IKIGANIRO C’UKWIGA CA 47
URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza
«Uri umuntu w’agaciro kanini»
«Uri umuntu w’agaciro kanini.»—DAN. 9:23, akajambo k’epfo.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraza gufasha abikengera bakabona ko batagira agaciro, gutahura ko bafise agaciro kanini imbere ya Yehova.
1-2. Ni ibiki vyodufasha kubona ko turi n’agaciro imbere ya Yehova?
BAMWEBAMWE mu basavyi ba Yehova barikengera bakabona ko batagira agaciro, kumbure kubera ko hari uwabafashe nabi akabereka ko ata co bamaze. Vyoba nawe bimaze kugushikira? Nimba bimaze kugushikira, ni ibiki none vyogufasha kwemera ko uri n’agaciro imbere ya Yehova?
2 Kimwe mu vyogufasha, ni ugusuzuma inkuru zo muri Bibiliya zerekana ingene Yehova yipfuza uko abasavyi biwe bafatwa. Umwana wiwe Yezu yafatana abantu iteka n’icubahiro. Ivyo vyarerekanye ko we na Se baha agaciro cane abantu baciye bugufi biyumvira ko ata co bamaze. (Yoh. 5:19; Heb. 1:3) Muri iki kiganiro, turaza kubona: (1) ingene Yezu yafashije abantu kubona ko bari n’agaciro, (2) ivyodufasha kujijuka ko na twebwe turi n’agaciro vy’ukuri imbere y’Imana.—Hag. 2:7.
INGENE YEZU YAFASHIJE ABANTU KUBONA KO BARI N’AGACIRO
3. Yezu yafashe gute Abanyagalilaya bamwituye ngo abafashe?
3 Igiye Yezu yaja kwamamaza i Galilaya ku ncuro ya gatatu, abantu benshi bo mu turere dutandukanye baraje aho ari kugira ngo bumvirize inyigisho ziwe no kugira ngo abakize indwara. Yezu yarabonye ko «bari baratabaguwe kandi barasabagiye nk’intama zitagira umwungere.» (Mat. 9:36) Indongozi zabo z’idini zabafata nk’abantu ata co bamaze, mbere zikabita «ibivume.» (Yoh. 7:47-49) Ariko Yezu wewe yarabateye iteka mu gufata umwanya wo kubigisha no kubakiza indwara. (Mat. 9:35) Vyongeye, kugira ngo afashe abantu benshi bashoboka, yaramenyereje intumwa ziwe kwamamaza inkuru nziza yongera araziha ububasha bwo gukiza indwara n’ubumuga.—Mat. 10:5-8.
4. Ingene Yezu yafata abantu baciye bugufi bitwigisha iki?
4 Kubona Yezu yafatana iteka abantu baciye bugufi bipfuza kwigishwa na we, vyerekana ko we na Se baha agaciro kanini cane abantu usanga kenshi basuzugurwa mu kibano. Nimba uhora ukekeranya ko ufise agaciro imbere ya Yehova, nuzirikane ku kuntu Yezu yitwararika abantu nk’abo baciye bugufi. Ivyo vyogufasha kubona ko uri n’agaciro kuri Yehova.
5. Umugore umwe w’Umunyagalilaya yabonanye na Yezu, ivyiwe vyari vyifashe gute?
5 Yezu ntiyigisha gusa amasinzi y’abantu, ariko kandi yaritwararika n’umuntu umwumwe ku giti ciwe. Nk’akarorero, igihe yariko aramamaza i Galilaya yarahuye n’umugore umwe yari amaze imyaka 12 arwaye indwara yo kuva amaraso. (Mrk. 5:25) Iyo ndwara yatuma aba uwuhumanye kandi n’uwari kumukorako wese yaca aba uwuhumanye. Ivyo rero bitegerezwa kuba vyaratuma yigunga ntaje mu bantu. Vyongeye, ntiyashobora kwifatanya n’abandi mu misi mikuru ijanye no gusenga. (Lew. 15:19, 25) Uca wumva rero ko uwo mugore yari akoraniwe. Yagira kubabazwa n’iyo ndwara no gutuntura ku mutima.—Mrk. 5:26.
6. Wa mugore yari arwaye indwara yo kuva amaraso yakize gute?
6 Uwo mugore yari yarigorewe, yaripfuza ko Yezu amukiza. Ariko rero ntiyamutumbereye ngo abimusabe. Kubera iki? Kumbure kubera ko iyo ndwara yatuma yumva ubuyega n’ibimaramare. Canke na ho, ashobora kuba yaratinye ko Yezu yoca amuhambarira, kubona yari yaje mw’isinzi ry’abantu kandi ahumanye. Yaciye rero akora gusa ku mpuzu ya Yezu, yizigiye ko aca akira. (Mrk. 5:27, 28) Igishimishije, ukwo kwizera kwiwe kwaratumye akira. Yezu yaciye abaza uwumukozeko, maze uwo mugore aca aramubwira ivyo yari ahejeje gukora. None Yezu yamufashe gute?
7. Yezu yafashe gute uwo mugore yari yihebuye? (Mariko 5:34)
7 Yezu yafashe uwo mugore mu buryo buranga ubuntu n’icubahiro. Yarabonye ko yariko ‘arajugumira kubera ubwoba.’ (Mrk. 5:33) Kubera ko yatahura ingene uwo mugore amerewe, yamuyagishije mu buryo buhumuriza. Mbere yamwise ngo «mukobwa wanje.» Iyo mvugo ntiserura gusa urupfasoni, ahubwo irimwo n’impuhwe n’ikibabarwe. (Soma Mariko 5:34.) Muri ico canditswe, ni ho honyene muri Bibiliya Yezu yise umugore ngo «mukobwa wanje.» Ashobora kuba yamwise gutyo kubera yabona ko yari yatekewe n’ubwoba. Iyumvire ingene uwo mugore yumvise aruhuriwe! Iyo Yezu ataza kumuhumuriza, ni ivy’ukuri ko yari gutaha yakize, ariko agataha yumva ko yamenje kubera ivyo yari yakoze. Ivyo Yezu yabigize kugira ngo amufashe kubona ico yari vy’ukuri, ko yari umukobwa w’agaciro wa Yehova.
8. Ni ingorane izihe mushiki wacu umwe wo muri Brezile yari afise?
8 No muri iki gihe, hari abasavyi ba Yehova barembejwe n’ingorane z’amagara zituma bihebura. Raba akarorero k’umutsimvyi umwe wo muri Brezile yitwa Mariaa yavukanye ubumuga, akaba atagira amaguru n’ukuboko kw’ibubamfu. Avuga ati: «Kw’ishure nahora nigako bama bancokora kubera ubwo bumuga. Baranyita n’amazina yo kumbabaza. Mbere n’abo mu muryango wanje barankumira.»
9. Ni igiki cafashije Maria kubona ko ari uw’agaciro kuri Yehova?
9 None ni igiki cafashije Maria? Amaze kuba Icabona ca Yehova, abo basangiye ukwizera baramuhojeje bongera baramufasha kwibona nk’uko Yehova amubona. Maria avuga ati: «Narafashijwe n’abavukanyi be n’abadada benshi ku buryo ntoronka aho nkwiza amazina yabo. Ndashimira Yehova n’umutima wanje wose kubona yarampaye umuryango w’abavukanyi mwiza igitangaza.» Abavukanyi be n’abadada barafashije Maria gutahura ko ari uw’agaciro kuri Yehova.
10. Mariya Magadalena yari ahanzwe n’izihe ngorane? (Raba n’amafoto.)
10 Raba ingene Yezu yafashije uwundi muntu, na we akaba ari Mariya Magadalena. Yari afise amadayimoni indwi. (Luka 8:2) Ayo madayimoni ashobora kuba yaratuma akora ibintu bitari ku murongo, ivyo bikaba vyatuma abandi bamuca kure. Muri ico kiringo kibabaje, ashobora kuba yarumva ko ari akahebwe, adatekanye kandi yihebuye. Yezu yarirukanye ayo madayimoni yamusinzikaza, araheza aba umwigishwa wiwe w’umunyamwete. Ni ibindi bintu ibihe Yezu yakoze kugira afashe Mariya Magadalena gutahura ko ari uw’agaciro ku Mana?
Yezu yafashije gute Mariya Magadalena gutahura ko ari uw’agaciro kuri Yehova? (Raba ingingo ya 10-11)
11. Yezu yeretse gute Mariya Magadalena ko yari uw’agaciro imbere y’Imana? (Raba n’amafoto.)
11 Yezu yarateye iteka Mariya Magadalena ryo kujana na we n’abigishwa biwe mu ngendo zo kwamamaza.b Ivyo vyatuma abandanya kwungukira ku vyo Yezu yaba ariko arigisha abandi. Vyongeye, ku musi Yezu azuka yarabonekeye uwo mugore. Mariya Magadalena ni umwe mu bigishwa ba Yezu batanguye kuvugana na we kuri uyo musi. Yezu mbere yaramushinze ibanga ryo kuja kumenyesha intumwa ziwe ko yari yazutse. Ivyo bintu vyose, birerekana vy’ukuri ko uwo mugore yari uw’agaciro kuri Yehova.—Yoh. 20:11-18.
12. Ni ibiki vyatumye Lidia akura yumva ko ata co amaze?
12 Cokimwe na Mariya Magadalena, hari abantu benshi muri iki gihe bumva ko ata co bamaze. Nk’akarorero, mushiki wacu umwe yitwa Lidia wo muri Espanye, avuga ko igihe nyina wiwe yari afise inda yiwe, yashatse kuyikorora. N’igihe yari akiri umwana mutoyi, aribuka ko nyina wiwe atamwitaho kandi ko yakunda kumutukagura. Avuga ati: «Naripfuza cane gukundwa no kugira abagenzi. Ariko rero naratinya ko ata wuzopfa ankunze, kubera ko mama yari yaranyumvishije ko ndi umuntu mubi.»
13. Ni ibiki vyafashije Lidia kubona ko ari uw’agaciro kuri Yehova?
13 Lidia amaze kumenya ukuri, hariho ibintu vyamufashije gutahura ko ari uw’agaciro imbere ya Yehova. Aho twovuga nk’isengesho, ukwiyigisha, amajambo aranga ubuntu yabwirwa n’abo basangiye ukwemera, be n’ivyo bamukorera. Avuga ati: «Umugabo wanje arakunda kumbwira ko ankunda cane. Akenshi aranyibutsa kamere nziza mfise. Hari n’abandi bagenzi banje bakunda kubimbwira.» Woba nawe uciye ubona umuntu amerewe gutyo, akeneye gufashwa gutahura ko ari uw’agaciro kuri Yehova?
IVYODUFASHA KWIBONA NK’UKO YEHOVA ATUBONA
14. Muri 1 Samweli 16:7 hadufasha gute kubona ingene Yehova abona abantu? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Yehova araha agaciro abantu.»)
14 Niwibuke ko Yehova atakubona nk’uko isi ikubona. (Soma 1 Samweli 16:7.) Yehova ntaguha agaciro afatiye ku kuntu usa, ku kibanza ufise mu kibano, canke ku mashure wize. (Yes. 55:8, 9) Nugerageze rero kubona agaciro ufise ufatiye ku kuntu Yehova abona ibintu, atari ku kuntu isi ibona ibintu. Woshobora gusoma inkuru zo muri Bibiliya zerekana ko Yehova aha agaciro abo vyashitse bagakekeranya ko hari ico bamaze, nka Eliya, Nawomi na Hana. Woshobora no kwandika ibintu bimwebimwe vyagushikiye, bigukura amazinda ko Yehova agukunda kandi ko aguha agaciro. Vyongeye, woshobora gusoma amakuru dusanga mu bitabu vyacu atwereka ko turi n’agaciro.c
15. Kubera iki Yehova yise Daniyeli ko ari «umuntu w’agaciro kanini»? (Daniyeli 9:23, akajambo k’epfo)
15 Niwibuke ko kuba uri intahemuka bituma uba uw’agaciro kuri Yehova. Igihe kimwe, umuhanuzi Daniyeli ‘yararushe arasanzara’, aranacika intege. Ico gihe ashobora kuba yari mu gushikana imyaka 100. (Dan. 9:20, 21) None Yehova yamuremesheje gute? Yararungitse umumarayika Gaburiyeli ngo yibutse Daniyeli ko ari «umuntu w’agaciro kanini» be n’uko amasengesho yiwe yumviswe. (Soma Daniyeli 9:23, akajambo k’epfo.) Ni igiki none catuma Daniyeli aba uw’agaciro kanini ku Mana? Ni kubera kamere nziza nyinshi yari afise, nko kuba yarakunda ubugororotsi kandi akaba intahemuka. (Ezk. 14:14) Yehova yarandikishije iyo nkuru mw’Ijambo ryiwe kugira ngo ituremeshe. (Rom. 15:4) Na wewe Yehova arumva amasengesho yawe kandi araguha agaciro kubera ukunda ibigororotse kandi ukaba umukorera udahemuka.—Mika 6:8, utujambo tw’epfo; Heb. 6:10.
16. Ni igiki cogufasha kubona Yehova nk’Umuvyeyi agukunda?
16 Nubone Yehova nk’Umuvyeyi agukunda. Yehova yipfuza kugufasha, ntashaka kugutora amahinyu. (Zab. 130:3; Mat. 7:11; Luka 12:6, 7) Kuzirikana kuri ico kintu vyarafashije abantu benshi biyumvira ko ata co bamaze. Raba nk’akarorero ka mushiki wacu umwe yitwa Michelle wo muri Espanye. Yarumva ko ari akahebwe kandi ko ata co amaze, kubera ko umugabo wiwe yamaze imyaka myinshi amutukagura. Avuga ati: «Igihe cose mba numva ko ata co maze, nca ngerageza kwiha ishusho Yehova anteruye mu maboko yiwe, ariko arangaragariza urukundo akongera akankingira.» (Zab. 28:9) Uwundi mushiki wacu yitwa Lauren wo muri Afrika y’Epfo na we, akunda kwiyibutsa iki kintu: «Nimba Yehova yarankwegereye kuri we akoresheje imigozi y’urukundo, akaba yaragumye anyiyegereza muri iyi myaka yose, mbere akaba yarankoresheje mu kwigisha abandi, birumvikana rero ko abona yuko ndi uw’agaciro kandi ko hari ico maze.»—Hos. 11:4.
17. Ni igiki cogufasha kwemera udakeka ko Yehova agushima? (Zaburi 5:12) (Raba n’amafoto.)
17 Niwemere udakeka ko Yehova agushima. (Soma Zaburi 5:12.) Gushimwa na Yehova, Dawidi yabigereranije n’«inkinzo yagutse» ikingira abantu b’abagororotsi. Kumenya ko Yehova agushima kandi ko agukingira, birashobora gutuma utarengerwa n’ivyiyumviro vy’uko ata co umaze. None wokwemezwa n’iki ko Yehova agushima? Nk’uko twamaze kubibona, Yehova arabikwereka biciye kw’Ijambo ryiwe. Vyongeye, arakoresha abakurambere, abagenzi somambike be n’abandi kugira akwibutse ko uri n’agaciro kuri we. None ukwiye kwakira gute izo ndemesho zose?
Kumenya ko Yehova adushima birashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro vy’uko ata co tumaze (Raba ingingo ya 17)
18. Kubera iki ukwiye kwemera indemesho uhabwa?
18 Igihe abantu bakuzi kandi bagukunda bakubwiye amajambo y’indemesho avuye ku mutima, ntuce wiyumvira ko atari vyo. Niwibuke ko Yehova ashobora kuba ariko arabakoresha kugira bagufashe kwemera ko agushima. Umwe Michelle twavuga, agira ati: «Ndiko ndiga bukebuke kuza ndemera amajambo meza abandi bambwira. Naho bitoroshe ndazi ko ari vyo Yehova yipfuza ko nkora.» Michelle kandi yarafashijwe n’abakurambere bagumye bamwitwararika babigiranye urukundo. Ubu ni umutsimvyi kandi arafasha Beteli ari imuhira.
19. Kubera iki ukwiye kwemera udakeka ko uri uw’agaciro ku Mana?
19 Yezu yaratwibukije ko turi ab’agaciro kanini imbere y’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Luka 12:24) Turashobora kwemera rero tudakeka ko Yehova abona ko turi ab’agaciro. Ese tutokwigera twibagira ico kintu! Vyongeye, nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dufashe abandi kubona ko na bo ari ab’agaciro ku Mana.
URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b Biboneka ko Mariya Magadalena yari mu mugwi w’abakenyezi bagendana na Yezu. Abo bakenyezi barakoresha ivyo batunze kugira baronse Yezu n’intumwa ziwe ivyo bakeneye.—Mat. 27:55, 56; Luka 8:1-3.
c Nk’akarorero, raba ikigabane ca 24 co mu gitabu Niwiyegereze Yehova, wongere usome ivyanditswe be n’inkuru zo muri Bibiliya biri munsi y’agatwe kavuga ngo «Gukekeranya», mu gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima.