NUGUME URI MASO!
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ibitero vy’abitwaje ibirwanisho biriko biraba kw’isi?
Mu kwezi kwa Mukakaro 2022, harabaye ibitero vy’abitwaje ibirwanisho biteye ubwoba hirya no hino kw’isi:
“Urupfu rw’umunyapolitike azwi cane wo mu Buyapani [Shinzo Abe, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere] rwarateje uruhagarara muri ico gihugu be no kw’isi yose, na canecane kubera ko muri ico gihugu hatagwiriye ubukozi bw’ikibi be n’uko hari amategeko akomeye ku bijanye n’ibirwanisho.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa The Japan Times, ku wa 10 Mukakaro 2022.
“Abanyagihugu bo muri Danemarke baratekewe n’ubwoba kubera ko hari umugabo yitwaje ibirwanisho yishe abantu batatu mw’iduka i Copenhague.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa Reuters, ku wa 4 Mukakaro 2022.
“Afrika y’Epfo: Abantu 15 barishwe n’umuntu yitwaje ibirwanisho yateye akabare ko mu gisagara ca Soweto.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa The Guardian, ku wa 10 Mukakaro 2022.
“Muri Amerika, abarenga 220 barishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho mu kiringo c’akaruhuko kiba mu matariki yo ku wa 4 Mukakaro.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa CBS News, ku wa 5 Mukakaro 2022.
Hoba hari icizigiro ko ubukozi bw’ikibi nk’ubwo buzohera? Bibiliya ibivugako iki?
Ubukozi bw’ikibi bugiye guhera
Bibiliya ivuga yuko iki gihe tubayemwo ari “imisi ya nyuma”, aho abantu bobaye ari inkazi kandi bigenza bunyamaswa. (2 Timoteyo 3:1, 3) Ubukozi bw’ikibi nk’ubwo buratuma abantu babaho bafise ubwoba. (Luka 21:11) Ariko, Bibiliya isezerana ko hazogera igihe ubukozi bw’ikibi bukarangira maze “abantu bakibera ahantu h’amahoro no mu bigo bitekanye rwose n’ahantu h’ukuruhukira hatagira inkomanzi.” (Yesaya 32:18) None, ubukozi bw’ikibi buzohera gute?
Imana izokuraho inkozi z’ikibi n’ibirwanisho vyose.
“Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo.”—Imigani 2:22.
“Imana ihagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto iravunagura, emwe, icumu igahimbagura; imikogote iyituririra mu muriro.”—Zaburi 46:9.
Imana izokuraho ubukozi bw’ikibi bwose mu kwigisha abantu kubana mu mahoro.
“Ku musozi mweranda wanje wose, nta kizokora inabi canke ngo kigire ico cononye; kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.”—Yesaya 11:9
No muri iki gihe, Imana iriko irigisha abantu bo hirya no hino kw’isi kwanka ubukozi bw’ikibi no kwirinda gukoresha ibirwanisho maze “inkota zabo bakabwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bakayacuramwo imihoro yo gututūra.”—Mika 4:3.
Kugira ubone n’ibindi ku bijanye n’ingene Bibiliya isezerana ko hazogera igihe abantu babe kw’isi ata bwoba, soma ikiganiro kivuga ngo “ Vyoba bishoboka kubaho ata bwoba?” (kiraboneka mu gifaransa)
Kugira ubone ukuntu ubukozi bw’ikibi buzovaho buhere, nusome ikiganiro kivuga ngo “Amahoro agiye kuza kw’isi!” (kiraboneka mu gifaransa)