ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 128-129
  • Vyaranse ko ayishira hasi!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyaranse ko ayishira hasi!
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Itunga ryamaze ibinjana rinyegeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?
    Icofasha umuryango
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 128-129

JEWOROJIYA

Vyaranse ko ayishira hasi!

Marina Kopaliani

  • YAVUTSE 1957

  • YABATIJWE 1990

  • IVYIWE MURI MAKE Marina n’umugabo wiwe Badri bari abamamaji b’abanyamwete, naho bari bafise abana babiri. Badri yahavuye akora muri Komite y’igihugu kandi yagumye ari umwizigirwa gushika apfuye mu 2010.

Marina Kopaliani

TWE n’umugabo wanje twatanguye kubonana n’Ivyabona mu 1989 tubasanze ku mubanyi. Umuvukanyi Givi Barnadze ni we yariko arigisha Bibiliya uwo mubanyi, ariko Givi nta Bibiliya yari afise, kuko bitari vyoroshe kuronka Bibiliya muri Jeworojiya.

Ivyo twumvise vyaraturyoheye cane, bituma twipfuza kuronka Bibiliya. Igihe umugabo wanje yabonana na mwene wabo, yaramubwiye ko yari akeneye Bibiliya. Yaratangaye yumvise mwene wabo amubwiye ko aheruka kugura Bibiliya y’ikijeworojiya be n’uko yoyimugabira.

Badri ashitse muhira, yaciye yicara arasoma ya Bibiliya gushika buhwibiriye. Bukeye, yayizindukiyeko. Mvuye ku kazi, nasanze yicaye ha handi, akiriko arasoma. Emwe, vyaranse ko ayishira hasi! Naciye ndamubwira afate ikonje y’imisi mikeyi kugira aheze kuyisoma. Mu misi mikeyi yari ayihejeje yose.

Igihe twatangura kwiga n’umuvukanyi Barnadze igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera, vyaraturyoheye cane kuko twari dusanzwe twifitiye Bibiliya. Vyarikoze kuko twebwe ata gitabu twari dufise, na we akaba ata Bibiliya yari afise! Haheze umwaka, twe na Badri twarabatijwe.

Marina na Badri Kopaliani
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika