ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 136-137
  • Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ivyo bijanye
  • Nabona ko ata kindi nkeneye
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ibibazo bitatu vyarahinduye ubuzima bwanje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Vyaranse ko ayishira hasi!
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Narihetse kuri Yehova
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 136-137

JEWOROJIYA

Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!

Pepo Devidze

  • YAVUTSE 1976

  • YABATIJWE 1993

  • IVYIWE MURI MAKE Yakuriye mw’ishengero ry’aborotodogisi, kandi yarubahiriza imigenzo yaryo ata guca ku ruhande. Amaze kumenya ukuri, yarakoreye kuri Beteli ari kumwe n’umugabo wiwe. Ubu ni abatsimvyi badasanzwe.

Pepo Devidze

NATANGUYE kwumva ivy’Ivyabona nkiri umunyeshure mu gisagara ca Kutaisi. Hari umubanyi yambwiye ko Ivyabona badakoresha ibishusho be n’uko batemera ko Yezu ari Imana Mushoboravyose. Ivyo vyari bitandukanye rwose n’inyigisho nakunda z’aborotodogisi.

Igihe nasubira iwacu i Tsageri mu ci ryo mu 1992, nasanze na ho nyene hariyo Ivyabona. Mawe yari amaze kwumva abantu benshi babavuga neza. Kubera ko nari nkibiyumvira nabi, yambwiye ati: “Uragenda wirabire ivyo bigisha.”

Hari abavukanyi b’abatsimvyi (Pavle na Paata) bama baza kwigisha umuryango umwe wo mu karere iwacu. Iyo baje, benshi mu babanyi baca bagenda kwumviriza ivyo bigisha no kubabaza ibibazo. Naje naciye nza ndagenda kubumviriza. Iyo ndababajije ikibazo, baca bazingurura Bibiliya, bakampa ngo nisomere inyishu. Ivyo vyarankoze ku mutima cane. Nariboneye n’amaso yanje ivyo Bibiliya ivuga!

Bidatevye, narifatanije n’abantu abo bavukanyi bigisha Bibiliya. Mu ci ryakurikiye, cumi muri twebwe barabatijwe. Mawe na we nyene yahavuye aba Icabona.

Nsubije amaso inyuma, ndakenguruka kubona abo bavukanyi barampa Bibiliya nkisomera inyishu z’ibibazo vyanje. Amakenga yose nari mfise ku nyigisho zidahuye n’izo nari nsanzwe nemera yaraheze. Nibutse ingene kwisomera inyishu muri Bibiliya vyamfashije, bituma nkoresha ubwo buryo nyene mu gufasha abandi gutahura ukuri!

Pepo Devidze n’umugabo wiwe
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika