YURI LASHOV/AFP via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuntu abakirisu bakwiye kubona intambara?
Nk’uko twabibonye mu ntambara yo muri Ukraine, abakuru b’amadini bararemesha abantu kugira uruhara mu ntambara. Raba ukuntu abakuru b’amadini bamwebamwe bashigikira ivyo bihugu vyompi biriko birarwana:
“Turakengurukiye cane abantu bose bariko bararwanira igihugu cabo ca Ukraine kugira bikureko umwansi . . . Tubamiza ku mutima, tukabasengera kandi tuzokwama tubashigikira.”—Vyavuzwe n’umukuru w’idini ry’aborotodogisi i Kyiv muri Ukraine yitwa Epiphanius I, mu kinyamakuru The Jerusalem Post, ku wa 16 Ntwarante 2022.
“Ku wa mungu, umukuru w’idini ry’aborotodogisi mu Burusiya yaratunganije programa idasanzwe yo gusenga igenewe abasoda b’Uburusiya, abaremesha kurwanira igihugu cabo ‘nk’uko Umurusiya wese yobikora.’ Aho ni mu gihe intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine ikibandanya.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa Reuters, ku wa 3 Ndamukiza 2022.
Abakirisu boba bakwiye kugira uruhara mu ntambara? Bibiliya ibivugako iki?
Ivyo Bibiliya ivuga vy’ukuri
Bibiliya irerekana ko abakurikira Yezu Kristu vy’ukuri batagira uruhara mu ntambara.
“Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.”—Matayo 26:52.
Umuntu ashigikira intambara yoba vy’ukuri ariko aragamburuka ayo majambo ya Yezu?
“Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”—Yohani 13:34, 35.
Umuntu ashigikira intambara yoba ariko arerekana urukundo Yezu yavuze ko rworanze abigishwa biwe, ni ukuvuga abamwigana?
Kugira umenye ayandi makuru, nusome ikiganiro kivuga ngo “Intambara yoba ijanye n’ubukirisu?”
Abakirisu hamwe n’intambara muri iki gihe
Twoba twokwitega ko abakirisu batagira uruhara mu ntambara muri iki gihe? Ego cane. Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe citwa imisi ya nyuma, hari abantu bo mu mahanga yose ‘batokwongeye kwiga kurwana,’ bikaba bihuye n’ivyo Yezu yigishije.—Yesaya 2:2, 4.
Kugira umenye n’ibindi, nusome ibiganiro biri mu Munara w’Inderetsi uvuga ngo “Imana ibona gute intambara?”
Vuba, Yehovaa “ya Mana y’amahoro,” azokoresha intwaro yiwe yo mw’ijuru kugira akize abantu “agahahazo n’ubukazi.”—Abafilipi 4:9; Zaburi 72:14.
Kugira ubone ingene azobigenza, nurabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.