ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 32
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera Isezerano rya kera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova boba bemera Isezerano rya kera?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki abakirisu bakeneye Isezerano rya kera be n’Isezerano rishasha?
  • “Vyanditswe kugira bitwigishe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera Isezerano rya kera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bibiliya ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Izina Yehova ryoba rikwiye kuboneka mw’Isezerano rishasha?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 32

Ivyabona vya Yehova boba bemera Isezerano rya kera?

Ego. Ivyabona vya Yehova baremera ko Bibiliya yose iyo iva ikagera ‘yahumetswe n’Imana kandi ko ari ngirakamaro.’ (2 Timoteyo 3:16) Aho harimwo Isezerano rya kera be n’Isezerano rishasha, nk’uko bakunze kuvyita. Mu bisanzwe, Ivyabona vya Yehova ivyo bice bigize Bibiliya bavyita Ivyanditswe vy’igiheburayo n’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Gutyo, tuba twirinze gutanga iciyumviro c’uko ibice bimwebimwe vya Bibiliya vyataye igihe canke ko bidahambaye.

Kubera iki abakirisu bakeneye Isezerano rya kera be n’Isezerano rishasha?

Intumwa Paulo, akaba yari umukirisu, ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe.” (Abaroma 15:4) Ku bw’ivyo, Ivyanditswe vy’igiheburayo birimwo amakuru y’agaciro kuri twebwe. Mu vyo bivuga harimwo inkuru z’ivyabaye zitugirira akamaro be n’impanuro ngirakamaro.

  • Inkuru z’ivyabaye zitugirira akamaro. Ivyanditswe vy’igiheburayo birimwo amakuru y’ido n’ido yerekeye irema be n’ingene vyagenze ngo abantu bacumure. Tudafise ayo makuru, ntitworonka inyishu zikora ku mutima z’ibibazo nk’ibi: Twakomotse he? Kubera iki abantu bapfa? (Itanguriro 2:7, 17) N’ikindi kandi, Ivyanditswe vy’igiheburayo birerekana ibintu Yehova Imana yakoranye n’abantu wasanga bashikirwa n’ibintu biteye umunezero be n’ingorane bimeze nk’ivyacu.​—Yakobo 5:​17.

  • Impanuro ngirakamaro. Igitabu ca Bibiliya c’Imigani be n’ic’Umusiguzi, ibiri mu bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo, birimwo impanuro ziranga ubukerebutsi zitugirira akamaro mu buzima kandi zidata igihe. Biratanga impanuro ku bijanye n’ukuntu twogira ubuzima bwo mu rugo buteye umunezero (Imigani 15:17), ukuntu twobona akazi mu buryo buri ku burimbane (Imigani 10:4; Umusiguzi 4:6) be n’ukuntu abakiri bato bokwungukira ku buto bwabo (Umusiguzi 11:9–​12:1).

N’ikindi kandi, turashobora kwungukira ku kwiga rya Tegeko rya Musa ryanditse mw’Itorati (ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya). Naho abakirisu batagengwa n’iryo Tegeko, ririmwo ingingo mfatirwako zishobora kudufasha kugira ubuzima buteye umunezero.​—Abalewi 19:18; Gusubira mu vyagezwe 6:​5-7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika