehova, turahimbarwa cane igihe haje umuco mushasha udufasha kurushiriza gutahura icanditswe kanaka. Ariko ntiwumve, turanakenguruka cane inyigisho zo muri Bibiliya twize zigatuma dutangura kwiyegereza Yehova. Bishitse rero tukageragezwa ngo twumire ku vyiyumviro vyacu aho gukurikiza ubuyobozi butanzwe n’ishirahamwe rya Yehova, turakwiye kwibuka twicishije bugufi ko uwuyoboye ishirahamwe ryacu ari Umuremyi w’ubushobozi n’ubukerebutsi ntangere. Bishitse na ho twebwe canke uwacu tugashikirwa n’ingorane, turakwiye kwihangana maze tukazirikana ku gituma Yehova areka tugashikirwa n’imibabaro. Igihe na ho tugomba gufata ingingo y’ingene twokoresha umwanya wacu n’ivyo dutunze, turakwiye kwibuka ko iyi misi ya nyuma tubayemwo ata gihe kinini isigaje. Ese ivyibutswa vya Yehova vyobandanya kudukomeza, gutuma dufata ingingo ziranga ubukerebutsi, no kudufasha kuguma turi intahemuka.
URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana
a Raba ikiganiro kivuga ngo «Igituma ugucumukura kwose kugiye kurangira vuba», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2007, rup. 21-25.
c Raba ikiganiro kivuga ngo «Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imanza Yehova yimirije guca?», mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2024, rup. 8-13.
d INSOBANURO Y’AMAFOTO: Umukurambere aratanze iciyumviro ariko nticemewe n’inama y’abakurambere. Mu nyuma uwo mukurambere arihweza ijuru ryuzuye inyenyeri, agaca aheba gushimika ku vyiyumviro vyiwe.
e INSOBANURO Y’IFOTO: Umudada ariko ariyigisha, arasuzuma ibimenyamenya bitwereka ko turi mu misi ya nyuma. Ivyo biciye bituma aterefona mwenewabo akamubwira inkuru nziza.