ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 2
  • Kubera iki mugendera abantu basanzwe bifitiye idini?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki mugendera abantu basanzwe bifitiye idini?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova basubira kugendera uwababwiye ko ata vyo ashaka?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Kubera iki abantu batacubaha abandi?
    Be maso!—2024
  • Uburyo bwo Gutora Idini y’Ukuri
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Nomenya gute idini ry’ukuri?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 2
Ivyabona vya Yehova bariko  bamamaza

Kubera iki mugendera abantu basanzwe bifitiye idini?

Benshi mu basanzwe bifitiye idini twasanze bahimbarwa no kuyaga ivya Bibiliya. Ariko ntiwumve, turubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kwemera ibitandukanye n’ivyacu, kandi nta we duhatira kwemera ubutumwa dushikiriza.

Igihe tuyaga n’umuntu ivy’Imana, turagerageza gukurikiza impanuro Bibiliya itanga yo kuvugana “ubwitonzi” no kugaragaza “icubahiro kigera kure”. (1 Petero 3:15) Turitega ko hari abatakira ubutumwa dushikiriza. (Matayo 10:14) Ariko rero, ukuntu abantu bavyakira tubimenya ari uko tubayagishije. N’ikindi kandi, turatahura yuko uko ivy’abantu vyifashe guhinduka.

Nk’akarorero, umuntu arashobora kuba afatiriwe ku buryo atoronka akanya ko kuyaga natwe ariko agashima ko twoyaga ikindi gihe. Hari n’abashikirwa n’ingorane canke bagaca mu bintu batari bwigere bacamwo, bigatuma bashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Ni yo gituma twihatira kuyaga n’abantu incuro nyinshi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika