ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 105
  • Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro zo muri Bibiliya zodufasha
  • Abantu benshi barushiriza kwumva bafise irungu: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Abantu benshi hirya no hino kw’isi barafise irungu: Ni igiki cobafasha?
    Ibindi biganiro
  • Kumenya ibintu bituma abantu bagira irungu
    Be maso!—2010
  • Kugira irungu mw’isi yuzuyemwo uburyo bwo guhanahana amakuru
    Be maso!—2010
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 105
Umugwi w’abakiri bato bagiye kwisamaza bakaba bariko barayaga bahimbawe.

Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha

Mu 2023, abahinga mu vy’amagara bavuze ko kugira irungu ari ingorane ikomeye dukwiye kurwanya. None hoba hariho umuti wo kurwanya irungu?

  • “Umuganga Vivek Murthy akaba ari umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Leta zunze ubumwe za Amerika, avuga ati: «Iyo ufise irungu kandi ukaba wumva ko uri wenyene, birashobora kugutera ingorane z’amagara zikomeye kandi bigatuma utakaza umunezero.» Ariko kandi yongerako ati: «Hari ico twokora.» Mu buryo ubuhe? «Turashobora gukora buri musi utuntu dutoduto kugira dukomeze ubucuti dufitaniye n’abandi.»a

Irungu ntiriva gusa ku kuba umuntu ari wenyene. Hari abashobora kwumva irungu kandi bari mu bantu benshi. Bibiliya irashobora kudufasha naho ibituma tugira irungu bitandukanye. Irimwo impanuro ngirakamaro zishobora kudufasha kurwanya irungu biciye ku gukomeza ubugenzi dufitaniye n’abandi.

Impanuro zo muri Bibiliya zodufasha

Nube umuntu azi kuganira neza n’abandi. Ivyo ntibisobanura gusa kubwira abandi uko wiyumva ariko kandi harimwo no kwumviriza abandi witonze. Uko urushiriza kwereka abandi ko ubitwararitse, ni ko ubucuti mufitaniye na bo bukomera.

  • Ico Bibiliya ivuga: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.»​—Abafilipi 2:4.

Nurondere abagenzi batandukanye. Nurondere kugiranira ubugenzi n’abantu bakuze kugusumba canke bato kuri wewe, abo mudasangiye imico canke abava mu bindi bihugu.

  • Ico Bibiliya ivuga: «[Nimwugurure] cane umutima.»​—2 Abakorinto 6:13.

Kugira umenye vyinshi ku kuntu wogiranira ubugenzi bukomeye n’abandi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Icodufasha kuronka abagenzi beza.» (mu gifaransa)

Uratumiwe

Ivyabona vya Yehova barakoranira hamwe kabiri buri ndwi kugira bakomeze ubucuti bafitaniye n’Umuremyi wacu hamwe n’ubwo bafitaniye n’abantu bo mu kibano. Turagutumiye kugira uzoze kwifatanya natwe.

  • Kurondera ahabera ikoraniro.

  • Gusaba ko tukugendera.

a Our Epidemic of Loneliness and Isolation: The U.S. Surgeon General’s Advisory on the Healing Effects of Social Connection and Community, 2023.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika