AspctStyle/stock.adobe.com
Yezu azokuraho intambara
Yezu akiri kw’isi, yarerekanye ko akunda abantu bimwe bidasanzwe, gushika n’aho atanga ubuzima bwiwe ku bwabo. (Matayo 20:28; Yohani 15:13) Vuba, azosubira kwerekana ko akunda abantu, niyakoresha ububasha bwiwe ari Umwami w’Ubwami bw’Imana mu «[gu]hagarika intambara kw’isi yose.»—Zaburi 46:9.
Nurabe ukuntu Bibiliya idondora ivyo Yezu azokora:
«Kuko azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.»—Zaburi 72:12-14.
Twokwerekana gute none ko dukenguruka ibintu vyose Yezu yakoze hamwe n’ivyo yimirije gukora? Uburyo bumwe ni ukwiga vyinshi ku vyerekeye «inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana,» akaba ari na bwo butumwa Yezu yigisha. (Luka 4:43) Nusome ikiganiro kivuga ngo «Ubwami bw’Imana ni iki?»