ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Gitugutu rup. 12-17
  • Urukundo rw’Imana rwamaho ibihe vyose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urukundo rw’Imana rwamaho ibihe vyose
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWIBUKE KO URUKUNDO RWA YEHOVA ARI IMWE MU NYIGISHO Z’ISHIMIKIRO
  • ZIRIKANA KU RUKUNDO YEHOVA AGUKUNDA
  • IBISHOBORA GUTUMA DUKEKERANYA
  • NUGUME URI INTAHEMUKA
  • Yehova aragukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Nuhere amazinda ko Yehova agukunda
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ingene twotsinda inkeka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Gitugutu rup. 12-17

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 41

URURIRIMBO RWA 108 Urukundo rudahemuka rw’Imana

Urukundo rw’Imana rwamaho ibihe vyose

« Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza. Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»—ZAB. 136:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Urukundo rwa Yehova ni imwe mu nyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Iki kiganiro, kiraza kutwereka ko kwama twibuka ico kintu bidufasha kudacika intege igihe turi mu bihe bitoroshe.

1-2. Ni ingorane iyihe ikunda gushikira abakirisu benshi?

NIWIHE ishusho y’ubwato buri hagati mu kiyaga kirimwo umuyaga w’igihuhusi. Imipfunda ikomeye iriko irazungagiza ubwo bwato. Hatagize uwuterera inanga yabwo mu kiyaga, iyo mipfunda ica iguma ibujana iyo ishaka hose. Ariko batereye iyo nanga mu mazi, bica bituma buguma hamwe naho haba hari igihuhusi.

2 Igihe uri mu ngorane zitesha umutwe, urashobora kwumva umengo uriko urazungazunga nk’ubwo bwato. Umwanya umwe uremera ko Yehova agukunda kandi ko agufasha, uwundi mwanya na ho ukibaza nimba yoba abona ibiriko biragushikira. (Zab. 10:1; 13:1) Kumbure umugenzi yoshobora kukuremesha ukamara imisi uremye. (Imig. 17:17; 25:11) Ariko budakeye na kabiri urasubira gukekeranya wibaza nimba Yehova akwitaho. Woshobora no kwiyumvira mbere ko Yehova yaguhevye. None igihe uri mu ngorane, wokora iki kugira ngo uterere inanga yawe mu mazi canke kugira ugume ushikamye? Mu yandi majambo, wokora iki kugira ngo uhere amazinda ko Yehova agukunda kandi ko azogufasha?

3. (a) «Urukundo rudahemuka» ruvugwa muri Zaburi 31:7 na 136:1 rumeze gute? (b) Kubera iki twovuga ko Yehova ari we karorero ntangere mu kugaragaza urwo rukundo? (Raba n’ifoto.)

3 Kimwe mu vyo wokora kugira ngo ugume ushikamye mu ngorane, ni ukwibuka ko Yehova agukunda urukundo rudahemuka. (Soma Zaburi 31:7; 136:1.) Imvugo ngo «urukundo rudahemuka» yerekeza ku gukunda umuntu ibihe vyose, ntiwigere umuhemukira kandi ukamwama hafi. Yehova ni we karorero ntangere mu kugaragaza urwo rukundo, nakare Bibiliya ivuga ko Yehova «yuzuye urukundo rudahemuka.» (Kuv. 34:​6, 7, akajambo k’epfo) Bibiliya ivuga kandi ko ‘urukundo rudahemuka Yehova afitiye abo bose bamwambaza ari rwinshi.’ (Zab. 86:​5, akajambo k’epfo) None ivyo bisobanura iki? Bisobanura ko Yehova atazokwigera aheba abasavyi biwe b’abizigirwa. Kwibuka rero ko Yehova adahemuka birashobora kugufasha kuguma ushikamye mu gihe c’ingorane zitesha umutwe.—Zab. 23:4.

Inanga y’ubwato yakororewe mu mazi, ikaba ituma buguma hamwe mu muyaga w’igihuhusi.

Nka kurya nyene inanga y’ubwato ituma buguma hamwe mu gihe c’igihuhusi, ni ko n’ukwizigira Yehova bituma dutekana igihe turi mu ngorane (Raba ingingo ya 3)


NIWIBUKE KO URUKUNDO RWA YEHOVA ARI IMWE MU NYIGISHO Z’ISHIMIKIRO

4. Tanga uburorero bw’inyigisho zimwezimwe z’ishimikiro zo muri Bibiliya, uvuge n’igituma tuzemera tudakekeranya.

4 Ikindi kintu wokora kugira ngo ugume ushikamye mu ngorane, ni ukwibuka ko urukundo rwa Yehova ari imwe mu nyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. None tuvuze ngo inyigisho y’ishimikiro yo muri Bibiliya uca ubona iki? Kumbure uca ubona inyigisho wize mw’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, warize ko Imana yitwa Yehova, ko Yezu ari Umwana w’ikinege w’Imana, ko abapfuye ata co bazi, be n’uko abantu bazobaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo. (Zab. 83:18; Umus. 9:5; Yoh. 3:16; Ivyah. 21:​3, 4) Igihe watahura ko izo nyigisho ari ukuri, amakenga yose wari ufise yaciye ahera ku buryo n’uwari kukubwira ko atari iz’ukuri utari kugenda umwemereye. Kubera iki? Kubera ko wabonye ko izo nyigisho zishingiye ku bimenyamenya bitomoye. N’urukundo rwa Yehova ni imwe muri izo nyigisho z’ishimikiro. Reka rero turabe ingene kuguma wibuka ico kintu bishobora kugufasha kurwanya iciyumviro c’uko Yehova atakwitwararika canke ko atabona ivyo uriko uracamwo.

5. Bigenda gute ngo umuntu ahebe inyigisho z’ikinyoma yahora yemera?

5 Igihe watangura kwiga Bibiliya, ni igiki cagufashije guheba inyigisho z’ikinyoma wahora wemera? Ushobora kuba waza uragereranya ivyo wemera be n’ivyo Bibiliya yigisha. Dufate ko wahoze wemera ko Yezu ari Imana Mushoboravyose. Uko wagenda uriga Bibiliya ushobora kuba warizaba uti: «Vyoba ari vyo koko?» Umaze kwisuzumira ivyo Bibiliya yigisha kuri ico kintu, wasanze Yezu atari Imana Mushoboravyose. Iyo nyigisho y’ikinyoma rero waciye uyisubiriza n’inyigisho y’ukuri wubuye muri Bibiliya, ivuga ko Yezu ari «imfura mu vyaremwe vyose» akaba n’«Umwana w’Imana w’ikinege.» (Kol. 1:15; Yoh. 3:18) Ego ni ko inyigisho z’ikinyoma hari igihe usanga zikomeye cane ku buryo bitoroha kuzitembagaza. (2 Kor. 10:​4, 5) Ariko igihe wazitembagaza ntiwasubiriye no kuzishirako umutima.—Flp. 3:13.

6. Kubera iki wokwemera udakeka ko ‘urukundo rudahemuka rwa Yehova rwamaho ibihe vyose?’

6 Urakwiye kubigenza gutyo nyene no ku vyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’urukundo rwa Yehova. Igihe uri mu ngorane maze ugatangura kwiyumvira ko Yehova atagukunda, nuce wibaza uti: «Ibi ndiko ndiyumvira vyoba ari vyo?» Ivyo uriko uriyumvira nuce ubigereranya n’ibivugwa muri Zaburi 136:​1, icanditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro. Kubera iki Yehova avuga ko urukundo rwiwe ari «urukundo rudahemuka»? Kubera iki imvugo ngo ‘urukundo rwiwe rudahemuka rwamaho ibihe vyose’ igaruka incuro 26 muri iyo Zaburi? Nk’uko twabibonye, urukundo rudahemuka Yehova akunda abasavyi biwe ni imwe mu nyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya, cokimwe n’izindi nyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana wemeye bitagoranye. Kwiyumvira ko Yehova abona ko ata co umaze canke ko atagukunda, nta ho bitaniye n’inyigisho y’ikinyoma. Nurwanye rero ico ciyumviro nka kurya nyene worwanya inyigisho iyo ari yo yose y’ikinyoma.

7. Ni ivyanditswe bimwebimwe ibihe bikujijura ko Yehova agukunda?

7 Bibiliya irimwo ibindi bimenyamenya vyinshi vyerekana ko Yehova agukunda. Nk’akarorero, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Murarusha agaciro utujuri twinshi.» (Mat. 10:31) Yehova na we yabwiye abasavyi biwe ati: «Nzogukomeza, emwe nzogufasha. Vy’ukuri, nzogufata n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi, ndakugumye.» (Yes. 41:10) Woba wabonye ko muri ayo majambo Yezu na Yehova bavuze, ata makenga arimwo? Yezu ntiyavuze ngo «hari aho mwoba murusha agaciro utujuri twinshi.» Ahubwo yavuze ngo «murarusha agaciro utujuri twinshi.» Eka na Yehova ntiyavuze ngo «hari aho nogufasha.» Ahubwo yavuze ngo «nzogufasha.» Nimba bihora bishika ugakekeranya ko Yehova agukunda igihe uba uri mu ngorane, ivyo vyanditswe ntibituma wiyumvamwo gusa ko Imana igukunda, ahubwo biranagukura amazinda ko igukunda koko. Ibivugwa muri ivyo vyanditswe ni ukuri kwigendera. Hamwe wosaba Yehova ngo agufashe ukongera ukazirikana kuri ivyo vyanditswe, na wewe woshobora kuvuga uti: ‘Naramenye nongera ndizera ko Imana inkunda.’—1 Yoh. 4:16.a

8. Wokora iki nimba ugikekeranya ko Yehova agukunda?

8 Wokora iki none bishitse ugasubira kwiyumvira ko Yehova atagukunda? Ivyo vyiyumviro ufise nuce ubigereranya n’ivyo usanzwe uzi kuri Yehova. Hari igihe umuntu agira ivyiyumviro bitari vyo. Ariko ikintu gishingiye ku bimenyamenya coco kiba ari ico kwizigirwa. N’ivyo Bibiliya itwigisha ku bijanye n’urukundo rwa Yehova, ni ivyo kwizigirwa kuko bishingiye ku bimenyamenya. Umuntu atemeye ko Yehova amukunda ni nk’aho aba atemera ko Imana ari urukundo kandi ahanini ari rwo ruyiranga.—1 Yoh. 4:8.

ZIRIKANA KU RUKUNDO YEHOVA AGUKUNDA

9-10. Yezu yariko avuga ibiki igihe yavuga ngo «Data ubwiwe arabakunda»? (Yohani 16:​26, 27) (Raba n’ifoto.)

9 Turashobora kumenya n’ibindi ku bijanye n’urukundo rwa Yehova, dusuzumye aya majambo Yezu yabwiye abigishwa biwe agira ati: «Data ubwiwe arabakunda.» (Soma Yohani 16:​26, 27.) Ivyo Yezu ntiyabivuze arondera kunezereza abigishwa biwe. Wanashima, imirongo y’imbere y’aho yerekana ko Yezu yariko avuga ibijanye n’isengesho.

10 Yezu yari ahejeje kubwira abigishwa biwe ko badakwiye kumusenga, ahubwo ko bakwiye gusenga mw’izina ryiwe. (Yoh. 16:​23, 24) Vyari bihambaye ko bamenya ico kintu. Yezu amaze kuzuka, abigishwa biwe bashobora kuba bariyumviriye ko bomusenga. Nakare Yezu yari umugenzi wabo. Bashobora kuba bariyumviriye ko urukundo yabakunda rwotumye yumva ivyo bamusaba maze na we agaca abishikiriza Se. Ariko rero Yezu yavuze ko badakwiye kwishiramwo ico ciyumviro. Uti kubera iki? Kubera ko yababwiye ati: «Data ubwiwe arabakunda.» Ukwo kuri ni kimwe mu bintu nyamukuru Bibiliya yigisha ku bijanye n’isengesho. None ivyo bikwerekeye gute? Ivyo wize muri Bibiliya vyatumye umenya Yezu wongera uramukunda. (Yoh. 14:21) Ariko cokimwe n’abo bigishwa ba Yezu, na wewe ukwiye gusenga Yehova kuko uzi neza ko na we ‘ubwiwe agukunda.’ Igihe cose rero usenze Yehova uba werekanye ko wemera ayo majambo Yezu yavuze.—1 Yoh. 5:14.

Amafoto: Umuvukanyi yicaye hanze ku ntebe ariko arashira mw’isengesho ibintu bitatu bihambaye mu buzima bwiwe. 1. Ashiriye udufungurwa umugore wiwe arwaye. 2. Ariko yigisha Bibiliya agakobwa kiwe karyohewe. 3. Ariko araraba ku rupapuro uko ivy’ubutunzi bw’umuryango bwifashe.

Urashobora gusenga Yehova wizigiye ko we ‘ubwiwe agukunda’ (Raba ingingo ya 9-10)b


IBISHOBORA GUTUMA DUKEKERANYA

11. Kubera iki iyo dukekeranije ko Yehova adukunda Shetani aca anezerwa?

11 Ni igiki gituma umuntu akekeranya ko Yehova amukunda? Woshobora kuvuga ko biva kuri Shetani, kandi ntiwoba wihenze. Kubera ko Shetani arondera kuturotsa, yohimbarwa hamwe twokekeranya ko Yehova adukunda. (1 Pet. 5:8) Niwibuke ko urukundo Yehova adukunda ari rwo rwatumye adutangira incungu. Ariko Shetani wewe yipfuza ko tubona ko tutabereye iyo ncungu. (Heb. 2:9) None iyo twiyumviriye ko Yehova atadukunda ni nde avyungukiramwo? Ni Shetani. Vyongeye, ni nde aryoherwa iyo dushikiwe n’ingorane maze tugaca duhagarika gukorera Yehova? Ni Shetani nyene. Raba rero aho Shetani abereye mubi: Mu bisanzwe, ni we adakundwa na Yehova. Mugabo abigiranye «amayeri» aragerageza gutuma twiyumvira ko ari twebwe tudakundwa na Yehova, kandi ko turi akahebwe. (Ef. 6:11) Gutahura ayo mayeri ya Shetani birashobora gutuma turushiriza ‘kumurwanya’ twivuye inyuma.—Yak. 4:7.

12-13. Ni mu buryo ki igicumuro twarazwe gishobora gutuma dukekeranya ko Yehova adukunda?

12 Hariho ikindi kintu gishobora gutuma dukekeranya ko Yehova adukunda. Uti ni igiki? Ni igicumuro twarazwe. (Zab. 51:5; Rom. 5:12) Igicumuro carononye ubucuti twari dufitaniye n’Umuremyi wacu, conona n’ubwenge bwacu, umutima wacu n’amagara yacu.

13 Igicumuro kiratuma twiyagiriza, tukagira amaganya, tukabura amahoro, tukagira n’ibimaramare. Ivyo bikunda kudushikira iyo dukoze igicumuro. Ariko rero naho tutaba twakoze igicumuro, kuguma twibuka ko turi abacumuzi, ko tutameze nk’uko Imana yashaka ko tumera igihe yaturema, na vyo nyene biratuma tumererwa gutyo. (Rom. 8:​20, 21) Nka kurya nyene imodoka itobotse ipine idashobora kugenda neza, ni ko na twebwe abantu b’abanyagasembwa tudashobora gukora ibintu neza na neza nk’uko twobikoze iyo tuza kuba dutunganye. Ntibitangaje rero kubona rimwe na rimwe duhora twiyumvira ko Yehova atadukunda. Bishitse tukavyiyumvira, turakwiye kwibuka ko Yehova ari ‘Imana ihambaye kandi iteye akoba, yereka urukundo rudahemuka abayikunda bakubahiriza amabwirizwa yayo.’—Neh. 1:​5, akajambo k’epfo.

14. Kuzirikana ku ncungu bishobora gute kudufasha kurwanya iciyumviro c’uko Yehova atokwigera adukunda? (Abaroma 5:8) (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Uraba maso ku ‘bubasha buhendana bw’igicumuro.’»)

14 Rimwe na rimwe twoshobora kwumva ko tutabereye gukundwa na Yehova, kandi mu vy’ukuri ntitubibereye. Aho rero ni ho urukundo rwiwe rutangarije. Mu bisanzwe, nta co twokora cotuma tuba ababereye gukundwa na Yehova. Naho ari ukwo, incungu Yehova yatanze irapfuka ibicumuro vyacu kandi yayitanze kubera ko adukunda. (1 Yoh. 4:10) Niwibuke kandi ko Yezu ataje gukiza abagororotsi, ahubwo ko yaje gukiza abacumuzi. (Soma Abaroma 5:8.) Nta n’umwe muri twebwe ashobora gukora ibintu mu buryo butagira agahaze, kandi na Yehova nta vyo atwitezeko. Gutahura rero ko igicumuro twarazwe gishobora gutuma twiyumvira ko Yehova atadukunda, bica bituma turushiriza kurwanya ico ciyumviro twivuye inyuma.—Rom. 7:​24, 25.

Uraba maso ku «bubasha buhendana bw’igicumuro»

Bibiliya iravuga ibijanye n’«ububasha buhendana bw’igicumuro.» (Heb. 3:13) Uretse ko agasembwa twarazwe gatuma dukora ibintu bibi, karashobora no gutuma tuguma dukekeranya ko Imana idukunda. Emwe, igicumuro kirafise «ububasha buhendana» koko!

Abantu turakunda kwiyumvira ko tutohendwa. Nk’akarorero, twoshobora kwiyumvira ko ata mufungakiwani yoduhenda. Ariko rero tutabaye maso, yoshobora kuducamwo akadutwara ivyo dufise vyose.

Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kuba maso igihe agasembwa kacu kagerageje kuduhenda kugira ngo twiyumvire ko Yehova atadukunda. Kubera ko turi abanyagasembwa turashobora kugumiza umutima ku ntege nke zacu no ku makosa dukora. Ariko rero ubwo ni «ububasha buhendana bw’igicumuro», kandi turakwiye kurwanya iyo nyosha mbi.

NUGUME URI INTAHEMUKA

15-16. Ni igiki twokwemera tudakeka tugumye turi intahemuka kuri Yehova, kandi kubera iki? (2 Samweli 22:26)

15 Yehova yipfuza ko ‘tumwumirako.’ (Gus. 30:​19, 20) Nitwamwumirako na we ntazokwigera aduhemukira. (Soma 2 Samweli 22:26.) Tugumye turi intahemuka kuri Yehova, turashobora kwizigira ko na we azodufasha mu ngorane iyo ari yo yose yodushikira mu buzima.

16 Nk’uko twabibonye, turafise imvo zumvikana zotuma tuguma dushikamye igihe turi mu ngorane. Turazi ko Yehova adukunda kandi ko azodufasha. Ivyo nyene ni vyo Bibiliya yigisha. Bishitse tukiyumvira ko Yehova atadukunda, dukwiye nyabuna guca tuzirikana ku vyo tuzi ku bimwerekeye, aho kuguma tubona ko ivyo twiyumvira ari vyo vyo. Nimuze rero ntitwigere dukekeranya uku kuri Bibiliya ivuga, ko urukundo rudahemuka rwa Yehova rwamaho ibihe vyose.

WOKWISHURA GUTE?

  • Kwibuka ko urukundo rwa Yehova ari imwe mu nyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya vyodufasha gute?

  • Ni mu buryo ki igicumuro twarazwe gishobora gutuma dukekeranya ko Yehova adukunda?

  • Ni ibiki vyodufasha guhera amazinda ko Yehova adukunda?

URURIRIMBO RWA 159 Nuninahaze Yehova

a Ibindi vyanditswe twovuga ni nk’ibi: Gusubira mu vyagezwe 31:​8, Zaburi 94:​14, na Yesaya 49:15.

b INSOBANURO Y’IFOTO: Umuvukanyi ariko arasenga Yehova amusaba ko yomufasha kwitwararika umugore wiwe arwaye, gukoresha neza amahera, no kwigisha umukobwa wabo gukunda Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika