Ubuzima bwoba buzosubira kumera nk’uko bwahora? Ingene Bibiliya yodufasha kubaho mw’isi yahindutse kubera ikiza
“Twese dukeneye ko ubuzima busubira kumera nk’uko bwahora.”—Angela Merkel, umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi.
Kumbure nawe urashobora gushigikira amajambo yavuze, narirya ikiza ca Korona kibandanya kubangamira abantu kw’isi yose. Ariko none, kwumva ko ubuzima “bwosubira kumera nk’uko bwahora” bisobanura iki? Abantu biteze iki?
Gusubira kugira ubuzima nk’ubwo bari bafise imbere y’ikiza. Bamwe bipfuza gusubira kumarana umwanya n’abandi, kugumbirana, gukorana mu ntoke hamwe no kugira ingendo. Umuganga Anthony Fauci,a avuga ko “abantu biyumvira ko ubuzima bwosubira kumera nk’uko bwahora, nka hamwe boshobora kuja mu ma resitora, mu nyubakwa z’ibikino canke ibindi bintu nk’ivyo.”
Kugira ubuzima bwiza. Bamwe babona ko aka ari akaryo ko guhindura ubuzima bwabo bukamera neza kuruta uko bwahora. Biyumvira yuko hari ibintu bikwiye guhinduka, nko kuba hari abantu benshi barwaye indwara zo mu mutwe, ubuzi busaba umwanya n’inguvu nyinshi hamwe n’akarenganyo gafatiye kw’ibara ry’urukoba no ku kibanza umuntu afise mu kibano. Uwitwa Klaus Schwab, uwashinze ya nama y’amashirahamwe araba ivy’ubutunzi kw’isi, avuga ati: “Iki kiza kiriko kiraduha akaryo kadasanzwe ko kwiyumvira ibijanye n’ubuzima bwacu be n’ukuntu twipfuza ko isi yomera hanyuma tukagira ivyo duhinduye. Kandi ako karyo ntikazokwamaho.”
Iki kiza carateje ingorane abantu benshi ku buryo biyumvira ko ubuzima butazosubira kumera nk’uko bwahora. Nk’akarorero, benshi baratakaje ubuzi, amazu, amagara yabo arasinzikara n’ikivyunyura barabura ababo.
Ego niko, ntawuzi neza ingene ubuzima buzoba bumeze iki kiza nicarangira. (Umusiguzi 9:11) Ariko, Bibiliya irashobora kudufasha kubona ubuzima nk’uko buri koko no kwihanganira ibiriko biradushikira. Bibiliya iratubwira ibintu ushobora kuba utari witeze bizoba muri kazoza.
Nubone neza ikiza ca Korona
Kuva kera, Bibiliya yari yaravuze ko hoteye indwara z’“ibiza” mu gihe “c’insozero y’ivy’isi.” (Luka 21:11; Matayo 24:3) Iyo twiyumviriye rero ibijanye n’ikiza ca Korona, duca twibuka ko ari kimwe mu bintu bihambaye Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye, harimwo intambara, vya nyamugigima bikomakomeye n’amapfa.
Ingene kubimenya bidufasha: Naho iki kiza cogabanuka, Bibiliya iratugabisha ko twobayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Kubimenya birashobora kudufasha kubona ibintu nk’uko biri.
Naho muri iyi si ingorane ziguma zongerekana, vuba ibintu bigiye guhinduka rwose. None ni ibiki bigiye guhinduka?
Ibintu ushobora kuba utari witeze bizoba inyuma y’ikiza
Bibiliya ntiyavuze gusa ingorane zikomeye ziriko ziradushikira muri iki gihe, ariko kandi yaravuze n’ibintu vyiza bigiye kuba vuba. Iravuga kazoza keza kuruta ako intwaro z’abantu ziteze gushikako, kandi ako kazoza ni Imana yonyene ishoboye kukaturonsa. Bibiliya ivuga ko “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—Ivyahishuwe 21:4.
Yehovab Imana adusezeranira ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.” (Ivyahishuwe 21:5) Azotorera umuti ingorane zo kw’isi, harimwo ingorane iki kiza cateje. Azoturonsa ibi bikurikira:
Amagara meza. Nta ndwara n’urupfu bizoba bikiriho.—Yesaya 25:8; 33:24.
Akazi gatuma umuntu aguma anezerewe, kandi katamuruhisha ngo asigare ata dutege afise.—Yesaya 65:22, 23
Ubukene n’inzara bizovaho. Abantu bazoba bafise ivyo bakeneye vyose.—Zaburi 72:12, 13; 145:16.
Ntituzokwibuka ibintu vyigeze kudutuntuza, kandi tuzobona abacu bapfuye basubiye kubaho.—Yesaya 65:17; Ivyakozwe 24:15.
Ingene kubimenya bidufasha: Bibiliya ivuga iti: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima.” (Abaheburayo 6:19) Icizigiro nk’ico kirashobora gutuma dutekana. Kiradufasha kwihanganira ingorane zidushikira muri iki gihe, kugabanya amaganya no kuguma dutekanye kandi tunezerewe.
Ariko none, woba woshobora kwizigira udakeka ivyo Bibiliya isezerana? Raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya: Ni isôko ry’amakuru yo kwizigirwa.”
Impanuro zo muri Bibiliya zizogufasha kuvyifatamwo neza mu kurindira ko ikiza gihera
Nuhe agaciro ubuzima
Icanditswe: “Ubukerebutsi buzigamira ubuzima benebwo.”—Umusiguzi 7:12.
Ico bisobanura: Nukore uko ushoboye kwose kugira ntiwandure. Numenye ukuntu vyifashe aho ubaye. Nurimbure witonze amategeko ajanye n’ukwikingira, igitigiri c’abandura aho ubaye hamwe n’abahejeje kwicandagisha.
Nugume wiyubara
Icanditswe: “Umuntu w’inkerebutsi aratinya kandi agakevya ngo ntagwe mu kibi, mugabo ikijuju kiraraka kandi kikiyizigira.”—Imigani 14:16.
Ico bisobanura: Nubandanye gukora ibikenewe vyose kugira ukingire amagara yawe. Abahinga bavuga ko iki kiza ca Korona kizomara igihe kitaravaho.
Nurondere amakuru yo kwizigirwa
Icanditswe: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”—Imigani 14:15.
Ico bisobanura: Nuhitemwo witonze impanuro uzokwisunga. Amahitamwo uzogira arahambaye kubera ko ashobora kubangamira amagara yawe nka hamwe wofata ingingo wisunze amakuru y’ikinyoma.
Nugume ubona ibintu mu buryo bwiza
Icanditswe: “Ntuvuge ngo: ‘Kubera iki imisi ya kera yabaye myiza kuruta iyi?’ Kuko ivyo utoba ubibajije bivuye ku bukerebutsi.”—Umusiguzi 7:10.
Ico bisobanura: Niwihatire kunezerererwa ukuntu ivyawe vyifashe ubu. Niwirinde kuguma wiyumvira ingene ubuzima bwari bumeze imbere y’uko iki kiza gitera wongere wirinde kuguma wiyumvira ivyo utashoboye gukora kubera iki kiza.
Niwubahe abandi
Icanditswe: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.”—1 Petero 2:17.
Ico bisobanura: Abantu bakiriye ugutandukanye ibijanye n’iki kiza hamwe n’ingaruka cateje. Niwubahirize ivyiyumviro vyabo, ariko ntuhindure ingingo nziza wafashe. Nutahure abataricandagisha, abageze mu zabukuru canke abafise ingorane zikomeye z’amagara.
Niwihangane
Icanditswe: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu.”—1 Abakorinto 13:4.
Ico bisobanura: Igihe abandi bariko bariganyira ku bintu batagishoboye gukora nka kera, nubagaragarize ubuntu. Igihe ugira urutonde rw’ibintu utegekanya gukora, niwihangane gushika ibintu bisubiye kumera neza.
Ingene Bibiliya iriko irafasha abantu kwihanganira iki kiza
Ivyabona vya Yehova barahumurizwa n’ivyo Bibiliya isezerana muri kazoza kandi ivyo birabafasha kutaguma biyumvira ivy’iki kiza. Vyongeye, barashigikirana mu kugamburuka itegeko Bibiliya itanga ryo kwama bakoranira hamwe ku bwo gusenga. (Abaheburayo 10:24, 25) Umuntu wese arahabwa ikaze ku makoraniro Ivyabona vya Yehova bagira, biciye ku buhinga bwa Vidéoconférence muri iki kiza.
Abandi bantu bariboneye ko kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova muri ayo makoraniro vyabafashije muri iki gihe kigoye. Nk’akarorero, umugore umwe yarwaye Korona yaremeye ubutumire bwo kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova muri ayo makoraniro agirwa ku buhinga bwa none. Ayo makoraniro yaramufashije cane naho yabandanije kugira ingorane z’amagara bivuye kuri ico kiza. Mu nyuma yavuze ati: “Numva umengo ndi mu bagize uyo muryango. Gusoma Bibiliya vyatumye ngira amahoro yo mu mutima ndatekana. Vyaramfashije kwitunira ku cizigiro ca kazoza aho kwiyumvira ingorane zanje. Mwarakoze cane kumfasha kugiranira ubucuti n’Imana kuko ari vyo namye nipfuza mu buzima bwanje.”
a Umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe indwara zandukira n’iziva ku kuba hari ibintu bitaguye neza umubiri muri Amerika.
b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko biri muri Bibiliya.—Zaburi 83:18