ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Myandagaro rup. 8-13
  • Nuhere amazinda ko Yehova agukunda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhere amazinda ko Yehova agukunda
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUBERA IKI DUKWIYE GUHERA AMAZINDA KO YEHOVA ADUKUNDA?
  • NI IBIKI VYODUFASHA KURUSHIRIZA KUJIJUKA KO YEHOVA ADUKUNDA?
  • INGENE YEZU ADUFASHSA GUHERA AMAZINDA KO YEHOVA ADUKUNDA
  • IVYOGUFASHA KURUSHIRIZA KUJIJUKA
  • Yehova aragukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Incungu itwigisha iki?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Nugume wamamaza ubitumwe n’urukundo
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Myandagaro rup. 8-13

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 33

URURIRIMBO RWA 4 «Yehova ni we Mwungere wanje»

Nuhere amazinda ko Yehova agukunda

«[Nagukwegereye] iwanje nkoresheje urukundo rudahera.»—YER. 31:3.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona igituma twohera amazinda ko Yehova adukunda be n’ivyo twokora kugira ngo turushirize kujijuka ko adukunda.

1. Kubera iki wiyeguriye Yehova? (Raba n’ifoto.)

WOBA wibuka igihe wiyegurira Yehova? Wabigize kubera ko wamumenye kandi ukamukunda. Wamusezeraniye ko wobayeho ushira imbere gukora ivyo agomba be n’uko wobandanije kumukunda n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose. (Mrk. 12:30) Kuva ico gihe, urwo umukunda rwagumye rurushiriza gukomera. Nka hamwe none hogira uwukubaza ati: «Urakunda Yehova koko?», womwishura gute? Ata gukeka woca umwishura uti: «Ndamukunda kurusha uwundi muntu wese canke ikindi kintu cose.»

Amafoto: Mushiki wacu ariko arazirikana ku kwiyegura kwiwe no kw’ibatisimu yiwe. 1. Yicaye hanze ariko arasenga. 2. Ariko arabatizwa mu ruzi.

Woba wibuka ingene wakunda Yehova igihe wamwiyegurira maze ukabatizwa? (Raba ingingo ya 1)


2-3. Yehova yipfuza ko duhera amazinda ku biki? Kandi twihweza ibiki muri iki kiganiro? (Yeremiya 31:3)

2 Hamwe na ho hogira uwukubaza ati: «Yehova yoba agukunda koko?», womwishura gute? Woba wogira amakenga yo kumwishura, kumbure bitewe n’uko wiyumvira ko utabereye gukundwa na Yehova? Mushiki wacu umwe yaciye mu ngorane igihe yari akiri umwana, yavuze ati: «Ndazi ko nkunda Yehova. Emwe aho nta nkeka. Ariko icama kintera amakenga ni ukumenya nimba Yehova na we ankunda.» None wokwemezwa n’iki ko agukunda?

3 Yehova yipfuza ko uhera amazinda ko agukunda. (Soma Yeremiya 31:3.) Ikizwi coco ni uko Yehova yagukwegereye kuri we. Igihe wiyegurira Yehova maze ukabatizwa yaciye agukunda urukundo rudahemuka, ico kikaba ari ikintu c’agaciro cane. Urwo rukundo rugera kure, kandi rwamaho. Rutuma abona abasavyi biwe ‘nk’ikintu c’agaciro yigabira’, na wewe urimwo. (Mal. 3:​17, akajambo k’epfo.) Yehova yipfuza ko uhera amazinda ko agukunda nka kumwe nyene kw’intumwa Pawulo, uwavuze ati: «[Narajijutse] yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha, canke uburebure bw’amahagarara, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana.» (Rom. 8:​38, 39) Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma dukwiye kurushiriza kujijuka ko Yehova adukunda be n’ivyodufasha kujijuka.

KUBERA IKI DUKWIYE GUHERA AMAZINDA KO YEHOVA ADUKUNDA?

4. Ni ikinyoma ikihe kiranga amayeri ya Shetani dukwiye kurwanya?

4 Twemeye ko Yehova adukunda turashobora kurwanya «amayeri ya Shetani.» (Ef. 6:11) Shetani araca ku biti no ku mabuye kugira atubuze gukorera Yehova. Amwe mu mayeri Shetani akoresha, ni ukuremesha ikinyoma c’uko Yehova atadukunda. Ntiwibagire ko Shetani aguma areretse akaryo keza yofatirako. Akenshi atugabako ibitero igihe tuba tutorohewe, kumbure nk’igihe ducitse intege kubera ivyadushikiye muri kahise, kubera ingorane turimwo, canke igihe dukekeranya ku bijanye na kazoza. (Imig. 24:10) Shetani ameze nk’intambwe irondera kurya agakoko kagoyagoya kandi kadashobora kwirwanira. Na we nyene rero agerageza kudutera igihe ducitse intege kugira duhebe gukorera Yehova. Ariko tugumye turushiriza kujijuka ko Yehova adukunda, tuba dufise ivya nkenerwa vyose kugira ngo turwanye Shetani n’amayeri yiwe be n’imikenyuro yiwe.—1 Pet. 5:​8, 9; Yak. 4:7.

5. Kubera iki dukwiye kwemera ko Yehova adukunda be n’uko aduha agaciro?

5 Kwemera ko Yehova adukunda bituma turushiriza kumwiyegereza. Raba ikibitwemeza. Yehova yaturemanye icipfuzo co gukunda no gukundwa. Hagize uwudukunda, natwe dusanga twamukunze. Uko rero turushiriza kwiyumvamwo ko Yehova adukunda be n’uko aduha agaciro, ni ko natwe turushiriza kumukunda. (1 Yoh. 4:19) Vyongeye turushirije kumukunda, na we aca arushiriza kudukunda. Bibiliya itubwira idaca ku ruhande iti: «Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.» (Yak. 4:8) Ni ibiki none vyodufasha kurushiriza kujijuka ko Yehova adukunda?

NI IBIKI VYODUFASHA KURUSHIRIZA KUJIJUKA KO YEHOVA ADUKUNDA?

6. Ni igiki twosenga dusaba Yehova codufasha kujijuka ko adukunda?

6 Nugume usenga Yehova udomako kandi utarambirwa. (Luka 18:1; Rom. 12:12) Nusenge Yehova umusaba ngo agufashe kwibona nk’uko akubona, mbere bishoboka ubigire kenshi ku musi. Nkako, igihe uguma wiyagiriza ko ata co umaze, usanga bitoroshe kujijuka ko Yehova agukunda. Naho ari ukwo, niwibuke ko Yehova aruta imitima yacu. (1 Yoh. 3:​19, 20) Arakuzi neza kuruta uko wiyizi, kandi arabona na kamere nziza ufise wewe udashobora kubona. (1 Sam. 16:7; 2 Ngo. 6:30) Ntiwitinye rero ‘kumusukira’ ibiri ku mutima umusaba ngo agufashe kujijuka ko agukunda. (Zab. 62:8) Ubukurikira, nuce ukora uhuza n’amasengesho wamutuye mu gukurikiza ivyiyumviro bikurikira.

7-8. Amazaburi adukura amazinda gute ko Yehova adukunda?

7 Niwizigire ko Yehova atabesha. Yarahumekeye abanditse Bibiliya kugira ngo bamudondore nk’uko ari koko. Raba ingene umwe mu banditse amazaburi ari we Dawidi, yadondoye Yehova mu buryo bukora ku mutima. Yavuze ati: «Yehova ari hafi y’abavunitse umutima. Akiza abajanjaguritse mu mutima.» (Zab. 34:​18, akajambo k’epfo.) Igihe ucitse intege woshobora kwumva umengo uri wenyene. Ariko rero agusezeranira kukuba hafi mu bihe nk’ivyo, kuko aba abona ko umukeneye kuruta ikindi gihe cose. Mu yindi zaburi Dawidi yanditse ati: «Nushire amarira yanje mu mukuza wawe.» (Zab. 56:8) Iyo utuntuye Yehova arabibona. Arakwitaho cane kandi arababazwa n’ingorane uba uriko uracamwo. Ni nk’aho yegeranya amosozi yawe maze akayazigama, nk’aho yoba ari amazi y’agaciro ingenzi igendana mu mukuza w’urushato. Muri Zaburi 139:3 na ho hagira hati: «[Yehova,] inzira zanje zose urazizi neza.» Naho Yehova abona inzira zawe zose, yibanda ku vyiza ukora. (Heb. 6:10) Kubera iki? Kubera ko aha agaciro akigoro kose ugira kugira ngo umuhimbare.a

8 Biciye kuri ivyo vyanditswe bihumuriza dusanga mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, ni nk’aho Yehova ariko akubwira ati: «Nshaka ko umenya ko ndagukunda cane kandi ko ndakwitwararika.» Ariko nk’uko twamaze kubibona, Shetani ashaka ko wemera ko Yehova atagukunda. Nivyashika rero ugakekeranya ko Yehova agukunda, uraca ufata akanya maze wibaze uti: «Nemere ibivugwa na nde? N’umwe ‘se w’ikinyoma’ canke ibivugwa na ya ‘Mana y’ukuri’?»—Yoh. 8:44; Zab. 31:​5, akajambo k’epfo.

9. Yehova asezeranira iki abamukunda? (Kuvayo 20:​5, 6)

9 Zirikana ku kuntu Yehova afata abamukunda. Raba ivyo Yehova yabwiye Musa n’Abisirayeli. (Soma Kuvayo 20:​5, 6.) Abakunda Yehova abasezeranira kuzoguma abakunda urukundo rudahemuka. Ayo majambo araduhumuriza cane ko ya Mana yacu idahemuka itazokwigera ireka gukunda abasavyi bayo bayikunda. (Neh. 1:5) Nivyashika rero ukumva ko ukeneye guhera amazinda ko Yehova agukunda, uraca ufata akanya maze wibaze uti: «Jewe noba nkunda Yehova?» Mu nyuma, uzoce uzirikana kuri iki kintu: Nimba ukunda Yehova kandi ukaba uriko uragerageza gukora uko ushoboye kwose kugira umuhimbare, nta nkeka ko na we nyene agukunda cane. (Dan. 9:4; 1 Kor. 8:3) Mu yandi majambo, nimba udakekeranya ko ukunda Yehova, kubera iki wokekeranya ko wewe agukunda? Nta wukwiye gukekeranya ku rukundo rwiwe no ku kudahemuka kwiwe.

10-11. Yehova yipfuza ko ubona gute incungu? (Abagalatiya 2:20)

10 Nuzirikane ku ncungu. Incungu ya Yezu Kristu ni yo ngabire iruta izindi zose Yehova yahaye abantu. (Yoh 3:16) None iyo ngabire yoba ikwerekeye ku giti cawe? Cane nyene. Raba akarorero k’intumwa Pawulo. Niwibuke ko yari yarakoze ibicumuro bikomeye imbere y’uko aba umukirisu. Ariko n’inyuma yaho yagumye ahangana n’ubugoyagoye bwiwe. (Rom. 7:​24, 25; 1 Tim. 1:​12-14) Naho ari ukwo, yahavuye abona ko incungu ari ingabire Yehova yamuhaye ku giti ciwe. (Soma Abagalatiya 2:20.) Niwibuke ko Yehova ari we yahumekeye Pawulo kwandika ayo majambo, kandi ko ibiri muri Bibiliya vyose vyanditswe kugira bitwigishe. (Rom. 15:4) Ayo majambo Pawulo yavuze arerekana ingene Yehova yipfuza ko nawe ubona incungu. Yipfuza ko uyibona nk’ingabire yaguhaye ku giti cawe. Ubonye incungu muri ubwo buryo, bica bituma urushiriza kujijuka ko Yehova agukunda ku giti cawe.

11 Turakengurukira Yehova kubona yararungitse Yezu kw’isi kugira ngo aze kudupfira. Ariko rero iyindi mvo yatumye Yezu aza kw’isi, kwari ukugira ngo abwire abantu ukuri kwerekeye Imana. (Yoh. 18:37) Ukwo kuri kuravuga n’ingene Yehova akunda abana biwe.

INGENE YEZU ADUFASHSA GUHERA AMAZINDA KO YEHOVA ADUKUNDA

12. Kubera iki twokwemera ivyo Yezu yavuze mu kudondora Yehova?

12 Igihe Yezu yari kw’isi, yarakunda kubwira abantu uko Yehova ameze. (Luka 10:22) Turakwiye kwemera ivyo Yezu yavuze mu kudondora Yehova. Uti kubera iki? Kubera ko ari we yabanye na Yehova mw’ijuru igihe kirekire cane imbere y’uko aza kw’isi. (Kol. 1:15) Yezu afatiye ku vyo azi no ku vyo yagiye aribonera, arazi ko Yehova akunda cane abasavyi biwe b’intahemuka. None natwe adufasha gute guhera amazinda ko Yehova adukunda?

13. Yezu yipfuza ko tubona gute Yehova?

13 Yezu yipfuza ko tubona Yehova nk’uko amubona. Muri za Njili zine, Yezu yise Yehova ngo «Data» canke «So», incuro zirenga 160. N’igihe Yezu yariko arayagisha abigishwa biwe, yise Yehova ngo «So» canke «So wanyu wo mw’ijuru.» (Mat. 5:16; 6:26) Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, abasavyi b’Imana b’intahemuka bita Yehova ngo «Mushoboravyose», «Musumbavyose», «Umuremyi ahambaye», n’ayandi mazina nk’ayo y’icubahiro. Ariko igihe Yezu yaza kw’isi, yakunda kwita Yehova ngo Data, iyo mvugo ikaba yerekana ko Yehova yipfuza ko abasavyi biwe bamwiyegereza, nka kurya nyene umwana yiyegereza se wiwe. Ukwo nyene ni ko Yezu yipfuza ko tubona Yehova, nk’Umuvyeyi akunda cane abana biwe. Reka turabe uburorero bubiri bw’ingene Yezu yakoresheje imvugo «Data» canke «So.»

14. Yezu yerekanye gute ko umwe wese muri twebwe afise agaciro kuri Data wa twese wo mw’ijuru? (Matayo 10:​29-31) (Raba n’ifoto.)

14 Reka duhere ku vyo Yezu yavuze muri Matayo 10:​29-31. (Soma.) Utujuri ni utunyoni dutoya tutazokwigera dukunda Yehova canke ngo tumusenge. Naho ari ukwo, uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru araha agaciro cane akajuri kamwe gusa ku buryo n’iyo gakorokeye hasi abimenya. None nimba Yehova aha agaciro akanyoni nk’ako, wumva umusavyi wiwe wewe amukorera abitumwe n’urukundo amuha agaciro kangana gute? Yezu yavuze kandi ko Data wa twese azi n’igitigiri c’imishatsi yose yo ku mitwe yacu. Nimba azi utuntu nk’utwo ata co tuvuze ku bitwerekeye, ntuca wumva ko atwitwararika bimwe bidasanzwe? Mu vy’ukuri, Yezu yipfuza yuko umwe mwese muri twebwe ahera amazinda ko ari n’agaciro imbere ya Data wa twese wo mw’ijuru.

Yezu ariko arerekana akajuri kagira kagwe hasi. Abigishwa biwe bariko baramwumviriza bitonze.

Yehova araha agaciro kanini akajuri kamwe gusa, ku buryo n’iyo gakorokeye hasi abimenya. Nimba Yehova aha agaciro akanyoni nk’ako, wumva umusavyi wiwe wewe amukorera abitumwe n’urukundo, amuha gaciro kangana gute? (Raba ingingo ya 14)


15. Amajambo Yezu yavuze muri Yohani 6:44 akwereka iki ku bijanye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

15 Raba akarorero kagira kabiri k’aho Yezu yakoresheje imvugo «Data.» (Soma Yohani 6:44.) Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru we ubwiwe, yaragukwegakweze yengenga akuzana mu kuri. None yabitumwe n’iki? Kubera ko yabonye ko ufise agatima kabereye. (Ivyak. 13:48) Igihe Yezu yavuga ayo majambo dusanga muri Yohani 6:​44, ashobora kuba yariko yerekeza ku majambo Yeremiya yavuze mu canditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro, aho Yehova yavuze ati: «[Nagukwegereye] iwanje nkoresheje urukundo rudahera», canke «mbandanya kukwereka urukundo rudahemuka.» (Yer. 31:3; akajambo k’epfo; gereranya na Hoseya 11:4.) Zirikana ico ivyo bisigura. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aguma akubonamwo ivyiza na wewe ubwawe udashobora kwibonamwo.

16. (a) Yezu ariko atubwira iki, kandi ni kubera iki dukwiye kwemera ivyo atubwira? (b) Ni igiki cotuma urushiriza kujijuka ko Yehova ari we Muvyeyi ukeneye? (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Umuvyeyi twese dukeneye.»)

16 Igihe Yezu avuga ko Yehova ari Data wa twese, ni nk’aho aba ariko atubwira ati: «Yehova si Papa wanje jenyene, na wewe ni Papa wawe. Numenye neza ko agukunda be n’uko akwitwararika cane ku giti cawe.» Nivyashika rero ugakekeranya ko Yehova agukunda, uraca ufata akanya wibaze uti: «Sinari nkwiye none kwemera ivyo uwo Mwana w’Imana avuga, narirya ari we azi neza Data wa twese kandi akaba yama avuga ukuri?»—1 Pet. 2:22.

«Umuvyeyi twese dukeneye»

Ayo majambo turayasanga mu kajambo k’intango mu gitabu Niwiyegereze Yehova. Mu gusigura intumbero y’ico gitabu, ako kajambo kagira gati: «Tuzobona yuko Yehova ari we . . . Muvyeyi twese dukeneye. Kubera ari n’ububasha, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo, ntiyigera aheba abana biwe b’abizigirwa.»

Umugore umwe yakuze afatwa nabi na se wiwe, amaze gusoma ico gitabu yaravuze ingene camufashije. Yavuze ati: «Caranyigishije ko ijambo ‘data’ atari ijambo ritinyitse. Ubu ndatahura ko Yehova ari Umuvyeyi mwiza. Ndazi ko ambona nk’umwana wiwe, kandi nanje ndamubona nka Dawe.» Uwundi na we amaze gusoma ico gitabu yavuze ati: «Yehova ni we Muvyeyi mwiza kuruta abandi bose.»

Kugira ngo urushirize kujijuka ko Yehova ari we Muvyeyi ukeneye, ubona gute wishingiye umugambi wo gusoma ico gitabu, bishobotse ukabigira incuro n’izindi?

IVYOGUFASHA KURUSHIRIZA KUJIJUKA

17. Kubera iki dukwiye kurushiriza kujijuka ko Yehova adukunda?

17 Turakwiye kurushiriza kujijuka ko Yehova adukunda. Nk’uko twamaze kubibona, wa mwansi wacu Shetani w’umunyamayeri azoca ku biti no ku mabuye kugira ngo atubuze gukorera Yehova. Ivyo azobigira mu kuguma agerageza gutuma dukekeranya ko Imana idukunda. Ntidukwiye rero kwemera ico kinyoma ciwe.—Yobu 27:5.

18. Wokora iki kugira ngo urushirize kujijuka ko Yehova agukunda?

18 Kugira ngo urushirize kujijuka ko Yehova agukunda, nugume umusenga umusaba ngo agufashe kwibona nk’uko akubona. Nuzirikane ku vyanditswe bivuga ingene yitwararika abamukunda. Niwame kandi wibuka iki kintu: Ntiwomukunda ngo na we areke kugukunda. Nuzirikane kandi ku ncungu, ubone ko yatanzwe ku giti cawe. Vyongeye, niwemere ivyo Yezu akubwira yuko Yehova ari Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru. Niwakora ivyo bintu vyose maze hakagira uwukubaza ati: «Aho nyene uremera ko Yehova agukunda?», uzomwishura udahigimanga uti: «Cane rwose, kandi nanje buri musi nguma nihatira kumwereka ko ndamukunda.»

WOKWISHURA GUTE?

  • Kubera iki dukwiye guhera amazinda ko Yehova adukunda?

  • Ni ibiki vyodufasha guhera amazinda ko Yehova adukunda?

  • Yezu adufasha gute guhera amazinda ko Yehova adukunda?

URURIRIMBO RWA 154 Urukundo rutananirwa

a Nimba wipfuza ibindi vyanditswe vyogukura amazinda ko Yehova agukunda, raba muri ca gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima, ku ciyumviro kivuga ngo «Gukekeranya.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika