Francesco Carta fotografo/Moment via Getty Images
Abantu benshi barushiriza kwumva bafise irungu: Bibiliya ibivugako iki?
Twisunze amatohoza aheruka kugirwa hirya no hino kw’isi,a basanze mu bantu bane n’imiburiburi umuntu umwe muri bo agira irungu.
«Iyo umuntu ata bagenzi afise canke yama ari wenyene, naho yoba angana gute canke aba hehe, ntiyoreka kugira irungu.»—Vyavuzwe na Chido Mpemba, umwe mu bakuru b’umugwi ujejwe gufasha abantu kugiranira imigenderanire hagati yabo washinzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS).
Abantu bamwebamwe boshobora kwiyumvira ko abantu bageze mu zabukuru canke abari ukwa bonyene ari bo gusa bumva irungu, ariko rero n’abakiri bato, abantu bafise amagara meza, baroranirwa mu buzima canke mbere n’abubakanye na bo nyene barashobora kugira irungu. Igihe umuntu aguma ari ukwa wenyene canke akaba afise irungu birashobora gutuma agira ingorane z’amagara canke agatakaza morare.
Umuganga Vivek Murthy akaba ari umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Amerika avuga ati: «Kugira irungu ntibigarukira ku kwiyumva nabi gusa.» Yongerako ati: «Abantu bapfa kubera baguma bari ukwa bonyene bangana n’abapfa bivuye ku kunywa itabi zirenga 15 ku musi.»
Bibiliya ibivugako iki?
Umuremyi wacu ntiyipfuza ko tuguma ukwa twenyene. Imana yamye ifise umugambi w’uko abantu bumva bahimbawe iyo bari kumwe n’abagenzi beza.
Ico Bibiliya ivuga: «Imana [ivuga iti]: “Si vyiza ko uyu mugabo aguma ari wenyene.”»—Itanguriro 2:18.
Imana iripfuza ko tuba abagenzi bayo. Isezerana ko izotwiyegereza nitwagira utwigoro two kuyiyegereza.—Yakobo 4:8.
Ico Bibiliya ivuga: «Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.»—Matayo 5:3.
Imana yipfuza ko tuyisenga turi kumwe n’abandi. Igihe tubikoze biratuma duhimbarwa.
Ico Bibiliya ivuga: «Twiyumvirane kugira duterane intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Ntiduhebe gukoranira hamwe, . . . ahubwo turemeshanye.»—Abaheburayo 10:24, 25.
Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’igituma bihambaye kurwanya irungu, nusome ikiganiro kivuga ngo «Kugira irungu mw’isi yuzuyemwo uburyo bwo guhanahana amakuru.»
a The Global State of Social Connections, by Meta and Gallup, 2023.