ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 28
  • Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Twoba dukwiye gusenga Yezu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ni kubera iki twosenga mw’izina rya Yezu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • «Inzira, ukuri n’ubuzima»
    “Ingo unkurikire”
  • Ku bijanye n’amasengesho Imana yumva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 28

Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Inyishu Bibiliya itanga

Dutegerezwa gusenga Imana mw’izina rya Yezu kuko ari bwo buryo bwonyene Imana yadushiriyeho kugira tuyiyegereze. Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) N’ikindi kandi, Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje.”—Yohani 16:23.

Izindi mvo zituma dusenga mw’izina rya Yezu

  • Tuba duteye iteka Yezu na Se wiwe Yehova Imana.—Abafilipi 2:9-11.

  • Tuba twerekanye ko dukenguruka urupfu rwa Yezu, tukabona ko ari yo ntunganyo Imana yadushiriyeho ngo turonke ubukiriro.—Matayo 20:28; Ivyakozwe 4:12.

  • Tuba twerekanye ko twemera uruhara ntangere Yezu afise rwo kuba umuhuza hagati y’Imana n’abantu.—Abaheburayo 7:25.

  • Tuba twerekanye ko twubaha igikorwa Yezu arangura bwa Muherezi Mukuru ashobora kudufasha kuba abantu bemewe imbere y’Imana.—Abaheburayo 4:14-16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika