ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb14 rup. 26-35
  • Raporo y’ivy’imanza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Raporo y’ivy’imanza
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ivyo bijanye
  • Raporo y’ivy’imanza
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
    Igitabu c’umwaka 2013 c’Ivyabona vya Yehova
  • Raporo y’ivy’imanza
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
    Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
yb14 rup. 26-35

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Raporo y’ivy’imanza

Intumwa Paulo yahimirije abakirisu ati: “Mugume mwibuka abari mu mvuto nk’aho mubohanywe na bo.” (Heb. 13:3) Twebwe abasavyi ba Yehova tuguma twibuka abavukanyi bacu na bashiki bacu b’abizigirwa kandi tuguma dusabira “abo bose bari mu kibanza co hejuru; kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, turi n’ukwihebera Imana gukwiye kandi tudafyina.”​—1 Tim. 2:1, 2; Ef. 6:18.

Amakuru akurikira yerekeye zimwezimwe mu ngorane zijanye n’ubutungane Ivyabona vya Yehova bagize muri uyu mwaka uheze:

Abavukanyi bacu bo mu Burusiya barabandanya “kwigisha no kumenyesha inkuru nziza . . . badatezura” naho idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya be n’abategetsi bamwebamwe babandanya isekeza ryo guhagarika igikorwa cacu. (Ivyak. 5:42) Abategetsi bo mu Burusiya babandanya gukoresha nabi itegeko ridatomoye ryerekeye intagondwa, rino mu ntango rikaba ryateguriwe kurwanya iterabwoba, bakaba barikoresha ku bisohokayandikiro vyacu canke ku bavukanyi bacu umwumwe ukwiwe. Ivyo vyatumye amasentare yo mu Burusiya avuga ko nka 70 mu bisohokayandikiro vyacu birimwo imvugo z’intagondwa, kandi abategetsi barongeye ivyo bisohokayandikiro ku rutonde rw’ibitabu vy’intagondwa bibujijwe mu gihugu. Abategetsi bamwebamwe bo ng’aho bafatiye kuri ico kirego c’ikinyoma giteye akaga, barasaka Ingoro z’Ubwami be n’amazu y’abavukanyi barondera ivyo bisohokayandikiro. Abapolisi barahagarika Ivyabona benshi kubera baba bari mu busuku, bakabafotora bakongera bakabasaba ko batera igikumu ahantu kugira ngo basigarane imihiro yo ku rukumu rwabo. Akenshi baratera ubwoba abavukanyi bacu igihe baba babajanye ku kirindiro cabo.

Kuva muri Rusama 2013, abavukanyi na bashiki bacu 16 bo mu gisagara ca Taganrog bararengukijwe mu butungane bagirizwa gutunganya amakoraniro ya gikirisu, kuyitaba no kuyagiramwo uruhara be no kuja mu gikorwa co kwamamaza. Kuva Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti isambutse, iryo ryari ryo rya mbere Ivyabona bagirizwa ibinyoma ngo ni inkozi z’ikibi bahorwa kuba bakora ibintu bihuye n’ukwizera kwabo. Abategetsi bo mu tundi turere two mu Burusiya bariko baragerageza gusaba amasentare ngo avuge ko ibisohokayandikiro vyacu ari ivy’intagondwa yongere yagirize abavukanyi bacu ko ari inkozi z’ikibi zagirwa n’icaha co kwanka abo mu yandi madini.

Ukuntu ivy’abavukanyi na bashiki bacu bo muri Eritreya vyifashe ntikwahindutse. Gushika muri Mukakaro 2013, abagera kuri 52 bari mw’ibohero, aho hakaba harimwo abavukanyi umunani bafise n’imiburiburi imyaka 70, hamwe na bashiki bacu batandatu. Abavukanyi batatu, Paulos Eyassu, Isaac Mogos be na Negede Teklemariam bari mw’ibohero kuva ku wa 24 Nyakanga 1994, bazira kuba bataja mu bikorwa vya gisirikare.

Abarenga ica kabiri c’abo bapfunzwe bapfungiwe mw’ibohero ryitwa Meiter, aho hakaba ari mu bugaragwa mu buraruko bw’umurwa mukuru Asmara. Kuva muri Gitugutu 2011 gushika muri Myandagaro 2012, abategetsi barahanye 25 mu bavukanyi bacu mu kubapfungira mu kintu kimeze nk’igisandugu gikozwe mu cuma ica kabiri caco kiri mu kuzimu. Mu mezi y’ici, ku murango abacunga ibohero barasohora abanyororo hanze kubera ubushuhe buturira buba buri aho hantu. Yamara, baronka ibifungurwa be n’amazi vy’inticantikize, ivyo bigatuma amagara y’abavukanyi amera nabi cane. Ikibabaje, Yohannes Haile, umuvukanyi w’imyaka 68, yarapfuye muri Myandagaro 2012 biturutse kuri ukwo gufatwa nabi, nk’uko vyashikiye umuvukanyi Misghina Gebretinsae mu 2011.

Kwanka gukora ibintu bituma ugira aho uhengamiye ubitumwe n’ijwi ryawe ryo mu mutima

Bishingiye kuri Yesaya 2:4 na Yohani 18:36.

ARMENIYA

Ku wa 27 Munyonyo 2012, ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yarambitse izera Khachatryan be n’abandi mu rubanza baburana na Leta ya Armeniya. Leta yagirije Ivyabona 17 icaha c’uko banse gukora ibindi bikorwa bisubirira ivya gisirikare bahagarikiwe n’abasirikare. Armeniya yarahaye abarenganijwe inshumbusho be n’indishi y’akababaro kubera ico kintu giteye kubiri n’amategeko bagirijwe.

Naho Khachatryan yambitswe izera kandi imbere y’aho hakaba haraciwe urubanza rw’intibagirwa rwahuza Bayatyan na Leta ya Armeniya, tutibagiye n’imanza zakurikiye zaciwe na ya Sentare y’Abanyaburaya, Leta ya Armeniya yarabandanije kurengutsa no kwagiriza ubukozi bw’ikibi Ivyabona bakiri bato banse gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima. Yamara, ku wa 8 Ruheshi 2013, Leta yaremeje ihinyanyurwa ry’Itegeko rijanye n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare risa n’irikuraho ivy’uko ivyo bikorwa bihagarikirwa bikongera bigacungerwa n’abasirikare. Ku wa 12 Munyonyo 2013 Ivyabona bose bari bapfunzwe bazira ko banse gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima bararekuwe, kandi Ivyabona bakiri bato basaba gukora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare baravyemererwa.

KOREYA Y’EPFO

Gushika ku wa 31 Gitugutu 2013, abavukanyi 602 ni bo bari mw’ibohero. Kuva mu 1950, abategetsi bo muri Koreya y’Epfo baraciriye imanza Ivyabona vya Yehova 17. 605, babacira gupfungwa imyaka 34.184 tuyifatiye hamwe bahowe kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima.

Mu misi iheze Ivyabona benshi bahora bapfungirwa hamwe n’inkozi z’ikibi, mbere n’inkozi z’ikibi katwa. Yamara, hari abavukanyi barungitswe ku mukuru w’Urwego rwo muri Koreya rujejwe ivy’amabohero kugira basabe ko abayobozi b’amabohero botandukanya abavukanyi bacu n’abandi bapfungwa. Abakuru b’amabohero baciye bagira ico bakoze badatebaganye, baratandukanya abavukanyi bacu nka bose n’inkozi z’ikibi, ku buryo gushika muri Ndamukiza 2013, n’imiburiburi ibice 75 kw’ijana vy’abo bavukanyi wasanga bapfunzwe ari banebane canke batanubatanu mu gasho kamwe. None iryo hinduka ryagize ico rikoze gute kuri abo bavukanyi bacu?

Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Ubu turi kure y’utwosho tubi nk’ubuhumbu canke imvugo mbi.” Uwundi yavuze ati: “Ubu turahanahana indemesho kandi turashobora kugira amakoraniro yose uko ari atanu buri ndwi.”

Muri ico gihe nyene, abagabo 56 bakuwe mu gisoda bagashirwa mu basoda b’integabizoza ariko mu nyuma bakaba barabaye Ivyabona baguma barengutswa mu manza, bagacibwa ihadabu bakongera bagapfungwa bahorwa ko banse gukora imyimenyerezo ya gisirikare baba basabwe. Kubera ko mu myaka umunani iheze bagiye barahamagarwa incuro nyinshi mu mwaka, ako karenganyo kadahera karagoye cane kwihanganira.

SINGAPOUR

Hari abavukanyi 12 bagumye basaba ko bokora ibindi bikorwa mu gishingo c’ivya gisirikare. Yamara ubu barapfungiwe mw’ikambi ya gisirikare, kandi baciriwe gupfungwa imyaka itatu n’amezi atatu. Uwundi muvukanyi yaciriwe gupfungwa umwaka umwe ahorwa ko yanse kuja mu basirikare b’integabizoza.

TIRKIMENISTANI

Ivyabona b’igitsina-gabo icenda bapfunzwe bazira ko banse kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima baciriwe umunyororo wo kuva ku mwaka n’igice gushika ku myaka ibiri kandi akenshi barakubitwa ata kigongwe n’abarinzi b’amabohero be n’abasoda. Iyo ivyo Vyabona barekuwe, akenshi abategetsi baca basubira kubagiriza ko ngo basubiye gukora icaha bagaca basubira kubapfunga kandi bagaca barushiriza kubagaburira nabi. Abashingwamanza b’Ivyabona cumi banse kuja mu gisirikare barituye Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU.

Kwanka guhayagiza igihugu ubitumwe n’ijwi ryawe ryo mu mutima

Bishingiye kuri Daniyeli 3:16-18.

Muri Tanzaniya: Inyuma y’aho abo bakiri bato b’Ivyabona bambikiwe izera, barashoboye gusubira kw’ishure

TANZANIYA

Abagize Sentare isubiramwo imanza y’i Dar es Salam, akaba ari yo sentare nkuru ya Tanzaniya, bose ata n’umwe avuyemwo basanze ubuyobozi bw’amashure bwakoze mu buryo butajanye n’amategeko mu kwirukana abanyeshure batanu bwongera burahana abandi 122 kubera ko banse kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Mu ngingo yasohowe ku wa 12 Mukakaro 2013, iyo sentare yaremeje ko abo banyeshure b’Ivyabona bafise ukwizera nyakuri kandi ko bafise uburenganzira bahabwa n’ibwirizwa nshingiro bwo gukingirwa mu mwidegemvyo wabo wo gukoresha ijwi ryabo ryo mu mutima no gusenga. Ukwo kuntu abo bakiri bato biyemeje kuguma ari intahemuka ku Mana vyaratumye haboneka intsinzi ishigikira izina rya Yehova be n’umwidegemvyo wacu wo gusenga muri Tanzaniya.

Umwidegemvyo wo guserura ivyo wemera

Bishingiye ku Vyakozwe 4:19, 20.

KAZAKISTANI

Icitwa ngo ni icigwa citondewe cagizwe n’Urwego rwo mu karere rujejwe ivy’amadini cavuze ko ngo ibisohokayandikiro vyacu bitari bike ari ivy’intagondwa, kivyagiriza ko biremesha amacakubiri ashingiye ku kibano no kw’idini. Kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2013, igipolisi co mu gisagara ca Karabalyk carafashe ibinyamakuru igihe casaka bidaciye mu mategeko abari mw’ikoraniro ry’ishengero ryariko ribera ku muhana w’umuvukanyi. Kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro 2013, Sentare y’ivy’ubutunzi y’i Astana yarashigikiye ingingo yo kubuza cumi mu bisohokayandikiro vyacu, ivyo bikaba vyatumye babandanya gusuzuma ibisohokayandikiro vyinjira no kugabanya incuro vyinjira. Vyongeye, muri Kigarama 2012, abategetsi baratanguye kuza barafata abavukanyi bacu bakabakubita intahe mu gahanga babahora ngo ni abamisiyonari batemewe n’amategeko. Ku wa 28 Ntwarante 2013, Urwego rwa Leta rujejwe ivy’amadini rwarategetse Urwego rwo mu karere rw’Ivyabona vya Yehova ngo rubwire Ivyabona vya Yehova bose bo muri Kazakistani ko kwamamaza ahandi hantu uretse aho basengera bitemewe n’amategeko. Muri Mukakaro 2013, abategetsi bari baratanguje imanza ziraba abavukanyi na bashiki bacu 21.

Umwidegemvyo wo gukoranira hamwe

Bishingiye ku Baheburayo 10:24, 25.

AZERBAYIJANI

Muri Nzero 2010 Komite y’igihugu ijejwe gukorana n’amashirahamwe y’ivy’idini yaranse kwemera ko Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova ryemerwa n’amategeko kubera ko babagiriza yuko ikete ryo kubisaba ryarimwo utunenge. Naho Ivyabona vya Yehova bagerageje akatari gake gukosora utwo tunenge babagiriza, abategetsi bagumye banka ko bemerwa imbere y’amategeko. Ku wa 31 Mukakaro 2012, abavukanyi bacu barituye ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, barerekana ko Leta itubahirije umwidegemvyo wacu wo gusenga kubera yuko yanse kwemera ko iryo shirahamwe ry’ivy’idini ryemerwa n’amategeko kandi ata mvo n’imwe ishingiye ku mategeko yabitumye. Batemerewe imbere y’amategeko, abavukanyi bacu ntibungukira ku mategeko.

Umwidegemvyo n’umutekano w’umuntu n’ibintu

Bishingiye ku Bafilipi 1:7.

UKRAINE

Naho Ivyabona bafise umwidegemvyo wo gusenga muri Ukraine, barakubagurwa, Ingoro z’Ubwami zigaturirwa canke zikabomorwa. Inzego z’umutekano ntizigira amatohoza akwiye canke ngo zihane bene kubigira. Birumvikana rero ko ivyo bituma abaturwanya babona ko ivyo bakora bizoba akamizwe n’ingoma. Ku bw’ivyo, ibibi abavukanyi bacu bakorewe vyarongerekanye mu 2012 no mu 2013. Mu 2010 hamenyeshejwe ko ibitero bijanye no kubomora be no guturira Ingoro z’Ubwami vyabaye incuro 5; mu 2011 vyariyongereye bishika ku ncuro 15, mu 2012 na ho bishika kuri 50, kandi mu mezi atanu ya mbere y’umwaka wa 2013, vyari bimaze kuba incuro 23. Ibiro vy’ishami biriko biramenyesha ivyo bintu biranga akarenganyo Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU.

Muri Ukraine: Abavukanyi bacu bariko baritegurira gusubira kwubaka iyo Ngoro y’Ubwami yasambuwe yongera iraturirwa

Uburenganzira bwo kwifatira ingingo

Bishingiye ku Vyakozwe 5:29 no ku Vyakozwe 15:28, 29.

ARJANTINE

Mu mpeshi yo mu 2012, uwitwa Pablo Albarracini, uno akaba yaguye mu gitero c’abasuma bitwaje ibirwanisho, yarakomerekejwe n’amasasu menshi maze aca ajanwa mu bitaro yataye ubwenge. Yari yarateye umukono ku rwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwomuvugira, muri rwo akaba yaranse kuvurwa hakoreshejwe amaraso. Naho kwa muganga bari bemeye babikunze kwubahiriza ingingo itomoye yari yarafashe, hari incuti yiwe itari Icabona yagerageje kurondera ko sentare yotegeka ko umuvukanyi Albarracini yoterwa amaraso, ikavuga ko vyari bikenewe ko ayaterwa kugira ngo ntapfe. Yamara, Sentare nkuru yo muri Arjantine yarashigikiye umuvukanyi Albarracini, irubahiriza uburenganzira afise bwo guhitamwo ukuntu yovurwa naho yari yataye ubwenge. Ntiyatewe amaraso kandi yarakize neza. Yarakengurutse kuba Yehova yaramufashije kugumana ukudahemuka kwiwe kuri ico kibazo gihambaye.

Kwinubwa kubera idini

Bishingiye kuri Luka 21:12-17.

KIRGISTANI

Ku wa 16 Ndamukiza 2013, sentare yarafashe ingingo ishigikira abavukanyi bacu b’i Toktogul, Ingoro y’Ubwami yaho ikaba yari yarasambuwe incuro zibiri n’abantu bo ng’aho. Sentare yarakubise intahe mu gahanga abo bagizi ba nabi maze ibategeka gutanga inshumbusho. Hariko haraba urubanza rw’abari inyuma y’igitero ca mbere, ivyo bikaba bitanga icizigiro c’uko izo ngorane zizohera muri ako karere. Mu kurindira, amashengero azoba arasubira kwubaka iyo Ngoro y’Ubwami.

Muri Kirgistani: Iyi Ngoro y’Ubwami yarasambuwe incuro zibiri n’abantu bo ng’aho

Intsinzi zikomeye twatahukanye mu vy’amategeko

  1. Ikibazo: Idini kanaka ryoba ribwirizwa kuronka uruhusha rwo kugira amahwaniro n’amakoraniro y’ishengero?

    Ingingo yafashwe: Kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2012, Sentare y’Uburusiya ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yaremeje ko Ibwirizwa nshingiro ry’Uburusiya riha abantu umwidegemvyo wo gusenga mw’idini bashaka maze ishinga ko abavukanyi bacu bashobora kugira amakoraniro y’ivy’idini batarinze kubanza kubimenyesha canke kubihererwa uruhusha n’abategetsi.

  2. Ikibazo: Abanyagihugu boba bafise uburenganzira bw’uko impapuro zabo zo kwa muganga zidahabwa uwo ari we wese? Ivyabaye: Mu 2007 icegera c’umushikirizamanza w’igisagara ca Saint-Pétersbourg mu Burusiya yategetse ko amavuriro yose yo muri ico gisagara yoza ararungika mu biro vy’umushikirizamanza impapuro zo kwa muganga za buri Cabona ca Yehova wese yanse guterwa amaraso, ariko ivyo bakabigira batabimenyesheje uwo murwayi. Igihe amasentare yo mu Burusiya atashigikira uburenganzira abarwayi bafise bw’uko ivyabo bigumizwa mw’ibanga, abavukanyi baciye bitura ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

    Ingingo yafashwe: Kw’igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013, iyo Sentare y’Abanyaburaya yavuze ko iryo tegeko ry’umushikirizamanza rirenga ku burenganzira umuntu afise bw’uko ivyiwe bigumizwa mw’ibanga maze iremeza ko ata “mpamvu zumvikana canke zifadika” zotuma abategetsi bahishurirwa amakuru yerekeye umuntu. Iyo ngingo yarabaye ntabanduka kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu, igihe Inama Nkuru y’iyo Sentare yanka kwemera ivyo Uburusiya bwasavye vy’uko urwo rubanza rwosubira kwihwezwa.​—Urubanza Avilkina be n’abandi baburana n’Uburusiya.

Amakuru mashasha ku vyari vyaravuzwe muri Raporo y’ivy’imanza mu Gitabu c’umwaka uheze

Leta y’Ubufaransa yaremeye gukurikiza ingingo yafashwe kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro 2012 na ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, mu rubanza rwari rwerekeye gutozwa amakori y’akarenganyo. Leta yarasubije amahera yari yarafashe, irashirako n’inyungu, yongera iratanga indishi y’akababaro, kandi yararetse ivyo kugurisha icamunara inyubakwa z’ishami.​—Igitabu c’umwaka 2013, urupapuro rwa 34.

Ivyabona vya Yehova bo mu Buhindi barabandanya kurwanywa mu mihingo itandukanye y’igihugu. Yamara, ntibapfungwa canke ngo bagirizwe ibinyoma nk’uko vyari kare. Ubu, hari imanza 20 zikirindiriye gucibwa zijanye no gutunganya ivyerekeye ibibi vyakorewe abavukanyi bacu.​—Igitabu c’umwaka 2013, urupapuro rwa 35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika