NUGUME URI MASO!
Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ingene hirya no hino kw’isi hari ubushuhe bwinshi?
Muri Mukakaro 2022, hirya no hino kw’isi harabaye ubushuhe bwinshi:
“Muri uku kwezi, ni incuro ya kabiri abategetsi bo mu Bushinwa baburiye abanyagihugu yuko ubushuhe buzoba bwinshi mu bisagara hafi 70.”—Vyavuzwe na CNN Wire Service, ku wa 25 Mukakaro 2022.
“Kubera ko i Buraya hari ubushuhe budasanzwe, mu bihugu vyinshi amashamba aguma asha.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The Guardian, ku wa 17 Mukakaro 2022.
“Ku wa mungu, mu bisagara vyinshi vyo muri Amerika hari ubushuhe butari bwigere buhaba, bukaba bwarakwiragiye mu buseruko no mu bice vyo mu bumanuko n’amaja mu burengerazuba.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The New York Times ku wa 24 Mukakaro 2022.
None ivyo bisobanura iki? Hoba hazogera igihe kuba kw’isi bizoba bitagishoboka? Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya yoba yari yaravuze ibijanye n’ubushuhe bwinshi?
Ego. Ibijanye n’ubushuhe bwinshi buri hirya no hino kw’isi birahuje n’ivyo Bibiliya ivuga ko vyobaye muri iki gihe. Nk’akarorero, Yezu yari yaravuze ko “[hobaye] ibintu biteye ubwoba.” (Luka 21:11) Ukuduga kw’ubushuhe hirya no hino kw’isi kwaratumye abenshi batinya ko abantu bazohava bahonya isi.
Hoba hazogera igihe kuba kw’isi bidashoboka?
Oya. Imana yaremye isi kugira ngo abantu bazokwame bayibako. (Zaburi 115:16; Umusiguzi 1:4) Ntizoreka ngo abantu bahonye isi, ahubwo yasezeranye ko ‘izohonya abahonya isi.’—Ivyahishuwe 11:18.
Raba ubuhanuzi bubiri gusa bwerekana ibindi bintu Imana yasezeranye:
“Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.” (Yesaya 35:1) Imana ntizoreka ngo isi yose ihinduke ubugaragwa ku buryo ata woba akiyibako, ahubwo izotuma ibice vyononekaye bisubira kumera neza.
“Witayeho isi, kugira ngo uyihe umukimba; urayitungisha cane.” (Zaburi 65:9) Imana izohindura isi ibe iparadizo.
Kugira ubone vyinshi ku kuntu ihindagurika ry’ikirere ryerekana ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka, nusome ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere na kazoza kacu?” (kiraboneka mu gifaransa)
Kugira ubone ibindi Bibiliya isezerana ku kuntu isi izohinduka ikamera neza, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?”