IKIGANIRO C’UKWIGA CA 48
URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana
Ingene igitabu ca Yobu cogufasha igihe uri mu ngorane
«Ni ukuri, Imana ntikora ivy’ububisha.»—Yobu 34:12.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene igitabu ca Yobu kidufasha gutahura igituma Imana ireka tugashikirwa n’ingorane be n’ivyodufasha kwihangana igihe turi mu ngorane.
1-2. Ni imvo zimwezimwe izihe zikwiye gutuma dusoma igitabu ca Yobu?
WOBA uherutse gusoma igitabu ca Yobu? Naho canditswe mu myaka nka 3.500 iheze, benshi bavuga ko ico gitabu ari co ciza kuruta ibindi vyose mu bimaze kwandikwa. Hari igitabu kimwe gihayagiza uwanditse igitabu ca Yobu, kubera ko yakoresheje amajambo meza, yoroshe gutahura, kandi akora ku mutima. Naho Musa ari we yanditse ico gitabu kidasanzwe, ivyo yanditse vyakomoka ku Mana.—2 Tim. 3:16.
2 Igitabu ca Yobu ni igitabu gihambaye mu bigize Bibiliya. Kubera iki? Kubera ko kidufasha gutahura neza ikibazo gihambaye kiraba ibiremwa vyose bifise ubwenge, na co kikaba ari ukweza izina rya Yehova. Kiratwigisha kandi ibijanye na kamere zidasanzwe za Yehova, nk’urukundo, ubukerebutsi, ubutungane be n’ububasha. Nk’akarorero, igitabu ca Yobu cita Yehova «Mushoboravyose» incuro 31, kikaba ari co gikoresha iryo zina incuro nyinshi kuruta ibindi bitabu vyose vyo muri Bibiliya. Igitabu ca Yobu kandi kirishura ibibazo vyinshi vyo mu buzima, ushizemwo n’iki kimaze imyaka gitesha umutwe abantu: Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?
3. Ni ibiki twigira mu gitabu ca Yobu?
3 Nka kurya nyene iyo umuntu ahagaze hejuru ku musozi bituma abona neza ibiri hirya no hino, n’igitabu ca Yobu kiradufasha kubona neza ibijanye n’ingorane zidushikira mu buzima, tukazibona nk’uko Yehova azibona. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Abisirayeli bashobora kuba barafashijwe n’inkuru ya Yobu be n’ingene na twebwe yodufasha muri iki gihe. Turaza no kubona ingene twokoresha iyo nkuru mu gufasha abandi.
IMANA YARARETSE YOBU ARASHIKIRWA N’INGORANE
4. Ni itandukaniro irihe rikomeye ryari hagati ya Yobu n’Abisirayeli bamwebamwe?
4 Yobu yaba mu gihugu ca Uzi igihe Abisirayeli baba mu Misiri. Igihugu ca Uzi, gishobora kuba cari giherereye mu buseruko bw’Igihugu c’isezerano n’amaja mu buraruko bwa Arabiya. Yobu yari atandukanye cane n’Abisirayeli bari mu Misiri. Bamwe muri bo baratanguye gusenga ibigirwamana, ariko Yobu wewe yagumye akorera Yehova adahemuka. (Yos. 24:14; Ezk. 20:8) Yehova yavuze ku vyerekeye Yobu ati: «Nta n’umwe ameze nka we kw’isi.»a (Yobu 1:8) Yobu yari atunze cane kandi yari umuntu ahambaye kuruta abantu bose bo mu karere yabamwo. (Yobu 1:3) Emwe Shetani ishavu ritegerezwa kuba ryaraniga, kubona umuntu ahambaye ukuraho akorera Imana adahemuka!
5. Kubera iki Yehova yaretse Yobu agashikirwa n’ingorane? (Yobu 1:20-22; 2:9, 10)
5 Shetani yavuze ko nka hamwe Yobu yoshikirwa n’ingorane yoca aheba gukorera Yehova. (Yobu 1:7-11; 2:2-5) Ico kirego giteye isoni ca Shetani catumye havyuka ibibazo bihambaye. Ni co gituma naho Yehova yakunda cane Yobu, yaretse Shetani aramugerageza kugira yerekane nimba ivyo yavuga kuri Yobu ari ukuri. (Yobu 1:12-19; 2:6-8) Shetani yaratwaye bitungwa vya Yobu, arica abana biwe cumi yongera amuteza ibihute bikaze, kuva ku mutwe gushika ku birenge. Ariko naho Shetani yateje Yobu izo ngorane zose, Yobu ntiyigeze ahemukira Yehova. (Soma Yobu 1:20-22; 2:9, 10.) Mu nyuma Yehova yarakijije Yobu, amuha itunga n’icubahiro, amuha n’abandi bana cumi. Yaranamwongeye ku gitangaro imyaka 140 yo kubaho, ku buryo abona abamukomokako gushika ku runganwe rugira kane. (Yobu 42:10-13, 16) None ni ibiki abasavyi ba Yehova ba kera bashobora kuba barigiye kuri iyo nkuru? Tweho yotwigisha iki muri iki gihe?
6. Inkuru ya Yobu ishobora kuba yarafashije gute Abisirayeli? (Raba n’ifoto.)
6 Ingene ishobora kuba yarafashije Abisirayeli. Abisirayeli bari babayeho mu buzima butoroshe mu Misiri. Nk’akarorero, Yosuwa na Kalebu, ubuto bwabo babumaze ari abashumba. Vyongeye, amakosa abandi bakoze yatumye bamara imyaka 40 bayerera mu bugaragwa. Kumenya inkuru ya Yobu be n’ingene Imana yamuhezagiye mu nyuma, bishobora kuba vyarafashije Abisirayeli be n’abarutse mu nyuma, gutahura ko Shetani ari we aduteza ingorane. Iyo nkuru ishobora kuba kandi yarabafashije gutahura neza igituma Imana ireka tugashikirwa n’ingorane, be n’uko iha agaciro abaguma ari intahemuka, naho boba bari mu bihe bitoroshe.
Abisirayeli bari bamaze imyaka myinshi ari abashumba mu Misiri, bashobora kuba baramenye inkuru ya Yobu, kandi ishobora kuba yarabafashije (Raba ingingo ya 6)
7-8. Igitabu ca Yobu cofasha gute abari mu ngorane? Tanga akarorero.
7 Ingene natwe yodufasha. Ikibabaje, abantu benshi muri kino gihe barahevye kwemera Imana bitumwe n’uko badatahura igituma abantu beza bashikirwa n’ibintu bibi. Raba nk’akarorero ka mushiki wacu umwe yitwa Hazelb wo mu Rwanda. Akiri muto yaremera Imana. Ariko ibintu vyahavuye bihinduka. Abavyeyi biwe barahukanye maze nyina aca yubakana n’uwundi mugabo, kandi Hazel yarafatwa nabi n’uwo mugabo. Hazel yaranafashwe ku nguvu akiri umuyabaga. Umusi umwe yaragiye ahantu gusenga, ariko nta ndemesho yaharonkeye. Mu nyuma, yahavuye yandikira Imana ikete rigira riti: «Mana, naragusenze, ndagerageza gukora ivyiza, ariko wewe wanyishuye ibibi. Kuva ubu ndaguhevye kandi ngiye kuza ndakora ikimpimbara cose.» Cokimwe na Hazel, abantu benshi barigishijwe ibinyoma ku buryo bemera ko Imana ari yo iduteza imibabaro. Biradutuntuza kubona abantu nk’abo batazi ukuri ku vyerekeye Imana.
8 Ariko twebwe ibivugwa mu gitabu ca Yobu vyaratwigishije ko Imana atari yo iduteza imibabaro, ahubwo ko ari Shetani. Vyaratwigishije kandi ko tudakwiye kwiyumvira ko igihe umuntu ariko arashikirwa n’ingorane, zoba ari ingaruka z’ibibi yakoze. Ivyanditswe bitubwira ko «ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka» bishobora gushikira uwo ari we wese n’igihe ico ari co cose. (Umus. 9:11; Yobu 4:1, 8) Vyongeye, twaramenye ko igihe twihanganiye ingorane tudahemuka, bituma Yehova aronka ico yishura Shetani, bigatuma kandi izina ryiwe rikurwako iceyi. (Yobu 2:3; Imig. 27:11) Turakenguruka cane kuba twaramenye ukwo kuri kwo muri Bibiliya, kuko gutuma dutahura igituma abantu bashikirwa n’ingorane. Mu nyuma, Hazel yahavuye yiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze aratahura ko Imana atari yo yamuteje ingorane. Amaze kubimenya yavuze ati: «Narasubiriye gusenga Yehova ndamusukira ibiri ku mutima. Namubwiye ko igihe navuga ko ndamuhevye, atari vyo nipfuza gukora vy’ukuri. Kanatsinda, sinari bwamumenye. Ubu ndatahura ko Yehova ankunda. Ubu ndahimbawe cane kuba naramumenye, kandi ndatekanye.» Ese ukuntu dukenguruka kuba tuzi igituma dushikirwa n’ingorane! Reka ubu na ho turabe ingene inkuru ya Yobu yodufasha igihe turi mu ngorane.
INGENE INKURU YA YOBU IDUFASHA KWIHANGANA
9. Yobu yari amerewe gute, kandi yavyifashemwo gute? (Yakobo 5:11)
9 Gerageza kubona Yobu yicaye mu minyota, yitunye kubera ububabare buterwa n’ibihute vyuzuye ku mubiri wiwe. Urukoba rwiwe rwarononekaye kandi asigaye yonze cane. Yobu nta tuguvu agifise. Ico ashoboye ni ukwiyagaza akoresheje urujo no gutaka gusa kubera ububabare. Ariko Yobu yahisemwo kuguma yihanganiye iyo mibabaro, kandi ntiyabigize ngo ni kubera ko yabuze uko abigenza. (Soma Yakobo 5:11.) None ni igiki camufashije kwihangana?
10. Ni ibiki vyerekana ko Yobu atitinya kuyagira Yehova? Sigura.
10 Yobu yaraseruriye Yehova umubabaro yari afise. (Yobu 10:1, 2; 16:20) Nk’akarorero, ikigabane ca 3 cerekana ko Yobu yidoze cane kubera ivyago vyariko biramushikira, gushika naho yiyumvira yihenda ko Yehova ari we yari yabimuteje. Igihe na ho ba bagenzi biwe batatu baguma bamwagiriza ko ivyo vyago vyamushikiye kubera ivyaha yakoze, Yobu yagumye yerekana ko yari intungane, kandi akenshi aho kwishura abo bagenzi biwe yavuga nk’uwuriko yishura Yehova. Mu vyo yavuze, harageze naho amera nk’uwerekana ko yari agororotse kurusha Imana. (Yobu 10:1-3; 32:1, 2; 35:1, 2) Ariko rero, Yobu yariyemereye ko muri ukwo kwiregura, vyashitse akavuga ‘atabanje kwiyumvira.’ (Yobu 6:3, 26) Mu kigabane ca 31 na ho, herekana ko Yobu yipfuza ko Imana iva mu gacerere ikagira ico ivuze, ikemeza ko ata na kimwe kimwagira. (Yobu 31:35) Naho ari ukwo, Yobu ntiyari akwiye gusaba Imana ngo imusigurire igituma yariko arashikirwa n’imibabaro. Turavye ivyo bintu vyose Yobu yavuze yiregura, turabona ko yari afitaniye ubucuti bukomeye na Yehova, kandi ko yari yizigiye ko Yehova yokwemeje ko yari intungane.
11. Yehova yakiriye gute ivyo Yobu yavuze yiregura ko yari intungane?
11 Igihe Yehova yishura Yobu mu gihuhusi c’umuyaga, ntiyiriwe arasigura ido n’ido igituma Yobu yariko arashikirwa n’imibabaro. Ariko kandi ntiyakariye Yobu kubera imyidogo yiwe, canke kubera ko yari yavuze ko yari intungane. Ahubwo Yehova yamukosoranye urukundo, nka kurya nyene umuvyeyi akosora umwana wiwe. Kandi ico nyene ni co cari gikenewe kugira ngo Yehova afashe Yobu. Ivyo vyatumye Yobu yicisha bugufi aremera ko ata vyinshi yari azi, yongera arigaya ku vyo yari yavuze atabanje kwiyumvira. (Yobu 31:6; 40:4, 5; 42:1-6) None iyo nkuru ishobora kuba yarafashije gute abasavyi b’Imana ba kera? Tweho yodufasha gute muri iki gihe?
12. Inkuru ya Yobu ishobora kuba yarafashije gute Abisirayeli?
12 Ingene ishobora kuba yarafashije Abisirayeli. Abisirayeli bashobora kuba baragize ivyo bigiye ku nkuru ya Yobu. Reka turabe nk’akarorero ka Musa. Igihe yariko arayobora ihanga rya Isirayeli yarahuye n’ingorane nyinshi, ushizemwo n’ibintu bivuna umutima. Naho ari ukwo, wewe ntiyabaye nk’Abisirayeli b’abagarariji. Igihe baba bari mu ngorane wasanga kenshi baca bidogera Yehova, mu gihe Musa wewe yaca yitura Yehova ngo amufashe. (Kuv. 16:6-8; Guh. 11:10-14; 14:1-4, 11; 16:41, 49; 17:5) Akarorero ka Yobu gashobora kuba kandi karafashije Musa igihe Yehova yamukosora. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bari bakambitse i Kadeshi, bikaba bishoboka ko hari mu mwaka ugira 40 bari mu bugaragwa, barashavuje Musa maze na we «avuga atabanje kwiyumvira», bituma adahesha icubahiro izina rya Yehova. (Zab. 106:32, 33) Ivyo vyatumye Yehova atemerera Musa kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano. (Gus. 32:50-52) Naho Musa yashavujwe n’iyo ngingo, yaremeye ico gihano yicishije bugufi. Vyongeye, inkuru ya Yobu ishobora kuba yarafashije Abisirayeli b’abizigirwa babayeho mu nyuma, kwihanganira ingorane zagiye zirabashikira. Kuzirikana kuri iyo nkuru, bishobora kuba vyarabigishije kumenya ingene boserurira Yehova ukuntu biyumva, n’ingene bokwirinda kwisigura imbere yiwe. Ishobora no kuba yarabigishije ukuntu bokwemera gukosorwa na Yehova bicishije bugufi.
13. Inkuru ya Yobu yodufasha gute kwihangana? (Abaheburayo 10:36)
13 Ingene natwe yodufasha. Na twebwe abakirisu turakeneye kwihangana. (Soma Abaheburayo 10:36.) Nk’akarorero, bamwe muri twebwe usanga barwaye canke barengewe n’amaganya, bafise ingorane mu muryango, barabuze ababo, canke bifitiye izindi ngorane zikomeye. Mu bindi bihe na ho, ivyo abandi bavuga canke bakora vyoshobora gutuma bitugora kwihangana. (Imig. 12:18) Ariko rero, inkuru ya Yobu iratwigisha ko dushobora kubwira Yehova ibituraje ishinga vyose twizigiye ko atwumva. (1 Yoh. 5:14) Igihe tuba turiko turamusukira ibiri ku mutima, bishitse tukavuga ibintu ‘tutabanje kwiyumvira’ nka kumwe kwa Yobu, ntaca adushavurira. Ahubwo aca aduha inkomezi n’ubukerebutsi dukeneye kugira twihangane. (2 Ngo. 16:9; Yak. 1:5) Ku rundi ruhande, igihe bikenewe yoshobora kudukosora nka kumwe kwa Yobu. Inkuru ya Yobu iratwigisha ingene twokwihangana bishitse Yehova akaduha impanuro canke akadukosora biciye kw’Ijambo ryiwe, kw’ishirahamwe ryiwe, canke ku bagenzi bahumuye. (Heb. 12:5-7) Nka kurya nyene kwemera gukosorwa na Yehova vyagiriye akamaro Yobu, na twebwe twemeye gukosorwa biratugirira akamaro. (2 Kor. 13:11) Ivyo ni bimwebimwe mu vyigwa twigira ku nkuru ya Yobu. Reka ubu na ho turabe ingene twokoresha iyo nkuru kugira ngo dufashe abandi.
NUKORESHE IGITABU CA YOBU MU GUFASHA ABANDI
14. Ni ivyiyumviro ibihe twokoresha mu gusigurira umuntu igituma dushikirwa n’imibabaro?
14 Woba urahura n’umuntu akubaza igituma dushikirwa n’imibabaro? Wamwishuye gute? Ushobora kuba waciye umwerekeza ku vyo Bibiliya ivuga vyabaye muri Edeni. Kumbure waciye uhera ku kumubwira ko wa mubisha Shetani yahenze ba bavyeyi bacu ba mbere, baca bagarariza Imana. (Ita. 3:1-6) Mu nyuma, ushobora kuba waciye wongerako ko Adamu na Eva bamaze kugarariza Imana, isi yaciye yuzura imibabaro n’urupfu. (Rom. 5:12) Mu gusozera, ushobora kuba waciye umusigurira ko abantu bashikirwa n’imibabaro kubera ko Imana ibaye irareka hagaca igihe kugira uwo ari we wese yibonere ko ivyo Shetani yavuze ari ikinyoma, no kugira ngo abantu bamenyeshwe inkuru nziza y’uko muri kazoza bazosubira kubaho batagira agasembwa. (Ivyah. 21:3, 4) Nimba wabigenjeje gutyo mu kumwishura wabigize neza, kandi ubwo buryo burashobora gutuma abantu batahura igituma Imana ibaye irareka hakabaho imibabaro.
15. Twokoresha gute igitabu ca Yobu kugira dufashe uwotubaza igituma abantu bashikirwa n’imibabaro? (Raba n’amafoto.)
15 Ubundi buryo twokoresha kugira dusigurire umuntu igituma dushikirwa n’imibabaro, ni ukumubwira ivyashikiye Yobu. Woshobora guhera ku gukeza uwo muntu kubona abajije ico kibazo ciza. Uhejeje kumukeza, woca umubwira ko hari umuntu w’umwizigirwa yitwa Yobu yashikiwe n’imibabaro ikomeye bigatuma na we yibaza igituma biriko biramushikira. Yarageze mbere n’aho yiyumvira ko Imana ari yo yariko iramuteza ivyago vyariko biramushikira. (Yobu 7:17-21) Uwo muntu yoshobora guca abona ko kuva kera na rindi abantu bamye bipfuza kumenya inyishu y’ico kibazo. Ubukurikira, woshobora guca umusigurira ko Shetani ari we yateje ivyago Yobu, ko Imana atari yo yabimuteje. Woshobora guca wongerako yuko naho Imana atari yo yateje ivyago Yobu, kuba yararetse bikamushikira vyerekanye ko Imana yizigira yuko abasavyi bayo b’intahemuka bashobora kubeshuza Shetani. Mu gusozera, woshobora kumubwira ko Imana yahavuye ihezagira Yobu kubera ko yagumye ari intahemuka. Dukoresheje ivyo vyiyumviro, twoshobora guhumuriza abandi ko imibabaro iyo ari yo yose yodushikira Yehova atari we ayiduteza.
Wokoresha gute igitabu ca Yobu kugira ufashe abandi kumenya ko ‘Imana idakora ivy’ububisha’? (Raba ingingo ya 15)
16. Tanga akarorero kerekana ingene igitabu ca Yobu gishobora gufasha umuntu ari mu ngorane.
16 Raba ingene igitabu ca Yobu cafashije umugabo umwe yitwa Mario. Mu 2021, hari mushiki wacu yariko aramamaza umusi umwe akoresheje terefone. Umuntu wa mbere yaterefonye yasanze ari umugabo yitwa Mario. Yaramusomeye umurongo umwe wo muri Bibiliya werekana ko Imana yumviriza amasengesho yacu be n’uko idusezeranira ibintu vyiza muri kazoza. Igihe uwo mushiki wacu yabaza Mario ico avyiyumvirako, yamubwiye ko yariko arandika agakete ko gusezera kubera ko yagira yiyahure. Yongeyeko ati: «Ndemera Imana, ariko muri iki gitondo nariko ndibaza nimba itoba yarampevye.» Igihe uwo mushiki wacu yongera kumuterefona yaramubwiye ibijanye n’imibabaro yashikiye Yobu. Mario yaciye avuga ko yipfuza gusoma igitabu ca Yobu. Uwo mushiki wacu yaciye amurungikira inzira imushikana kuri Bibiliya y’isi nshasha. None vyavuyemwo iki? Mario yahavuye yemera kwiga Bibiliya kandi yarahimbawe no kumenya vyinshi ku bijanye n’iyo Mana y’urukundo yamwitwararitse.
17. Kubera iki dukwiye gukenguruka kuba Yehova yarashize igitabu ca Yobu mw’Ijambo ryiwe? (Yobu 34:12)
17 Mu vy’ukuri, Ijambo ry’Imana rirafise ububasha budasanzwe bwo gufasha abantu, ushizemwo n’abari mu ngorane. (Heb. 4:12) Ese ingene dukenguruka kuba Yehova yarandikishije inkuru ya Yobu mw’Ijambo ryiwe! (Yobu 19:23, 24) Igitabu ca Yobu kiradukura amazinda ko ‘vy’ukuri Imana idakora ivy’ububisha.’ (Soma Yobu 34:12.) Kiratwigisha kandi igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro be n’ingene dushobora kuyihanganira. Kiranadufasha guhoza abari mu ngorane. Mu kiganiro gikurikira, tuzobona ingene igitabu ca Yobu gishobora kudufasha igihe dutanga impanuro.
URURIRIMBO RWA 156 Ndabona n’amaso y’ukwizera
a Biboneka ko Yobu yabayeho inyuma y’urupfu rwa Yozefu (1657 imbere ya Kristu). Birashoboka rero ko ikiyago Yehova yagiraniye na Shetani, n’ingorane zashikiye Yobu, vyabaye imbere y’uko Musa agenwa ngo abe indongozi y’ihanga rya Isirayeli (nko mu 1514 imbere ya Kristu).
b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.