Nehemiya
1 Ng’aya amajambo ya Nehemiya*+ mwene Hakaliya: mu kwezi kwa Kisilevu* mu mwaka ugira 20*, nari ku kirimba* i Shushani*+. 2 Ico gihe, mwenewacu umwe yitwa Hanani+ yaraje kundaba ari kumwe n’abandi bagabo bavuye mu Buyuda. Ntangura kubabaza amakuru y’abasigaye mu Bayuda bavuye mu bunyagano+ n’amakuru y’i Yeruzalemu. 3 Bishura bati: «Hariya mu ntara y’Ubuyuda, abasigaye mu bavuye mu bunyagano bamerewe nabi cane kandi bari mu bimaramare+. Inzitiro z’i Yeruzalemu zarasenyutse+, amarembo yaho na yo aturizwa umuriro+.»
4 Ncumva ayo majambo, nca ndicara ntangura kurira, mara imisi ngandaye. Nguma nisonzesha+ nongera nsengera imbere y’Imana yo mw’ijuru. 5 Mvuga nti: «Ewe Yehova Mana yo mw’ijuru, Mana ihambaye kandi iteye akoba, wewe ushitsa ivyo wasezeranye ukongera ukereka urukundo* abagukunda bakubahiriza amabwirizwa yawe+, 6 ndakwinginze utege ugutwi, wongere witegereze n’amaso yawe. Ndakwinginze wumvirize isengesho jewe umusavyi wawe ndagutuye uyu musi. Ndagusenga ku murango no mw’ijoro+ ku vyerekeye abasavyi bawe b’Abisirayeli, natura n’ibicumuro bagucumuyeko. Twe n’umuryango wa dawe twaracumuye+. 7 Vy’ukuri twarakoze nabi turakubabaza+, kandi ntitwubahirije amabwirizwa yawe, amategeko yawe n’ingingo washinze, ivyo watanze biciye ku musavyi wawe Musa+.
8 Ndakwinginze wibuke ivyo wabwiye* umusavyi wawe Musa uti: “Nimwampemukira, nzobashwiragiza mu mahanga+. 9 Mugabo nimwangarukako mukubahiriza amabwirizwa yanje, mukayagamburuka, naho abantu banyu bazoba barashwiragiye gushika iyo ijuru rigarukira, nzobegeranya+ ndabakureyo. Nzoheza ndabazane ahantu natoye ngo hitirirwe* izina ryanje+.” 10 Erega ni abasavyi bawe, bakaba n’abantu bawe wacunguje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe gukomeye+. 11 Ewe Yehova, ndakwinginze wumvirize isengesho ryanje jewe umusavyi wawe, n’iry’abasavyi bawe bahimbarwa no gutinya izina ryawe. Ndakwinginze umfashe bize kungendera neza uyu musi, umwami angirire akagongwe+.»
Ico gihe nakora igikorwa co guhereza ibinyobwa umwami+.